ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/1 rup. 3
  • Basomyi bakundwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Basomyi bakundwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/1 rup. 3

Basomyi bakundwa

Iki kinyamakuru uriko urasoma catanguye gusohorwa muri Mukakaro 1879. Kuva ico gihe, uko ibintu vyagiye birahinduka, n’iki kinyamakuru nticasigaye inyuma. (Raba amafoto ari hejuru.) Kuva kuri iyi nomero, uzobona ko habaye ayandi mahinduka mu kuntu iki kinyamakuru Umunara w’Inderetsi gitunganijwe. Ni ibiki none bizohinduka?

Mu bihugu vyinshi, abasoma ibintu kuri Internet baguma barushiriza kwongerekana kandi bakabona ko biborohereza. Bapfa gusa gufyonda rimwe ku cuma bakoresha, bagaca baronka amakuru ata handi aboneka atari kuri Internet. Abantu barashobora gusoma ibitabu bitari bike be n’ibinyamakuru bitandukanye kuri Internet.

Ku bw’ivyo, duherutse gutunganya bushasha umuhora wacu www.jw.org, kugira ngo urushirize gushimisha benshi, ube n’uworoshe cane gukoresha. Abaja kuri uwo muhora barashobora gusoma ibitabu vyacu vyasohowe mu ndimi zirenga 430. Ariko kuva muri uku kwezi, abaja kuri uwo muhora wacu barashobora gusoma kandi ibiganiro bimwebimwe vyahora vyama bisohoka mu binyamakuru vyacu bicapuwe, ariko ubu nya biganiro bikaba bizoza birashirwa gusa kuri uwo muhora wacu.a

Kubera yuko hari ibiganiro bitari bike tuzoshira kuri Internet gusa, kuva kuri iyi nomero integuro ya bose y’Umunara w’Inderetsi izova ku mpapuro 32 ije ku mpapuro 16. Ubu iki kinyamakuru gisohorwa mu ndimi 195. Kubera kizoba gisigaye ari gitoya, hari aho vyoshoboka ko gishirwa no mu zindi ndimi ziyongereye.

Twizigiye yuko aya mahinduka azotuma ubutumwa bwo muri Bibiliya burokora ubuzima bushikira abantu benshi kuruta. Ico twiyemeje ni ukubandanya turonsa abantu amakuru menshi ashimishije kandi yigisha, haba kuri Internet canke mu bitabu bicapuwe, kugira ngo afashe abasomyi bacu bubaha Bibiliya kandi bipfuza kumenya ivyo yigisha vy’ukuri.

Abagisohoye

a Kimwe muri ivyo biganiro bizoshirwa kuri uwo muhora gusa ni ikivuga ngo “Ku bw’urwaruka,” kikaba cerekana ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya bigenewe urwaruka; ikindi na co ni ikivuga ngo “Ivyigwa vyanje vya Bibiliya,” kikaba ari ico abavyeyi bokoresha mu kwigisha abana babo batarenza imyaka itatu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika