Ibibazo vy’abasomyi
Amajambo ya Yezu ari muri Matayo 19:10-12 yoba ashaka kwerekana ko abahitamwo kutubaka izabo baba bararonse ingabirano y’ubwirebange mu buryo busiga ubwenge?
Rimbura ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe Yezu yavuga ibijanye n’ubwirebange. Igihe Abafarizayo baza kuri we bakavyura ikibazo kijanye n’ukwahukana, Yezu yarashize ahabona ingingo mfatirwako Yehova yatanze ku bijanye n’umubano w’ababiranye. Naho Itegeko ryemerera umugabo kwandika icete co kwahukana n’umugore wiwe aramutse abonye “ikintu kitabereye” muri we, ukwo si ko vyamye. (Gus. 24:1, 2) Yezu yaciye avuga ati: “Uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi akarongora uwundi, aba arenze ibigo.”—Mat. 19:3-9.
Abigishwa bumvise ivyo, bavuze bati: “Nimba ivy’umugabo n’umugore wiwe ari ukwo bimeze, umuntu yopfuma areka kwubaka.” Yezu yasubijeyo ati: “Si bose bemera iryo jambo, kiretse gusa ababifitiye ingabirano. Kuko hari inkone zavutse gutyo kuva mu nda ya ba nyina, hakaba n’inkone zagizwe inkone n’abantu, hakaba n’inkone zigize inkone ku bw’ubwami bwo mw’ijuru. Uwushoboye kuvyemera navyemere.”—Mat. 19:10-12.
Inkone nya nkone bari abantu bavutse gutyo kubera ubumuga mvukanwa canke babaye inkone kubera isanganya kibure kubera bashahuwe. Ariko rero, hariho n’abigize inkone. Naho bari bashoboye kwubaka izabo, barigumije maze baguma batubatse “ku bw’ubwami bwo mw’ijuru.” Cokimwe na Yezu, bahisemwo kutubaka izabo kugira ngo bashobore kwihebera umurimo w’Ubwami. Ntibavukanye ingabirano y’ubwirebange canke ngo bayihabwe. Baravyemeye vy’ukuri, ni ukuvuga ko bironkeje iyo ngabirano bavyishakiye.
Mu kwubakira ku vyo Yezu yavuze, intumwa Paulo yasiguye ko naho abakirisu bose, baba abatubatse canke abubatse, bashobora gukorera Imana mu buryo yemera, abatubatse ‘biyemeje mu mutima wabo’ kuguma gutyo ‘bagira neza’ kuruta. Uti gute? Abubatse bategerezwa guheba umwanya wabo n’inguvu zabo kugira ngo banezereze bongere bitwararike abo bubakanye. Abakirisu batubatse bobo barashobora kwihebera umurimo w’Umukama batarinze kugira ico kintu. Babona ko ukwo kuntu ivyabo vyifashe ari “ingabirano” iva ku Mana.—1 Kor. 7:7, 32-38.
Ivyanditswe bitubwira rero ko umukirisu ataronka ingabirano y’ubwirebange mu buryo busiga ubwenge. Ahubwo nyabuna, aratsimbataza agatima k’ubwirebange mu kuguma atubatse kugira ngo ateze imbere ivyungura Ubwami ata kimusamaza. Abantu benshi muri iki gihe bariyemeje mu mutima wabo kuguma batubatse ku bw’iyo mvo, kandi vyoba vyiza abandi bababereye isôko ry’indemesho.