ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/8 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Niwiyegereze Imana mw’isengesho
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Kwiyegereza Imana mw Isengesho
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Wokwiyegereza Imana gute?
    Inkuru nziza iva ku Mana
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/8 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Imana yoba yumviriza amasengesho yose?

Imana irumviriza abantu bo mu mahanga yose. (Zaburi 145:18, 19) Ijambo ryayo Bibiliya riraturemesha kuyibwira ibituraje ishinga vyose. (Abafilipi 4:6, 7) Ariko rero, hariho amasengesho adahimbara Imana. Nk’akarorero, gusubiramwo amasengesho umuntu yafashe ku mutwe ntibiyihimbara.—Soma Matayo 6:7.

Vyongeye, Yehova aranka amasengesho y’abantu barenga n’ibigirankana kw’itegeko ryiwe. (Imigani 28:9) Nk’akarorero, mu bihe vya Bibiliya, Imana yaranse kwumviriza Abisirayeli bagirwa n’ubwicanyi. Biragaragara rero yuko hari ibintu dutegerezwa gushitsa nimba twipfuza ko Imana itwumviriza.—Soma Yesaya 1:15.

Twokora iki kugira ngo Imana itwumvirize?

Ntidushobora kwiyegereza Imana mw’isengesho tutagira ukwizera. (Yakobo 1:5, 6) Dutegerezwa kwemera ko ibaho be n’uko itwitwararika. Turashobora gukomeza ukwizera kwacu mu kwiga Bibiliya, kuko ukwizera nyakuri gushingiye ku bimenyamenya be n’imihango biri mw’Ijambo ry’Imana.—Soma Abaheburayo 11:1, 6.

Dukwiye gusenga twicishije bugufi kandi tukavuga ibivuye ku mutima. N’Umwana w’Imana, Yezu, yaricisha bugufi mu gusenga. (Luka 22:41, 42) Aho kubwira rero Imana ivyo yokora, dukwiye kurondera gutahura ivyo idusaba mu gusoma Bibiliya. Aho ni ho twosenga duhuza n’ukugomba kw’Imana.—Soma 1 Yohani 5:14.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 17 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Iki kiganiro urashobora kukivoma kuri www.jw.org

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika