Ibirimwo
3 Inkuru y’ubuzima—Gukora ivyo Yehova adusaba biravamwo imihezagiro
INDWI YO KU WA 27 MUNYONYO 2017–3 KIGARAMA 2017
7 “Dukundane . . . mu bikorwa no mu kuri”
Urukundo nyakuri ni rwo ruranga abakirisu b’ukuri. Iki kiganiro kiraca irya n’ino imice icenda twokwihatira kugaragazamwo urukundo “ruzira ubwiyorobetsi.”—2 Kor. 6:6.
INDWI YO KU WA 4-10 KIGARAMA 2017
12 Ukuri ntikuzana ‘amahoro, atari inkota’
Igihe incuti zacu ziterekwa ukuri vyoshobora gutuma tugira ingorane. Muri iki kiganiro, turihweza ingene twovyifatamwo igihe umuryango uturwanije.
17 Yozefu w’i Arimateya yerekana aho ahagaze
INDWI YO KU WA 11-17 KIGARAMA 2017
21 Ivyo Zekariya yeretswe bitwigisha iki?
INDWI YO KU WA 18-24 KIGARAMA 2017
26 Imikogote n’urugori bidukingira
Ibi biganiro biraca irya n’ino ivyo Zekariya yabonye mw’iyerekwa rya gatandatu, iry’indwi n’iry’umunani. Ibivugwa mw’iyerekwa rya gatandatu n’iry’indwi biradufasha guha agaciro agateka dufise ko gukorana n’ishirahamwe ry’Imana rityoroye. Iyerekwa ry’umunani riratwereka ingene Yehova akingira abasavyi biwe kugira bateze imbere ugusenga kw’ukuri.
32 Wari ubizi?