WOBA UVYIBUKA?
Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
Gukoresha Bibiliya mu buryo bw’ibintazi ni iki, kandi abakirisu bakwiye kubibona gute?
Gukoresha Bibiliya mu buryo bw’ibintazi ni umugenzo wo gupfa kuyizingurura wizigiye ko icanditswe ushikirako kirimwo imfashanyo ukeneye. Abakirisu b’ukuri ntibarondera ibimenyetso bitara ibizoba. Ahubwo nyabuna, bariga Bibiliya kugira ngo baronke ubumenyi butagira amakosa be n’ubuyobozi buva ku Mana.—15/12, urupapuro rwa 3.
“Isi” izohita ni iyihe?
“Isi” izohita ni abantu babaho badakora ivyo Imana igomba. (1 Yoh. 2:17) Isi-butaka be n’abantu b’abizigirwa bizorokoka.—1/1, urupapuro rwa 5-7.
Naho Abeli yapfuye, ni gute akigira ico atubwira? (Heb. 11:4)
Abigira biciye ku kwizera. Turashobora kugira ico twigiye ku kwizera kwiwe tukongera tukakwigana. Akarorero yasize karacafise ico katwigisha kandi karakomeye.—1/1, urupapuro rwa 12.
Ni mu mice iyihe dukwiye kuba maso kugira ngo ntitureke ngo hagire ikidutandukanya n’Imana?
Imwimwe ni iyi: akazi dukora canke umwuga, ukwiruhura n’ukwisamaza duhitamwo, ukwifatanya n’incuti yaciwe, ugukoresha ubuhinga bwa none, ukwitwararika amagara yacu, ukubona amahera mu buryo butabereye, ukubona ko ivyiyumviro vyacu canke ikibanza turimwo bihambaye cane.—15/1, urupapuro rwa 12-21.
Dushobora kwigira iki ku kwicisha bugufi kwa Musa?
Aho kureka ngo ubukuru yari afise butume agira ubwibone, Musa yizigiye Imana aho kwizigira ubwenge bwiwe. Ntitwipfuza kureka ngo ububasha, ubukuru canke ubuhanga twoba dufise bitume tugira ubwibone; ahubwo, twipfuza kwizigira Yehova. (Imig. 3:5, 6)—1/2, urupapuro rwa 5.
Abazozuka bazoba he?
Abantu bakeyi, ni ukuvuga 144.000, bazoba mw’ijuru. Ariko benshi bazozukira kuba kw’isi, biteze kuhaba ibihe bidahera.—1/3, urupapuro rwa 6.
Kuba Abisirayeli ‘batari baragenyerewe mu mutima’ vyasobanura iki? (Yer. 9:26)
Baragarariza n’akagagazo bakaba rero bari bakeneye gukuraho ibintu vyatuma umutima wabo ukomantara, ivyo na vyo bikaba vyari ivyiyumviro, ivyipfuzo, ni ukuvuga imvo zatuma bakora ibintu zari ziteye kubiri n’iz’Imana. (Yer. 5:23, 24)—15/3, urupapuro rwa 9-10.
Yezu yatanze gute akarorero mu bijanye no kubaho umuntu ahimbawe?
Yari afise intumbero mu buzima, iyo na yo ikaba yari iyo gukora ivyo Imana igomba. Yarakunda cane Se akongera agakunda abantu. Gutyo, Yezu yari azi ko Se amukunda akongera akamushima. Ivyo ni vyo bituma umuntu abaho ahimbawe.—1/4, urupapuro rwa 4-5.
Igice co kw’isi c’ishirahamwe ry’Imana kigizwe n’ibiki?
Kigizwe n’Inama Nyobozi, amakomite y’amashami, abacungezi b’ingenzi, inama z’abakurambere, amashengero be n’Ivyabona umwe wese ukwiwe.—15/4, urupapuro rwa 29.
Kubera iki twovuga yuko Imana itabaye ruburakigongwe mu gutanga ibihano?
Yehova ntahimbarwa n’uko umubisha apfa. (Ezk. 33:11) Ivyo yakoze kera birerekana ko imbere yo gutanga igihano abanza kuburira abantu abigiranye urukundo. Ivyo birashobora gutuma twizigira kuzorokoka ibihano izotanga muri kazoza.—1/5, urupapuro rwa 5-6.
Abisirayeli boba barica inkozi z’ikibi mu kuzimanika ku giti?
Oya. Ayandi mahanga ya kera yarabigira mugabo Abisirayeli nta vyo bagira. N’imiburiburi mu gihe c’Ivyanditswe vy’igiheburayo, inkozi z’ikibi zabanza kwicwa, nk’akarorero mu kuzitera amabuye. (Lew. 20:2, 27) Ikiziga caca kimanikwa ku giti kugira ngo kibere abandi ingabisho.—15/5, urupapuro rwa 13.
Kubera iki bigoye cane kuronka amahoro kw’isi?
Naho abantu bashitse ku bintu vyinshi, ntibafise ubushobozi bwo kuyobora intambuko zabo. (Yer. 10:23) Kubera ko Shetani ari we aganza isi, abantu ntibazoshobora kuzana amahoro kw’isi. (1 Yoh. 5:19)—1/6, urupapuro rwa 16.