ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/1 rup. 9
  • ‘Wabihishuriye inzoya’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Wabihishuriye inzoya’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Twigane ya Mana y’ukuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Abakirisu Basenga mu Mpwemu no mu Kuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • “Nzogendera mu kuri kwawe”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Vyoba bigikenewe ko tumenya ukuri?
    Ibindi biganiro
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/1 rup. 9

NIWIYEGEREZE IMANA

‘Wabihishuriye inzoya’

Woba wipfuza kumenya ukuri kwerekeye Imana, ni ukuvuga kumenya iyo ari yo, ivyo ikunda n’ivyo yanka be n’ivyo igomba? Yehova Imana arahishura mw’Ijambo ryiwe, Bibiliya, ukuri kwose ku bimwerekeye. Ariko si uwo ari we wese apfa gusoma Bibiliya ngo ace atahura neza ukwo kuri. Kubera iki? Kubera ko gutahura ukwo kuri kwerekeye Imana ari agateka umuntu aterwa, kandi akaba atari uwo ari we wese akaronka. Reka turabe ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’ivyo.—Soma Matayo 11:25.

Uwo murongo utangura n’amajambo avuga ati: “Muri uwo mwanya Yezu aca avuga ati.” Ku bw’ivyo, ivyo Yezu agira avuge, ashobora kuba agomba kubivuga kubera ibihejeje kuba. Ahejeje gutera ivyatsi ibisagara bitatu vy’i Galilaya kubera ko abantu baho banse kuba abigishwa biwe kandi yarakoreye ibikorwa vy’ububasha muri ivyo bisagara. (Matayo 11:20-24) Kumbure wokwibaza uti: ‘Ni nde ga yemwe yari kubona ibitangaro Yezu yakora hanyuma ntiyizere ukuri yigisha ngo abe umwigishwa wiwe?’ Abo bantu banse kuba abigishwa biwe kubera ko bari bafise imitima y’intabarirwa.—Matayo 13:10-15.

Yezu yari azi neza ko kugira ngo dutahure ukuri kwo muri Bibiliya, dukeneye ibintu bibiri: Gufashwa n’Imana be no kugaragaza agatima keza. Yezu yasiguye ati: “Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije inkerebutsi n’incabwenge, ukabihishurira inzoya.” Woba ubona igituma twovuga ko gutahura ukuri kwerekeye Imana kuri muri Bibiliya ari agateka umuntu aterwa? Kubera ko Yehova ari we “Mukama w’ijuru n’isi,” arafise uburenganzira bwo guhitamwo guhisha canke guhishura ukwo kuri. Ariko Imana ntipfa gusa guhisha canke guhishura ukwo kuri ata co yisunze. Yisunga iki none kugira ngo bamwe ibahishurire ukuri kwo muri Bibiliya, abandi ntikubahishurire?

Yehova akunda abicisha bugufi, ntakunda abibona. (Yakobo 4:6) Arahisha ukuri “inkerebutsi n’incabwenge,” ni ukuvuga abantu isi yita inkerebutsi n’incabwenge, bano bakaba batabona ko bakeneye ko Yehova abafasha kubera ubwibone bwabo n’ukwiyizigira kwabo. (1 Abakorinto 1:19-21) Mugabo ukwo kuri aguhishurira “inzoya,” ni ukuvuga abantu baza kuri we ata buryarya kandi bicisha bugufi nk’abana batoyi. (Matayo 18:1-4; 1 Abakorinto 1:26-28) Yezu Umwana w’Imana yariboneye iyo migwi ibiri y’abantu. Abakuru b’idini benshi b’abanyabwibone kandi bize amashure ahanitse ntibatahuye ubutumwa Yezu yashikiriza, mugabo abarovyi baciye bugufi bobo barabutahuye. (Matayo 4:18-22; 23:1-5; Ivyakozwe 4:13) Ariko ntiwumve, bamwebamwe mu bantu batunze kandi bize baricishije bugufi vy’ukuri, baracika abayoboke ba Yezu.—Luka 19:1, 2, 8; Ivyakozwe 22:1-3.

Tugaruke kuri ca kibazo twabajije mu ntango: Woba wipfuza kumenya ukuri kwerekeye Imana? Nimba uvyipfuza, biraremesha kumenya yuko Imana idashima abantu bibona ko ari inkerebutsi muri iyi si. Ahubwo ishima abantu bashobora gukengerwa n’abo isi yita inkerebutsi. Niwiga Ijambo ry’Imana ufise agatima kabereye, hari aho nawe woba mu bo Yehova aha ingabirano y’agaciro, iyo na yo ikaba ari ugutahura ukuri kumwerekeye. Gutahura ukwo kuri bizotuma urushiriza guhimbarwa mu buzima muri iki gihe, kandi birashobora kugushikana ku “buzima nyakuri,” ubuzima butagira iherezo mw’isi nshasha yimirije Imana yasezeranye, iyizoba irangwamwo ubugororotsi.a—1 Timoteyo 6:12, 19; 2 Petero 3:13.

Aho tukuremesheje gusoma muri Nzero

Matayo 1-21

a Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha kumenya ukuri kwerekeye Imana n’imigambi yayo. Abavyipfuza barabagirira inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana ata co barinze kuriha, bakoresheje igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika