Intangamarara
KAZOZA KATUBIKIYE IKI?
Woba umaze kwibaza ingene wewe n’umuryango wawe muzoba mumerewe muri kazoza? Bibiliya ivuga iti:
“Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”—Zaburi 37:29.
Uwu Munara w’Inderetsi uragufasha gutahura umugambi mwiza cane Imana ifitiye abantu n’isi be n’ico utegerezwa gukora kugira ngo uwungukireko.