ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/7 rup. 16
  • INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Incungu ni ingabire iruta izindi zose
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Yezu Kristu ni nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Yezu Kristu ni nde?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Incungu ya Kirisitu—Ni Yo Nzira Imana Ikirizamwo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/7 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Ubuzima budahera bwoba bushoboka?

Ni igiki gishobora gutuma dukira urupfu?

Umuntu wa mbere Adamu yamaze imyaka amajana. Ariko yahavuye asaza, mu nyuma arapfa. Kuva ico gihe, abantu nta ko batagize ngo ntibasaze. Mugabo nta n’umwe arashobora guhunga urupfu. Kubera iki? Icatumye Adamu asaza hanyuma agapfa ni uko yacumuye mu kugambararira Imana. Natwe dusaza kubera ko Adamu yaturaze igicumuro be n’ingaruka yaco, ari rwo rupfu.​—Soma Itanguriro 5:5; Abaroma 5:12.

Kugira ngo turonke ubuzima budahera, turakeneye uwudutangira incungu. (Yobu 33:24, 25) Incungu ni ikiguzi gitangwa kugira ngo umuntu abohorwe. Twebwe abantu dukeneye kubohorwa mu vyara vy’urupfu. (Kuvayo 21:29, 30) Yezu yaratanze ico kiguzi mu kudupfira.​—Soma Yohani 3:16.

Twokora iki ngo turonke ubuzima budahera?

Si abantu bose bazobohorwa bagakira indwara n’ubusaza. Abantu bagambararira Imana nk’uko Adamu yabigize, ntibazokwemererwa kubandanya kubaho. Abantu bahariwe ibicumuro vyabo ni bo gusa bazokwironkera ubuzima budahera.​—Soma Yesaya 33:24; 35:3-6.

Kugira ngo duharirwe, hari ico dutegerezwa gukora. Turakeneye kumenya Imana biciye ku kwiga Ijambo ryayo Bibiliya. Iratwigisha ingene twobaho mu buryo bwiza kuruta be n’ico twokora ngo dushimwe n’Imana maze turonke ubuzima budahera.​—Soma Yohani 17:3; Ivyakozwe 3:19.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 3 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika