Ibirimwo
3 Imvugo yakora cane ku mutima!
INDWI YO KU WA 26 KIGARAMA 2016–1 NZERO 2017
4 Mugume muremeshanya ku musi ku musi
Yehova be na Yezu ni uburorero ntangere mu bijanye no kuremesha abandi. Intumwa Paulo na we nyene yabona ko kuremesha abandi bihambaye. Twiganye akarorero kabo bizotuma i muhira iwacu be no ku Ngoro y’Ubwami harangwa urukundo n’ukuremeshanya.
INDWI YO KU WA 2-8 NZERO 2017
9 Dutunganijwe hisunzwe Ijambo ry’Imana
INDWI YO KU WA 9-15 NZERO 2017
14 Woba uha agaciro cane Ijambo rya Yehova?
Ibi biganiro birishura ibibazo bikurikira: Kubera iki twokwitega ko abasavyi ba Yehova baba abatunganijwe neza? Ni mu buryo ki dutunganijwe hisunzwe Ijambo ry’Imana? Twokwerekana gute ko dushigikiye ishirahamwe rya Yehova tudahemuka?
INDWI YO KU WA 16-22 NZERO 2017
21 Yabahamagaye abakuye mu mwiza
INDWI YO KU WA 23-29 NZERO 2017
26 Baravavanuye n’idini ry’ikinyoma
Ibi biganiro birerekana ingene abasavyi b’Imana babaye imbohe za Babiloni be n’utwigoro abakirisu barobanuwe bagize mu myaka ya 1870 kugira ngo batahure neza Ijambo rya Yehova. Turihweza kandi impagararo ikomeye Abatohoji ba Bibiliya bagize ku bijanye na Babiloni Akomeye, tubone n’igihe bavavanuye burundu na Babiloni.