ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/12 rup. 3
  • Kubera iki ico kibazo kivyuka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki ico kibazo kivyuka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Uwutemera Imana Uzomubwira Iki?
    Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Woba ukwiye kuja mw’idini?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/12 rup. 3

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Kubera iki ico kibazo kivyuka?

“Woba ubayeho neza naho utemera Imana? Abantu amamiliyoni ni ko babayeho.” Ayo ni amajambo abahakanamana baherutse kwandikisha ku capa bakotesheje mu gihugu kimwe. Biboneka ko babona yuko badakeneye Imana.

Ku rundi ruhande, abenshi mu bavuga ko bemera Imana usanga bafata ingingo ziterekana ko bayemera vy’ukuri. Salvatore Fisichella, akaba ari umusenyeri mukuru wa Ekleziya Gatolika, yavuze ku bijanye n’abo mw’idini arimwo ati: “Muri iki gihe, ngira nta n’umwe yomenya ko turi abakirisu kubera ko tubayeho cokimwe n’abatemera.”

Bamwe usanga batwarwa n’ivyabo ntibaronke umwanya wo kwiyumvira ivyerekeye Imana. Babona ko ata kibanza gihambaye yogira mu buzima bwabo kubera ko iri kure cane ku buryo ata woyishikira. Abantu nk’abo usanga bibuka Imana igihe gusa bari mu ngorane canke bari n’ico bakeneye, nk’aho umengo Imana ni umukozi abakorera ico bipfuza cose.

Abandi na bo usanga babona ko inyigisho z’idini barimwo ata kamaro kanini zifise, canke ugasanga ntibazikurikiza naho boba babona ko ziri n’akamaro. Nk’akarorero, ibice 76 kw’ijana vy’abagatolika bo mu Budagi babona ko ata kibi kirimwo umugabo n’umugore bibaniye batarubakana, ivyo bikaba biteye kubiri na Bibiliya be n’ivyo idini ryabo ryigisha. (1 Abakorinto 6:18; Abaheburayo 13:4) Ariko ntiwumve, abagatolika si bo bonyene babona ko babayeho batisunga ivyo idini ryabo ryigisha. Abakuru b’amadini menshi baridoga bavuga ko abayoboke b’amadini yabo bigenza nk’ “abahakanamana.”

Ubwo burorero buca butuma umuntu yibaza ati: Twoba dukeneye Imana vy’ukuri? Ico kibazo si gishasha. Catanguye kuvyuka mu nkuru zivugwa mu gitabu ca mbere ca Bibiliya. Kugira ngo turonke inyishu y’ico kibazo, reka twihweze ibibazo nka bingahe biri mu gitabu co muri Bibiliya citwa Itanguriro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika