Ibirimwo
3 Baritanze babikunze muri Gana
INDWI YO KU WA 29 MYANDAGARO 2016–4 NYAKANGA 2016
7 Nurondere Ubwami, aho kurondera ibintu
Yezu yatwigishije ‘kubanza kurondera Ubwami,’ aho kurondera ibintu vy’umubiri. Twokwirinda gute guhahamira amaronko maze tukorosha ubuzima kugira ngo turushirize gukurikirana ivy’impwemu? Rimbura ibintu biremesha Yezu yavuze muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, tukaba tubisanga muri Matayo 6:25-34.
INDWI YO KU WA 5-11 NYAKANGA 2016
13 Kubera iki dukwiye ‘kuguma turi maso’?
Twebwe abakirisu, turakwiye gufatana uburemere impanuro Yezu yatanze idusaba ‘kuguma turi maso’ muri iyi misi ya nyuma. (Mat. 24:42) Kugira ngo tubishobore, turakwiye kwirinda ibintu vyodusamaza ngo ntitugume turikanuye ku bijanye n’ukuza kwa Yezu. Iki kiganiro kirasigura ingene twokwirinda ivyohava bidusamaza.
18 “Ntutinye. Jewe nzogufasha”
INDWI YO KU WA 12-18 NYAKANGA 2016
21 Dukenguruke ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana
INDWI YO KU WA 19-25 NYAKANGA 2016
26 Numenyekanishe inkuru nziza y’ubuntu ata wari abukwiriye
Ibi biganiro bibiri biraca irya n’ino uburyo butandukanye twungukira ku buntu ata wari abukwiriye bwa Yehova. Birasigura kandi igituma gukenguruka cane iyo ntunganyo iranga urukundo, bikwiye kutuvyurira umutima wo kumenyesha abandi ingene na bo nyene bokwungukira ku buntu ata wari abukwiriye bwa Yehova.