ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp16 no. 5 rup. 13
  • Intambara ya Dawidi na Goliyati​—Yoba yarabaye koko?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Intambara ya Dawidi na Goliyati​—Yoba yarabaye koko?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Ivyo bijanye
  • ‘Urugamba ni urwa Yehova’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Yararwanye n’ikigatanya
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Dawidi na Goliyati
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Dawidi na Goliyati
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
wp16 no. 5 rup. 13
Umwonga wa Ela

Umwonga wa Ela

Intambara ya Dawidi na Goliyati​—Yoba yarabaye koko?

Abantu bamwebamwe baribaza nimba inkuru ya Dawidi na Goliyati ari iy’ukuri canke nimba ari igitito. Igihe wasoma ikiganiro c’imbere y’iki, woba nawe wagize amakenga nk’ayo? Nimba wayagize, turakwinginze urimbure ibibazo bitatu bikurikira.

1 | Hari umuntu vy’ukuri yoreha n’imetero nka 2 na santimetero 90?

 Ca kigatanya Goliyati tukigereranije n’umusoda agereranye

Bibiliya ivuga ko uburebure bwa Goliyati “bwari amatambwe atandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora n’itambwe ry’intoke rimwe.” (1 Samweli 17:4) Itambwe rimwe uciriye mu nkokora ryangana na santimetero 44,5. Itambwe ry’intoke na ryo ryari santimetero 22,2. Ya matambwe atandatu rero be n’itambwe ry’intoke rimwe, bingana n’imetero 2 na santimetero hafi 90. Hari abatemera ko Goliyati yari afise uburebure nk’ubwo. Ariko muri kino gihe, ubushakashatsi bwerekana ko umuntu muremure kw’isi areha n’imetero 2 na santimetero zirenga 70. None kuba Goliyati yamurusha santimetero zidashika 20, coba ari ikintu kidashoboka? Goliyati yava mu muryango w’Abarefayimu, bakaba bari abantu b’igihagararo giteye ubwoba. Hari icandikano co mu Misiri co mu kinjana ca 13 imbere ya Kristu, kivuga ko abarwanyi bamwebamwe b’ibigatanya bo mu karere ka Kanani barenza imetero 2 na santimetero 40. Naho rero uburebure bwa Goliyati butari busanzwe, si ikintu kidashoboka.

2 | Dawidi yoba yarabayeho koko?

Hari abahinga bigeze kugerageza kwerekana ko Dawidi atabayeho, mugabo vyarabataye ku w’amazi. Abahinga mu vy’ubucukuzi barubutse ku candikano ca kera cari canditseko ngo “inzu ya Dawidi.” Vyongeye, Yezu Kristu yaravuze ko Dawidi yabayeho. (Matayo 12:3; 22:43-45) N’ikindi kandi, kuba Yezu ari we Mesiya biremezwa n’inkuru zibiri zerekana neza ko yakomotse ku Mwami Dawidi. (Matayo 1:6-16; Luka 3:23-31) Vy’ukuri, Dawidi yarabayeho.

3 | Ibivugwa muri iyo nkuru vyoba vyabereye ahantu habaho koko?

Bibiliya ivuga ko iyo ntambara yabereye mu mwonga wa Ela. Ariko iragera kure ikavuga ko Abafilisitiya bari bakambitse ku musozi, hagati y’ibisagara bibiri, ari vyo Soko na Azeka. Abisirayeli na bo bari bakambitse ku musozi wari hakurya y’uwo mwonga. None aho hantu hoba harabayeho koko?

Ingenzi imwe iherutse kuhagendera ivuga iti: “Uwadutembereza yaratujanye ku mwonga wa Ela, kandi ntiyari umuntu yitaho cane ivy’idini. Yaratuduganye mu kayira kadushikanye kw’isonga ry’umusozi. Twaciye duhindukira turaba mu mwonga, maze adusaba gusoma 1 Samweli 17:1-3. Yaciye atunga urutoki hakurya y’uwo mwonga, avuga ati: ‘Hariya ibubamfu mubona, hari ibisigarira vya Soko.’ Yarahindukiye, maze avuga ati: ‘Hariya iburyo na ho, hari ibisigarira vya Azeka. Abafilisitiya bakambitse hagati y’ivyo bisagara bibiri, kuri urya musozi wo hakurya. Aha turi rero hashobora kuba ari ho Abisirayeli bari bakambitse.’ Naciye mbona mu bwenge Sauli na Dawidi bahagaze aho nyene nari ndi. Twaciye tumanuka, turajabuka akagezi ko muri uwo mwonga kari mu gukama, kakaba kari kuzuyemwo amabuye. Naciye mbona mu bwenge Dawidi yunamye, ariko atora ya mabuye atanu yakuramwo iryo yicishije Goliyati.” Iyo ngenzi cokimwe n’abandi benshi, yaratangajwe n’ingene ibivugwa muri Bibiliya ari inkuru y’imvaho.

Nta mvo ifadika yotuma dukekeranya ko ibivugwa muri iyo nkuru bitabaye. Ivuga abantu babayeho koko be n’ahantu habaho. N’igihambaye kuruta, iyo nkuru iri mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe, ikaba rero yavuye kuri ya Mana y’ukuri, imwe “idashobora kubesha.”​—Tito 1:2; 2 Timoteyo 3:16.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika