“Amahoro abe mu bantu ishima”
“Ubuninahazwa iyo hejuru mu majuru bube ubw’Imana, kw’isi na ho amahoro abe mu bantu ishima.”—LUKA 2:14.
Imvo imwe ituma bamwebamwe bahimbaza Noweli.
Buri mwaka, pāpa n’izindi ndongozi z’amadini barashikiriza ubutumwa bw’amahoro, bizigiye ko ikiringo ca Noweli kizoshitsa ubutumwa abamarayika batangaje bati: “Kw’isi . . . amahoro abe mu bantu ishima.” Hari n’abagira ingendo zidasanzwe bagiye guhimbaza uwo musi mukuru.
Kubera iki bitoroshe?
N’iyo habaye amahoro mu gihe ca Noweli, ntamara na kabiri. Nk’akarorero, muri Kigarama 1914, igihe ibihugu vya Buraya vyari mu Ntambara ya mbere y’isi yose, abasoda b’Abongereza n’Abadagi baravuye mu mifurege binyegezamwo mu kurwana hanyuma bahimbariza hamwe Noweli. Barasangiye ibifungurwa, ibinyobwa, eka n’agatabi. Baranakinanye umupira w’amaguru. Ariko ako gahengwe ntikamaze na kabiri. Mw’ikete umusoda umwe w’Umwongereza yanditse ari ku rubuga rw’intambara, yavuze yuko umusoda umwe w’Umudagi yamubwiye ati: “Uno musi dufise amahoro. Ariko ejo uzoba uriko urarwanira igihugu cawe, nanje ndiko ndarwanira icanje.”
Ni ivyiyumviro ibihe vyo muri Bibiliya vyofasha?
“Hari umwana atuvukiye . . . Izina azokwitwa ni . . . Umuganwa w’amahoro. Ukugwira kw’ubutware bwa kiganwa be n’amahoro ntibizogira iherezo.” (Yesaya 9:6, 7) None ayo majambo yavuzwe ku vyerekeye Yezu Kristu wumva adahumuriza? Yezu ntiyavukiye kw’isi kugira ngo azane amahoro y’umusi umwe gusa mu mwaka. Bwa Mutegetsi aganza ari mw’ijuru, azozana amahoro nyayo atazogira iherezo.
“Biciye kuri jewe [Yezu] mugire amahoro. Mw’isi muragira amakuba, mugabo nimugire umutima rugabo! Jewe naratsinze isi.” (Yohani 16:33) No muri iki gihe, Yezu aratuma amahoro arangwa mu bayoboke biwe. Ni ivy’ukuri yuko abakirisu bagira amakuba. Ariko biciye kuri Bibiliya baratahura igituma hariho imibabaro be n’ingene Yezu azozana amahoro arama. Ivyo bituma bagira amahoro mu mutima.
Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu vyose, b’amabara yose y’urukoba, bo mu bwoko bwose n’indimi zose, kubera ko bakurikiza ivyo Yezu yigishije, barifitiye amahoro. Ushaka kuvyibonera, uze witabe rimwe mu makoraniro bagirira ku Ngoro y’Ubwami yabo. Hari aho vyotuma wewe ubwawe, nk’uko vyagendeye n’abandi benshi, wemera yuko ayo mahoro bafise aruta amahoro ayo ari yo yose abantu bashobora kugira kuri Noweli.
Ivyabona vya Yehova b’amabara yose y’urukoba n’indimi zose barangwa n’ubumwe n’amahoro. Ushaka kuvyibonera, uze witabe rimwe mu makoraniro bagirira ku Ngoro y’Ubwami