Umunezero uva ku gutanga
“Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”—IVYAKOZWE 20:35.
Imvo imwe ituma bamwebamwe bahimbaza Noweli.
Nk’uko Yezu yabivuze muri ayo majambo, gutanga bituma uwutanga n’uwuhabwa bompi bahimbarwa. Kubera ko benshi bipfuza kugira ako gahimbare, babona ko gutanga ari kimwe mu bintu bihambaye cane biranga Noweli. Naho ivy’ubutunzi vyahungabanye kw’isi mu mwaka uheze, itohoza rimwe ryerekanye yuko nko muri Irlande buri rugo rwategekanya gukoresha amahera y’amanyaburaya arenga 500 (nk’amarundi arenga 924.000) mu bijanye n’ingabirano zo gutanga kuri Noweli.
Kubera iki bitoroshe?
Benshi babona ko ivyo gutanga ingabirano za Noweli bituma barushiriza kugira imyitwarariko aho gutuma barushiriza kugira agahimbare. Uti gute? Benshi biyumvamwo ko bategerezwa kugura ingabirano zinaka kandi uburyo bafise butabibakundira. Vyongeye, kubera ko bose basidukira rimwe bakaja kuzigura, kuhahurira n’isinzi ry’abantu no gutonda imirongo miremire usanga benshi bibarya mu mutwe.
Ni ivyiyumviro ibihe vyo muri Bibiliya vyofasha?
Yezu yavuze ati: “Mugire akamenyero ko gutanga.”a (Luka 6:38) Ntiyerekanye ko umuntu yotanga ingabirano mu kiringo kinaka gusa c’umwaka aho biba vyitezwe ko abantu batanga. Yezu yabwiye abayoboke biwe yuko ivyo gutanga ingabirano babikuye ku mutima bakwiye kubigira akamenyero, ni ukuvuga ikintu bama bakora.
“Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.” (2 Abakorinto 9:7) Nk’uko igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kivyerekana, ico intumwa Paulo ashaka kuvuga ni uko “ata kintu na kimwe umuntu akwiye gutanga ‘agoberewe,’ yumva ko ategerezwa kugira ico atanze.” Kuba “uwutangana akamwemwe” nta ho bihuriye no kwumva ugoberewe guha umuntu kanaka ikintu kinaka mu kiringo kinaka, nk’uko bikunze kugenda kuri Noweli.
“Iyo habanje kuba umutima ukunze, vyemerwa canecane hisunzwe ivyo umuntu afise, si ivyo umuntu adafise.” (2 Abakorinto 8:12) Imana ntisaba abakirisu kurya ideni kugira ngo batange ingabirano zizimvye. Ahubwo riho, igihe umuntu atanze ‘yisunze ivyo afise,’ ingabirano ziwe ntiziba izo gupfa kwakira, ahubwo ziba ‘izemerwa cane.’ Ivyo biraremesha kandi biratandukanye cane n’ivyo abahayanisha ibidandazwa vyabo bavuga mu gihe c’imisi mikuru baremesha abantu bati: “Pfuma urya ideni, uzoba urariha.”
a Bibiliya zimwezimwe zivuga gusa ngo: “Tanga.” Ariko mu kigiriki Bibiliya yanditswemwo mu ntango, iryo rivuga rivuzwe mu buryo bwerekana ko ari igikorwa kibandanya. Ni co gituma Bibiliya y’isi nshasha ivuga ngo “mugire akamenyero ko gutanga,” kugira yerekane neza insobanuro y’iryo jambo.