Ibirimwo
INDWI YO KU WA 25-31 KIGARAMA 2017
Kuva kera na rindi, abasavyi ba Yehova bamye babona ko kuririmba ari umuce uhambaye w’ugusenga kwabo. Naho ari ukwo, hari aboshobora kugira isoni zo kuririmba mu bantu. Twotsinda gute ubwoba bwo kuririmbira Yehova kubera ukuntu ijwi ryacu rimeze? Iki kiganiro kiratanga imvo zumvikana zo kuririmbana umunezero be n’ivyiyumviro vyodufasha kuryohora ijwi ryacu.
INDWI YO KU WA 1-7 NZERO 2018
8 Woba uriko urahungira kuri Yehova?
INDWI YO KU WA 8-14 NZERO 2018
13 Niwigane ubutungane bwa Yehova n’imbabazi ziwe
Turashobora gukura ivyigwa ngirakamaro kuri vya bisagara vy’ubuhungiro vyo muri Isirayeli ya kera. Mu kiganiro ca mbere, nurabe ingene muri iki gihe umucumuzi yohungira kuri Yehova. Mu gikurikira, nurabe ingene Yehova adufasha kubabarira abandi, gusonera ubuzima no gukurikiza ubutungane.
18 “Uwutanga cane azodoheshwa”
INDWI YO KU WA 15-21 NZERO 2018
20 Niwamirire kure ivyiyumviro vy’isi
INDWI YO KU WA 22-28 NZERO 2018
25 Ntureke ngo hagire ikikubuza kuronka agashimwe
Ibi biganiro bibiri bishingiye ku mpanuro Paulo yahaye abakirisu b’i Kolosayi. Ikiganiro ca mbere kirasigura ico twokora igihe twumvise ivyiyumviro vyo muri iyi si bisa n’ibikwegera canke n’ibijijura. Ica kabiri kiratwibutsa ingene twokwirinda ibintu vyotubuza kuronka imihezagiro Yehova yasezeranye.