NIWIYEGEREZE IMANA
“Ibwirizwa rya mbere muri yose ni irihe?”
Bisaba iki kugira ngo umuntu ahimbare Imana? Hoba hari amategeko umuyoro umuntu ategerezwa gukurikiza? Nureme, si ko biri. Nk’uko Yezu Kristu Umwana w’Imana yabivuze, ivyo Imana idusaba twobivuga mw’ijambo rimwe gusa.—Soma Mariko 12:28-31.
Reka tubanze turimbure ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe Yezu yavuga ayo majambo. Hari ku wa 11 Nisani, imisi mikeyi imbere y’uko yicwa, akaba yariko yigishiriza ku rusengero. Abansi biwe baragerageje kumutega imitego mu kumubaza ibibazo vyari biteye impari. Uko bamubaza ni ko yabaha inyishu ku buryo ata co basubizayo. Ni kwo guca bamubaza bati: “Ibwirizwa rya mbere muri yose ni irihe?”—Umurongo wa 28.
Ico kibazo nticari coroshe. Abayuda bamwebamwe baraharira barondera kumenya itegeko rya mbere mu mategeko arenga 600 yari agize rya Tegeko rya Musa, ni ukuvuga iryari rihambaye kuruta ayandi. Abandi na bo biboneka ko bemeza yuko amategeko yose angana be n’uko bitari bikwiriye ko umuntu afata amategeko amwe akayarutisha ayandi. None Yezu yishuye gute ico kibazo?
Mu kwishura ico kibazo, Yezu ntiyavuze ibwirizwa rimwe ariko yavuze amabwirizwa abiri. Ubwa mbere yavuze ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.” (Umurongo wa 30; Gusubira mu vyagezwe 6:5) Amajambo “umutima,” “umuzirikanyi,” “ubuzima” n’“inkomezi” arafitaniye isano rya hafi cane.a Ivyo bisobanura yuko umuntu ategerezwa gukunda Yehova ata kintu yisigarije, akamukundisha ubushobozi bwiwe bwose n’ivyo afise vyose. Igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kibivuga mu majambo agira ati: “Imana itegerezwa gukundwa bimwe vyuzuye kandi biherejeko.” Nimba ukunda Imana gutyo, uzokora uko ushoboye kwose kugira ngo buri musi ubeho mu buryo butuma igushima.—1 Yohani 5:3.
Ubugira kabiri, Yezu yavuze ati: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Umurongo wa 31; Abalewi 19:18) Gukunda Imana no gukunda bagenzi bacu birajana. Gukunda abantu biva ku gukunda Imana. (1 Yohani 4:20, 21) Igihe dukunda bagenzi bacu nk’uko twikunda, tubafata nk’uko twipfuza ko na bo badufata. (Matayo 7:12) Tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye ko dukunda Imana yaturemye twese mw’ishusho yayo.—Itanguriro 1:26.
Ivyo Yehova asaba abasavyi biwe vyose twobivuga mw’ijambo rimwe gusa: urukundo
None ayo mabwirizwa adusaba gukunda Imana na mugenzi wacu ahambaye ku rugero rungana iki? Yezu yavuze ati: “Nta rindi bwirizwa ririho riruta ayo.” (Umurongo wa 31) Mu nkuru yo muri Matayo, Yezu yavuze yuko ayandi mabwirizwa yose yenena kuri ayo abiri.—Matayo 22:40.
Guhimbara Imana si amananiza. Ivyo idusaba vyose twobivuga mw’ijambo rimwe gusa: urukundo. Ico ni ikintu Imana yamye kandi izokwama isaba abayisenga. Ariko urukundo si amajambo gusa canke inyiyumvo; rubonekera mu bikorwa. (1 Yohani 3:18) Ubona gute wize ingene wotsimbataza ukongera ukagaragaza urwo ukunda Yehova, ya Mana Bibiliya ivuga ko “ari urukundo”?—1 Yohani 4:8.
Aho tukuremesheje gusoma muri Ntwarante
Mariko 9–-16Luka1-6
a Iryo jambo “ubuzima” rishaka kuvuga umuntu wese uko yakabaye, aho hakaba hajamwo “umutima,” “umuzirikanyi” n’“inkomezi.”