ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/6 rup. 14-15
  • Icigwa twokwigira ku nkozi y’ikibi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Icigwa twokwigira ku nkozi y’ikibi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • “Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Ni bande bazozuka? None bazoba hehe?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • “Tuzosubira muri Paradizo!”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ya Paradizo ivugwa muri Bibiliya iri hehe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/6 rup. 14-15

NIWIGISHE ABANA BAWE

Icigwa twokwigira ku nkozi y’ikibi

Inkozi y’ikibi twogira ico twigiyeko ni iyo ubona Yezu ariko aravugisha kuri iyi shusho. Iyo nkozi y’ikibi iricuza ibibi yakoze. Irasaba Yezu iti: “Urazonyibuka niwashika mu bwami bwawe.” Nk’uko ubibona kuri iyi shusho, Yezu ariko aravugana n’iyo nkozi y’ikibi. Urazi ico Yezu ariko arayibwira?—a Yezu ariko ayisezeranira ati: “Ni ukuri ndabikubwiye uno musi: Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.”

Wiyumvira ko iyo Paradizo izoba imeze gute?— Kugira twishure neza ico kibazo, reka tuganire ku vyerekeye Iparadizo Imana yatunganirije umugabo n’umugore ba mbere Adamu na Eva. Iyo Paradizo yari hehe? Yari mw’ijuru canke yari kw’isi?—

Uvuze ko yari kw’isi, uzoba wishuye neza. Ku bw’ivyo, iyo nkozi y’ikibi Yezu yasezeraniye kuba “mw’Iparadizo,” izoba ng’aha kw’isi igihe isi izoba yabaye iparadizo. Iyo Paradizo izoba imeze gute?— Reka tubirabe.

Bibiliya ivuga yuko Yehova Imana amaze kurema umugabo n’umugore ba mbere, Adamu na Eva, yabashize mw’iparadizo ng’aha kw’isi. Iyo paradizo yitwa “umurima [wo] muri Edeni.” Wiyumvira ko uwo “murima [wo] muri Edeni” wari ufise ubwiza bungana gute?— Emwe, hategerezwa kuba hari ahantu heza kandi haryoheye ijisho kuruta ahandi hose umuntu amaze kubona!

Uvyibazako iki? Yezu yoba azoba ari ng’aha kw’isi ari kumwe na ya nkozi y’ikibi yicuza ibicumuro vyayo?— Oya, Yezu azoba ari mw’ijuru ari Umwami aganza isi izoba yabaye Iparadizo. Yezu rero azoba ari kumwe n’iyo nkozi y’ikibi kubera ko azoyizura mu bapfuye akongera akayitwararika muri iyo si izoba yabaye Iparadizo. Kubera iki none Yezu azoreka uwo mugabo yahoze ari inkozi y’ikibi ngo abe mw’Iparadizo?— Reka tubirabe.

Ni ivy’ukuri ko iyo nkozi y’ikibi yakoze ibintu bibi cane. Mugabo hariho n’abandi bantu amamiliyoni n’amamiliyoni baba kw’isi bakoze ibibi. Ariko rero, benshi muri bo bakoze ibibi kubera ko batigeze bigishwa ivyerekeye Yehova n’ivyo yashaka ko bakora.

Abantu bameze nk’abo rero, harimwo na ya nkozi y’ikibi Yezu yavugisha ku giti co kubabarizwako, bazozurwa babe mw’Iparadizo ng’aha kw’isi. Bazokwigishwa ivyo Imana igomba baheze berekane nimba bakunda Yehova.

Woba uzi ingene bashobora kwerekana ko bakunda Yehova?— Ni mu gukora ivyo Imana igomba ko bakora. Ese ingene bizoba bihimbaye kuba mw’Iparadizo, ukama uri kumwe n’abantu bakunda Yehova bagakunda na bagenzi babo!

Soma muri Bibiliya yawe

  • Luka 23:32-43

  • Itanguriro 2:7-9

  • Ivyahishuwe 21:3-5

a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika