IVYO MU BUSHINGURO BWACU
Barahagaze bashikamye mu gihe c’“ukugeragezwa”
INTAMBARA ya mbere y’isi yose yadutse mu 1914, yahavuye ituma abantu benshi bamenya yuko Abatohoji ba Bibiliya batagira aho bahengamiye mu vy’iyi si. (Yes. 2:2-4; Yoh. 18:36; Ef. 6:12) None abasavyi b’Imana bo mu Bwongereza bavyifashemwo gute?
Henry Hudson
Mu 1916, mu Bwongereza harasohowe itegeko ryasaba abagabo batubatse bafise imyaka iri hagati ya 18 na 40 kuja mu gisirikare. Iryo tegeko ryaremera ko abanse kuja mu gisirikare babitumwe koko n’“ivyo bemera mu vy’idini canke ijwi ryabo ryo mu mutima” babareka. Leta yarashizeho amasentare yari ajejwe kwihweza ivy’ico kibazo.
Mu kiringo gitoyi, Abatohoji ba Bibiliya bashika kuri 40 bari bapfungiwe mu mabohero ya gisirikare, umunani na bo bakaba bari bararungitswe ku rugamba mu Bufaransa. Abavukanyi bo mu Bwongereza babitumwe n’ico kintu kiranga akarenganyo, barandikiye ikete Umushikiranganji wa mbere Herbert Asquith biyamiriza ukwo gupfungwa, rikaba ryari ryashizweko umukono n’abantu 5.500.
Baciye baronka amakuru avuga ko bamwe umunani bari barungitswe mu Bufaransa bari bakatiwe urwo kuraswa bahorwa ko banse kugira uruhara mu ntambara. Mugabo igihe abo bavukanyi batondeshwa umurongo kugira ngo baraswe, urwo bari bakatiwe rwarahindutse ruba urwo gupfungwa imyaka 10. Barasubijwe mu Bwongereza kugira ngo bapfungirwe mu mabohero y’abasivile.
James Frederick Scott
Kubera ko iyo ntambara yatevye guhera, abagabo bubatse na bo nyene barasabwe kuja mu gisirikare. Mu rubanza izindi manza zokwisunze rwabereye i Manchester mu Bwongereza, nyene kuburana yari Henry Hudson, uno akaba yari umuganga n’Umutohoji wa Bibiliya. Kw’igenekerezo rya 3 Myandagaro 1916, sentare yaciye urubanza rw’uko yari umugarariji, imuca ihadabu iraheza imushikiriza igisirikare. Muri ico gihe nyene, hari urundi rubanza izindi manza zokwisunze rwumviririjwe i Edinburgh muri Ekose. Uwitwa James Frederick Scott, akaba yari umu colporteur yari afise imyaka 25, yarambitswe izera. Umushikirizamanza yarunguruje urwo rubanza mugabo ararureka kugira ngo yitwararike urundi rubanza nk’urwo i Londres. Ico gihe, umuvukanyi yitwa Herbert Kipps yarakubiswe intahe mu gahanga, aracibwa ihadabu maze ashikirizwa igisoda.
Muri Nyakanga 1916, abavukanyi 264 bari barasavye kutaja mu gisirikare. Muri abo, batanu baremerewe, 154 bahabwa “igikorwa giteza imbere igihugu,” 23 bashingwa ibikorwa mu gisirikare bidasaba kuja ku rugamba, 82 bashikirizwa igisirikare, bamwebamwe muri bo baracirwa urubanza na sentare ya gisirikare bahorwa ko bagararije. Abantu benshi bariyamirije ukuntu abo bagabo bafatwa bunyamaswa, akaba ari co gituma Leta yabakuye mu mabohero ya gisirikare ikabashira mu makambi yakorerwamwo ibikorwa vy’abasivile.
Pryce Hughes
Edgar Clay na Pryce Hughes, uno akaba yahavuye aba umuhagarikizi w’ishami ryo mu Bwongereza, bakorera ku rugomero rwo mu gihugu ca Galles. Ariko rero, Herbert Senior, umwe muri bamwe umunani bari bagarukanywe bakuwe mu Bufaransa, yarungitswe mw’ibohero ry’i Wakefield muri Yorkshire. Abandi barashikije igihano baciriwe co gukora ibikorwa biruhisha batorohewe na gato mw’ibohero ry’i Dartmoor, aho bari bagize umugwi munini kuruta iyindi yose y’abantu banse kuja mu gisirikare babitumwe n’ijwi ryo mu mutima.
Frank Platt, akaba yari Umutohoji wa Bibiliya yari yemeye gukora ibikorwa bitasaba kuja ku rugamba, yarahamwe igihe kirekire kandi bunyamaswa igihe yarungikwa ku rugamba. Atkinson Padgett, uwamenye ukuri haciye igihe gito yiyandikishije mu gisirikare, na we nyene yarakorewe amabi n’abakuru b’igisirikare kubera ko yanse kuja mu ntambara.
Herbert Senior
Naho abavukanyi bacu bo mu myaka nk’ijana iheze bashobora kuba batatahura neza impagararo twebwe abakirisu dufise yo kutagira aho duhengamiye mu vy’isi, bararondeye guhimbara Yehova Imana. Abavuzwe muri iyi nkuru barasize akarorero keza ko kutagira aho bahengamira mu gihe c’“ukugeragezwa” kigoye bimwe bidasanzwe. (Ivyah. 3:10)—Vyakuwe mu bubiko bwacu bwo mu Bwongereza.