ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/9 rup. 5
  • Bemera iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bemera iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Ivyabona vya Yehova bemera iki?
    Ivyabona vya Yehova bemera iki?
  • Kubera iki bamamaza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyabona vya Yehova bemera iki?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Ubwami bw’Imana ni iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/9 rup. 5
Umugabo n’umugore b’Ivyabona vya Yehova bariko bigisha Bibiliya abana babo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IVYABONA VYA YEHOVA NI BANDE?

Bemera iki?

Ivyabona vya Yehova bemera ko “icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi [ko ari] ngirakamaro.” (2 Timoteyo 3:16) Turisunga Bibiliya kugira idufashe kumenya ivyerekeye Umuremyi no kugira ubuzima bwiza.

Bibiliya ivuga iti: “[Ni]bamenye yuko wewe, uwitwa Yehova, ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.” (Zaburi 83:18) Ni co gituma dusenga Yehova Imana wenyene kandi kubera ko turi ivyabona vyiwe turihatira kumenyekanisha izina ryiwe.​—Yesaya 43:10-12.

Kubera ko turi abakirisu, turemera ko Yezu we “Mwana w’Imana,”a yaje kw’isi be n’uko ari Mesiya. (Yohani 1:34, 41; 4:25, 26) Amaze gupfa yarazutse asubira mw’ijuru. (1 Abakorinto 15:3, 4) Mu nyuma yarabaye Umwami w’Ubwami bw’Imana. (Ivyahishuwe 11:15) Ubwo Bwami ni intwaro ibaho koko izotuma isi isubira kuba Iparadizo. (Daniyeli 2:44) Bibiliya ivuga iti: “Abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”​—Zaburi 37:11, 29.

“Igihe bariko barasoma Bibiliya babona ko ari ijambo riva ku Mana. Igihe cose bahuye n’ingorane mu buzima, baca baronderera umuti wazo mw’Ijambo ry’Imana. . . . Babona ko Ijambo ry’Imana rigifise akamaro.”​—Vyavuzwe n’indongozi y’idini rya Gatolika yitwa Benjamin Cherayath mu kinyamakuru kimwe (Münsterländische Volkszeitung) co mu Budagi

Ivyabona vya Yehova bemera ko no muri iki gihe abantu bashobora kwungukira ku mpanuro ziri muri Bibiliya. (Yesaya 48:17, 18) Ni co gituma tuzikurikiza twitonze. Nk’akarorero, kubera ko Bibiliya idusaba kwirinda ibintu vyonona umubiri n’ubwenge, ntitunywa itabi canke ibiyayuramutwe. (2 Abakorinto 7:1) Turirinda kandi ingeso Bibiliya yiyamiriza nk’akaborerwe, ubuhumbu no kwiba.​—1 Abakorinto 6:9-11.

a Bibiliya ivuga kandi ko Yezu ari “Umwana w’Imana w’ikinege” kubera ko ari we Yehova yabanje kurema kandi akamurema ata wundi abicishijeko.​—Yohani 3:18; Abakolosayi 1:13-15.

Abavyeyi bariko baramwenyura igihe agahungu kabo gatekuruye ingabirano bagahaye

Nimba ushaka kumenya ivyo twemera, nk’igituma tudahimbaza imisi mikuru imwimwe canke tudaterwa amaraso, ja kuri www.jw.org, urabe ahavuga ngo IBITWEREKEYE > IBIBAZO BIKUNZE KUBAZWA.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika