ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/9 rup. 3
  • Ivyabona vya Yehova ni bande?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyabona vya Yehova ni bande?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Ivyabona vya Yehova boba ari abakirisu b’ukuri?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ivyabona vya Yehova boba bahata abana babo ngo na bo babe Ivyabona?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/9 rup. 3
Umugore ariko araraba Ivyabona vya Yehova bariko baramamaza bakoresheje akantu k’amapine ko guterekako ibitabu

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ivyabona vya Yehova ni bande?

“Hari haciye imyaka tuzinanye na Mike. Ni Icabona ca Yehova. Ariko sinatahura iryo dini. Uwo Yehova ni nde? Ni kubera iki Ivyabona badahimbaza imisi mikuru? Ubwo Mike ntiyoba yarahenzwe n’akadumbi k’idini?”​—Becky w’i Kaliforniya muri Amerika.

“Igihe ababanyi banje batangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, naribajije nti: ‘Iryo zina Ivyabona vya Yehova risobanura iki? Idini ryitwa ukwo? Iryo zina numva ritabaho!’”​—Zenon w’i Ontario muri Kanada.

“Jewe n’umugore wanje twarumva twiyagirije kubera ko tutaja gusenga. Twabona ko ari yo mpamvu Ivyabona vya Yehova batugendera. Ariko twaribaza duti: Nimba amadini akomakomeye ata co yashoboye kudufasha, ako kadumbi k’Ivyabona vya Yehova koko kodufasha iki?”​—Kent w’i Washington muri Amerika.

“Mu vy’ukuri sinari nzi abo ari bo be n’ivyo bemera.”​—Cecilie w’i Esbjerg muri Danemarke.

Ushobora kuba umaze kubabona bariko baravuga ubutumwa inzu ku nzu canke ahandi hantu, bariko baratanga ibitabu bishingiye kuri Bibiliya canke bariko barigisha abantu Bibiliya ku buntu. Umwe muri bo ashobora kuba ari we yaguhaye iki kinyamakuru. Naho ari ukwo, ushobora kuba wibaza uti: Ivyabona vya Yehova ni bande vy’ukuri? Kumbure ubona ibintu nk’umwe muri abo bantu bahejeje kuvugwa.

Nimba wibaza ivyo bibazo, wokura he inyishu? Womenya gute ivyo Ivyabona vya Yehova bemera? Bakura he amahera bakoresha mu gikorwa barangura no mu kwubaka aho basengera? Kubera iki bagendera abantu ku mihana yabo canke mu bindi bibanza?

Cecilie umwe twavuga, agira ati: “Narasomye ibintu vyinshi vyerekeye Ivyabona vya Yehova kuri internet. Narumvise ibihuha be n’amajambo menshi abavuga nabi. Ivyo vyatumye ndabishiramwo nabi.” Ariko rero mu nyuma Cecilie yarivuganiye n’Ivyabona vya Yehova maze ibibazo vyiwe arabironkera inyishu zitomoye.

Woba wipfuza kuronka inyishu zitomoye ku bibazo ufise vyerekeye Ivyabona? Tukuremesheje kuganira n’Ivyabona vya Yehova ubwabo kuko ari bo bashoboye kukwishura neza. Ni na bo basohora iki kinyamakuru. (Imigani 14:15) Twizigiye yuko ibiganiro bikurikira biza kugufasha kumenya abo turi be n’ivyo twemera, wongere utahure ibijanye n’igikorwa dukora.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika