ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/4 rup. 3
  • Kubera iki abantu basenga?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki abantu basenga?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Kwiyegereza Imana mw Isengesho
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Yezu aratwigisha gusenga
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/4 rup. 3
Akana k’agahungu kariko karasenga

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | WOBA UKWIYE GUSENGA?

Kubera iki abantu basenga?

Woba ukunda gusenga? Abantu benshi, mbere n’abatemera Imana, barakunda gusenga. Ariko none, ni kubera iki abantu basenga? Twisunze itohoza ryagizwe mu Bufaransa, ica kabiri c’Abafaransa birashika bagasenga canke bakazirikana “kugira gusa bumve bamerewe neza.” Nk’uko biri ku Banyaburaya benshi, ntibasenga kugira biyegereze Imana. Ahubwo babigira kugira ngo “batururuze ivyiyumviro vyabo biciye kw’isengesho.” Ku rundi ruhande, abemera Imana bamwebamwe bayitura igihe gusa hari ivyo bakeneye, biteze ko ica ibishura ubwo nyene.​—Yesaya 26:16.

Weho gute? Woba wibaza ko isengesho ari uburyo gusa bugufasha kwiyumvira neza? Nimba wemera Imana, woba ubona ico isengesho rikumariye mu buzima canke ubona umengo amasengesho yawe ntiyishurwa? Bibiliya irashobora kugufasha kubona isengesho nk’uburyo buhambaye bwo kwiyegereza Imana, aho kuribona gusa nk’ikintu kigufasha kwumva umerewe neza.

Abantu bariko barasenga: Umukinyi w’umupira ahejeje gutsinda, umugabo ari kumwe n’umugore wiwe arwariye mu bitaro, abasoda bari mu ntambara
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika