ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/12 rup. 14-17
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Udukuru tw’irya n’ino
    Be maso!—2014
  • Niwubahe “ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/12 rup. 14-17

Ibibazo vy’abasomyi

Imbere y’uko twe n’umukenyezi wanje tumenya ukuri, twarakoresheje bwa buhinga bw’uko intanga z’umugabo zinywanishwa n’utubuto tw’umugore bitabereye mu mbanyi (ubwo bita “fécondation in vitro”) kubera ko twipfuza kuronka akana. Ntitwakoresheje utubuto twose twari twanywanishijwe (twacitse udusamo); tumwe twaratimbishijwe maze turazigamwa. Twoba none dukwiye kubandanya kuzigamwa canke twoshobora gutabwa?

Ico ni kimwe mu bibazo vyinshi bikomeye bijanye n’inyifato runtu abubakanye bagira mu gihe bahisemwo gukoresha ubwo buhinga. Buri mugabo n’umugore baragira ico babazwa na Yehova ku bijanye n’ico bahitamwo gukora. Ariko rero, kumenya ivyerekeye ubwo buhinga bufasha mu vy’ukurondoka vyoshobora kugira ico bifashije.

Mu 1978, hari umugore wo mu Bwongereza yibungenze ari bwo bwa mbere biciye kuri ubwo buhinga. Ntiyari yarashoboye gusama kubera ko utugende twiwe ducamwo utubuto twari twarazivye, bikaba bitakunda ko intanga zihura n’akabuto kiwe. Abaganga baramubaze bamukuramwo akabuto kamaze gukomera, bagashira mu kintu c’ikirahuri maze bakanywanisha n’intanga z’umugabo wiwe. Agasamo kavuyemwo barakaretse gakurira mu bintu bigafasha gukura, mu nyuma bakimurira mu gitereko ciwe. Amaherezo yaribarutse akana k’agakobwa. Ubwo buhinga bwahavuye bwitwa fécondation in vitro (FIV).

Naho ibigirwa muri ubwo buhinga vyoshobora kuba bitandukanye bivanye n’igihugu, muri rusangi bugizwe n’ibi bintu: Umugore amara amayinga ahabwa imiti ikabura udusaho twiwe tw’imbuto kugira duhingure utubuto twinshi. Umugabo yoshobora gusabwa gutanga intanga zikimuvamwo mu kwimara inambu y’umubiri ari wenyene. Utubuto tw’umugore be n’intanga zasukuwe neza birashirwa hamwe mu kibanza cagenewe ubwo buhinga. Utubuto twinshi twoshobora kunywana n’izo ntanga maze tugatangura kwigabagura, tugacika udusamo. Haciye nk’umusi umwe, utwo dusamo turasuzumwa neza kugira ngo bamenye ututameze neza be n’utwoba tumeze neza twoshobora kwimurirwa mu gitereko kugira dukurireyo. Nko ku musi ugira gatatu, baca bimurira mu gitereko c’umugore udusamo tubiri canke dutatu tumeze neza kuruta utundi kugira ngo bongereze amahirwe yo kwibungenga. Mu gihe agasamo kamwe canke turenga dufashe mu gitereko c’uwo mugore, aribungenga, kandi biba vyitezwe yuko azohava yibaruka.

Ariko none tuvuge iki ku bijanye n’udusamo tutaba twimuriwe mu gitereko c’umugore, harimwo n’udusa n’ututameze neza canke mbere n’utumeze nabi cane? Atagikozwe, utwo dusamo turengako ntitwoteba gupfa. Kugira ntidupfe, twoshobora gutimbishwa mu bintu vy’amazimazi bigizwe na azote. Kubera iki? Mu gihe utwa mbere ata mwana avuyemwo, tumwe muri utwo tuba twarabitswe twoshobora gusubira gukoreshwa ku giciro gito. Ariko rero, ivyo biravyura ibibazo bijanye n’inyifato runtu. Nk’uko vyagendeye uwo mugabo n’umugore babajije ca kibazo, abantu benshi birabagora kumenya ico bokoresha utwo dusamo tuba twaratimbishijwe. Boshobora kuba batipfuza abandi bana. Ukuba abo bavyeyi bitereye mu myaka canke ivy’ubutunzi vyabo vyifashe nabi vyoshobora gutuma badasubira kugerageza. Boshobora kuba batinya gushikirwa n’ingaruka zijanye no kwibungenga abana benshi icarimwe.a Canke bishitse umwe muri bo kibure bose agapfa canke agasubira kwubakana n’uwundi, vyoshobora gutuma ibintu bikomera. Egome, impungenge ni nyinshi, kandi ico bivamwo ni uko abubakanye bamwebamwe usanga bamara imyaka n’iyindi bariha amahera yo kubungabunga utwo dusamo.

Mu 2008, hari umuhinga mu vy’udusamo yavuze mu kinyamakuru kimwe (The New York Times) yuko abantu benshi bikora kuri ubwo buhinga mu vy’ukuri vyabagora kumenya ico bokoza udusamo turengako. Ico kiganiro cagira giti: “N’imiburiburi udusamo 400.000 turatimbishwa mu bitaro biri hirya no hino mu gihugu, buri musi hakaba hiyongerako utundi . . . Udusamo turashobora kumara imyaka cumi canke irenga mu gihe dutimbishijwe neza mugabo si twose turokoka igihe tuyongeshejwe.” (Ni twe dushimitse.) Ivyo birakwiye gutuma abakirisu bamwebamwe bafata umwanya wo kuzirikana. Kubera iki?

Umugabo n’umugore bakirisu bafise ingorane zijanye n’ubwo buhinga boshobora kuzirikana neza ku ngaruka ziterwa n’iki kindi kintu kijanye n’ivy’ubuvuzi. Umukirisu yoshobora kuba abwirizwa guhitamwo ico yokora ku bijanye n’uwo mu ncuti ziwe arwaye indwara idakira kandi akaba ariko arafashwa n’ivyuma bituma aba aramaze kabiri, nka bene ca cuma gifasha guhema. Abakirisu b’ukuri bararwanya ivyo kutitaho amagara; mu buryo buhuye n’ibivugwa muri Kuvayo 20:13 no muri Zaburi 36:9, baraha agaciro kanini ubuzima. Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Myandagaro 1974, yavuze iti: “Kubera ko bubaha ukuba Imana ibona yuko ubuzima ari bweranda, babitumwe n’ijwi ryabo ryo mu mutima be n’ukuba bubaha amategeko y’igihugu, abipfuza kubaho bahuza n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ntibazokwigera bashigikira ivyo guhagarika ubuzima bw’umuntu,” ukwo akaba ari ukwica umurwayi n’ibigirankana. Ariko rero, mu bihe bimwebimwe, usanga ubuhinga bwo gufasha umuntu kuba aramaze kabiri ari co kintu conyene cofasha incuti. Abagize umuryango bategerezwa guhitamwo niba bobandanya canke batobandanya kumufasha kuba aramaze kabiri hakoreshejwe ivyo vyuma.

Ego ni ko, ivyo si cokimwe n’ivy’umugabo n’umugore bakoresheje bwa buhinga bw’uko intanga z’umugabo zinywanishwa n’utubuto tw’umugore bitabereye mu mbanyi, ubu bakaba bafise udusamo twabitswe. Mugabo inama boshobora kugirwa ni ugukura utwo dusamo mu cuma gikanyisha cane kirimwo vya bintu vy’amazimazi bigizwe na azote, bakatureka tukayonga. Tutari muri ico cuma ntitwoteba kwononekara ku buryo dupfa. Uwo mugabo n’umugore babwirizwa guhitamwo niba ivyo bazovyemera.​—Gal. 6:7.

Kubera yuko umugabo n’umugore bakoresheje ubwo buhinga kugira ngo umugore yibungenge baba biteze kuronka akana, boshobora guhitamwo kwemera kuriha amahera vyosaba kugira utwo dusamo twabo tugume dutimbishijwe canke boshobora guhitamwo kuzodukoresha muri kazoza barondera umwana. Ariko rero, uwundi mugabo n’umugore boshobora guhitamwo kureka kubungabunga utwo dusamo twatimbishijwe, mu kubona ko tuguma ari tuzima biciye gusa ku vyuma. Abakirisu biyumvira gufata iyo ngingo bari n’ico babazwa imbere y’Imana ku bijanye n’ukuntu bakoresha ijwi ryabo ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. Icipfuzo cabo gikwiye kuba ico kugira ijwi ryo mu mutima ritababuza amahoro, ariko kandi ntibirengagize ijwi ryo mu mutima ry’abandi.​—1 Tim. 1:19.

Umuhinga umwe mu bijanye no kurondoka yasanze abubakanye benshi “bateshwa umutwe bakongera bakarazwa ishinga cane n’ibanga bafise ryo guhitamwo ico bokoresha udusamo twabo [twatimbishijwe].” Yashitse ku ciyumviro kigira giti: “Ku bubakanye benshi, bisa n’uko ata ngingo nziza bofata ihari.”

Biragaragara ko abakirisu b’ukuri biyumvira gukoresha ubwo buhinga bakwiye gusuzuma ingaruka zose zikomeye buteza. Bibiliya ihanura iti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha, mugabo abantu batazi utuntu n’utundi bararengana bakabwirizwa kwibonerako.”​—Imig. 22:3.

Umugabo n’umugore babana mu buryo butemewe n’amategeko biga Bibiliya baripfuza kubatizwa, mugabo ntibashobora kwandikisha umubano wabo kubera ko uwo mugabo aba muri ico gihugu mu buryo butemewe n’amategeko. Leta ntiyemerera kavamahanga ahaba mu buryo butemewe n’amategeko kwubaka urwiwe. Boba none boshobora gushira umukono ku rwandiko rwerekana ko abubakanye biyemeje kutazohemukiranira maze bakabatizwa?

Ivyo vyoshobora gusa n’aho ari wo muti, mugabo si uburyo bushingiye ku Vyanditswe bwo gutorera umuti iyo ngorane yabo. Kugira ngo dutahure igituma, nimuze tubanze twihweze intumbero y’urwo rwandiko, igituma ruriho, ukuntu rwokoreshwa be n’igihe rwokoreshwa.

Urwo ni urwandiko umugabo n’umugore bashirako umukono bari imbere y’ivyabona igihe babujijwe kwubaka urwabo bitumwe n’imvo iri mu ngingo zikurikira. Muri urwo rwandiko barasezerana kutazohemukiranira be n’uko bishobotse bazokwandikisha umubano wabo. Ishengero rica ribona yuko biyemeje imbere y’Imana n’abantu biciye kuri urwo rwandiko yuko batazohemukiranira ku buryo umubano wabo ubonwa ko ari nk’aho wemewe n’abategetsi.

Urwo rwandiko rukoreshwa kubera iki kandi ryari? Yehova ni we yatanguje umubano w’ababiranye kandi arawuha agaciro cane. Umwana wiwe yavuze ati: “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.” (Mat. 19:5, 6; Ita. 2:22-24) Yezu yongeyeko ati: “Uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi akarongora uwundi, aba arenze ibigo.” (Mat. 19:9) Ku bw’ivyo, “ubusambanyi” ni yo mvo yonyene ishingiye ku Vyanditswe ishobora gutuma haba ukwahukana. Nk’akarorero, nimba umugabo arenze ibigo, umukenyezi wiwe yahemukiwe arashobora guhitamwo kwahukana canke kureka. Yahukanye na we, aba rero afise uburenganzira bwo kwubakana n’uwundi mugabo.

Ariko rero, mu bihugu bimwebimwe, na canecane muri kahise, wasanga idini rikuru ryaho ritemera ico ciyumviro gitomoye gishingiye kuri Bibiliya. Ahubwo nyabuna ryigisha yuko ata mvo n’imwe yotuma umuntu ahabwa uburenganzira bwo kwahukana. Mu bihugu bimwebimwe rero aho idini ryaba rifise akosho gakomeye, usanga amategeko ya Leta adategekanya imvo n’imwe yo kwahukana, mbere n’iyo mvo yemewe Yezu yavuze. Mu bindi bihugu, birashoboka ko umuntu yahukana, mugabo ugasanga bica kure, bigoye kandi bisaba ibintu vyinshi. Vyoshobora gusaba imyaka myinshi cane kugira ngo umuntu yemererwe kwahukana. Ni nk’aho idini canke Leta ‘bibuza’ ivyo Imana yemera.​—Ivyak. 11:17.

Nk’akarorero, abubakanye boshobora kuba baba mu gihugu aho kwahukana bidashoboka canke aho bigoye cane kuronka ubwo burenganzira, kumbure bigafata imyaka myinshi kugira ngo vyemerwe. Mu gihe bakoze uko bashoboye kwose kugira ngo bahagarike umubano wari usanzwe wemewe n’amategeko kandi bakaba bakwije ibisabwa mu nyonga z’Imana vyo kwubakana, boshobora gushira umukono kuri urwo rwandiko. Iyo ni intunganyo iranga urukundo iba mw’ishengero rya gikirisu muri bene ivyo bihugu. Ariko rero, si intunganyo ikwiye gukoreshwa mu bihugu vyinshi aho usanga bishoboka ko umuntu yahukana, naho nyene ivyo hari ukuntu bitwara uburyo bwinshi canke bigoye.

Abantu bamwebamwe baba mu bihugu aho usanga bishoboka ko umuntu yahukana, kubera yuko badatahura ibijanye n’urwo rwandiko, barasavye ko borushirako umukono aho guhangana n’ingorane zijana no kurondera kwahukana.

Ku bijanye n’ico kibazo cabajijwe, uwo mugabo n’uwo mugore babana mu busambanyi, bipfuza kubana mu buryo bwemewe n’amategeko. Umwe wese arabirekurirwa n’Ivyanditswe; nta n’umwe muri bo abohewe ku wo bahora bubakanye. Yamara uwo mugabo aba muri ico gihugu mu buryo butemewe n’amategeko, kandi Leta ntizorekurira kavamahanga ahaba muri ubwo buryo kwubaka urwiwe. (Mu bihugu vyinshi abategetsi baremera mbere ko n’abantu usanga umwe muri bo canke bompi batagira ivya ngombwa bibarekurira kuba muri ico gihugu, bubakana.) Ku bijanye n’ico kibazo cabajijwe, muri ico gihugu hariho intunganyo ijanye no kwahukana. Ku bw’ivyo, gushira umukono ku rwandiko rwerekana ko abubakanye biyemeje kudahemukiranira ntibirimwo. Urabona yuko ku bijanye n’uwo mugabo n’umugore ata n’umwe muri bo akeneye kuronka uburenganzira bwo kwahukana mugabo akaba abuzwa kuburonka. Bompi barafise uburenganzira bwo kwubakana. Ariko none ko uwo mugabo aba muri ico gihugu mu buryo butemewe n’amategeko, bokwubakana gute? Hari aho vyoba ngombwa ko baja mu kindi gihugu aho ukwo kuntu ivyiwe vyifashe ata ngorane biteza. Canke vyoshoboka mbere ko bubakana bari muri ico gihugu nyene mu gihe uwo mugabo arondeye ivya ngombwa bimurekurira kukibamwo.

Egome, uwo mugabo n’umugore barashobora guhindura ibintu kugira babeho bahuza n’ingingo mfatirwako z’Imana be n’itegeko rya Sezari. (Mrk. 12:17; Rom. 13:1) Turizigiye ko bazobigira. Boshobora rero gukwiza ibisabwa kugira ngo babatizwe.​—Heb. 13:4.

a Tuvuge iki mu gihe agasamo kariko karakura gasa n’akameze nabi, canke mu gihe umukenyezi bamushizemwo udusamo twinshi? Kubuza nkana inda gukura kwoba ari ukuyikorora. Hakoreshejwe ubwo buhinga, bisa n’ibikunda gushika umukenyezi akibungenga abana benshi (amahasa, ubushuri canke abarenga), ivyo bikaba bigira ingaruka nyinshi, nk’ukuvyara hataragera be n’ivirirana ry’amaraso mu gihe co kwibaruka. Umugore yibungenze abana benshi yoshobora gusabwa guhitamwo abo akorora, akemera ko umwe canke abarenga muri bo bicwa. Ukwo kwoba ari ugukorora inda n’ibigirankana, ivyo akaba ataho bitaniye n’ukwica.​—Kuv. 21:22, 23; Zab. 139:16.

UBUNDI BURYO BWO GUKORESHA UBUHINGA BWA FÉCONDATION IN VITRO

Iterambere mu vy’ubwo buhinga ryatumye haboneka ubundi buryo bwo kurondoka buteye kubiri rwose n’ukuntu Imana ibona ibintu nk’uko biboneka mu Vyanditswe. Nk’akarorero, utubuto tw’umugore twoshobora kunywanishwa n’intanga zivuye mu mugabo batubakanye. Yoshobora rero kwemera ko udusamo twavuye muri ukwo kunywanishwa twimurirwa muri we. (Abagore babiranye n’abandi bagore rimwe na rimwe barakoresha ubwo buryo.) Canke intanga z’umunega zoshobora gukoreshwa mu kuzinywanisha n’utubuto tuvuye mu mugore atari umukenyezi wiwe. Umukenyezi w’uwo munega yoshobora guca yemera ko agasamo kavuyemwo gaterekwa muri we.

Hariho uburyo bamwebamwe bita “adoption d’embryon,” aho usanga mu gitereko c’umugore hashirwamwo udusamo twabonetse mu kunywanisha intanga z’umugabo atari rwiwe n’utubuto tw’uwundi mugore. Hariho ubundi buryo, aho usanga hakoreshejwe ubwo buhinga, abahinga batuma utubuto be n’intanga vy’abantu bubakanye binywana bitari mu mbanyi y’umukenyezi. Udusamo tuvuyemwo duca dushirwa mu gitereko c’uwundi mugore akaba ari we yibungenga uwo mwana, amuvyaye agaca amubaha.b

Abasavyi b’Imana ntibemera gukoresha ubwo buryo kubera ko bubaha ubuyobozi yatanze bugira buti: “Ntuze usohorere intanga mu mugore wa mugenzawe, ngo bitume uhumana.” (Lew. 18:20, 29; Imig. 6:29) Igihe cose ivyo gutanga utubuto canke intanga bigenewe kunywanishwa bigiyemwo umuntu atari mu mubano w’ababiranye, haba habaye ico Bibiliya yita por·neiʹa, ni ukuvuga ubusambanyi. Ubwo buryo ni ugukoresha nabi cane ibihimba vy’irondoka.​—Mat. 5:32; 1 Kor. 5:11; 6:9, 18; Heb. 13:4.

b Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Ntwarante 1993, urupapuro rwa 26-27, iraca irya n’ino ivyerekeye abo bagore.

Abakirisu biyumvira gufata iyo ngingo bazogira ico babazwa imbere y’Imana ku bijanye n’ukuntu bakoresha ijwi ryabo ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika