Abasomyi bacu barabaza . . .
Kwubaka vyoba ari vyo bituma umuntu agira agahimbare?
Bibiliya yoba yigisha yuko umuntu ategerezwa kuba yubatse kugira ngo yumve ko anezerewe kandi ahimbawe? Umuntu asomye Ijambo ry’Imana atitonze, yohava yiyumvira yuko rishigikira ico ciyumviro. Uti gute?
Inkuru yo mw’Itanguriro ivuga ko Imana yabonye yuko ‘atari vyiza’ ko umugabo wa mbere Adamu aguma ari wenyene. Imana yaciye rero irema Eva kugira ngo amubere “umufasha bikwiranye.” (Itanguriro 2:18) Uravye iyo nkuru, woshobora kwiyumvira yuko umuntu aba uwubushitse igihe gusa aba yubatse. Vyongeye, hari inkuru zitari nke zo muri Bibiliya zerekana yuko kwubaka bishobora kuba isôko ry’imihezagiro n’akanyamuneza. Imwe muri izo nkuru ni iyerekeye Rusi.
Ariko none, izo nkuru zoba vy’ukuri zigenewe kutwigisha yuko muri kino gihe umukirisu adashobora kunezerwa no guhimbarwa canke kuba uwubushitse kiretse yubatse urwiwe akibaruka n’ibibondo? Si vyo na gatoyi. Umuntu yari anezerewe kandi yari abushitse kuruta abandi bose ni Yezu Kristu. Ariko rero, yarinze apfa atubatse urwiwe. Uwo Yezu, uwari agahebuza mu bukerebutsi kuruta ababayeho bose, yarabaye mu buryo butagira agahaze ishusho ya “ya Mana ihimbawe,” Yehova. (1 Timoteyo 1:11; Yohani 14:9) Yezu yarashize ahabona ico bisaba kugira ngo umuntu abe uwuhimbawe muri iyi si. (Matayo 5:1-12) Mu vyo yavuze, ntiyashizemwo ibijanye no kwubaka.
None Bibiliya yoba yivuguruza ku bijanye n’ico kintu? Habe na buhoro. Dukwiye kugerageza gutahura ivy’umubano dufatiye ku kibanza Yehova yawuhaye mu mugambi wiwe. Naho yashaka ko umubano uba isôko ry’umunezero, ubucuti somambike n’ukuruhurirwa, rimwe na rimwe wagiye uragira uruhara rukomeye mw’iranguka ry’imice imwimwe y’umugambi wiwe. Nk’akarorero, Imana yari ifise umugambi w’uko Adamu na Eva ‘barondoka, bakagwira, bakuzura isi.’ (Itanguriro 1:28) Yaba Adamu canke Eva nta n’umwe muri bo yari kurangura uwo mugambi wenyene. Ahubwo bari bakeneraniye, umwe wese akunganira uwundi mu buryo budasanzwe.
Mu buryo nk’ubwo, igihe Yehova yagirana ubucuti n’ihanga rya Isirayeli yo kw’isi, yari afise imigambi idasanzwe, umubano w’ababiranye be n’ubuzima bwo mu rugo bikaba vyari kugira uruhara mw’iranguka ryayo. Yashaka ko abagize iryo hanga bagwira kugira ngo ntibarengerwe n’abansi babo. Yari afise kandi umugambi w’uko umuryango wa Yuda uvamwo Mesiya yokijije abantu b’abizigirwa ingaruka z’icaha n’urupfu. (Itanguriro 49:10) Ni co gituma Abisirayelikazi b’abizigirwa babona ko kwubaka urwabo no kuvyara ibibondo kari agateka kadasanzwe, mu gihe kutubaka no kutavyara babona ko biteye intuntu kandi ko ari agatukisha.
Tuvuge iki ku bijanye no muri kino gihe? Rya tegeko Imana yatanga ryo ‘kwuzuza isi’ ryoba risigura ko abakirisu bo mw’isi ya kino gihe yuzuye abantu bategerezwa kwubaka izabo bakongera bakavyara? Habe namba. (Matayo 19:10-12) Eka kandi ntibigikenewe ko Imana izigama ikongera igakingira umuryango Mesiya yaturutsemwo canke ngo ikingire ihanga uwo Mukiza yakomotsemwo. None abakirisu bakwiye kubona gute ivyo kwubaka canke kutubaka?
Mu vy’ukuri, kwubaka canke kutubaka vyompi ni ingabirano zitangwa n’Imana. Nk’uko usanzwe ubizi, ingabirano ikwiriye ku muntu umwe irashobora kuba idakwiriye ku wundi. Kwubaka ni intunganyo y’Imana ishobora gutuma umuntu akundwa, aronka umugenzi, agatanguza n’umuryango. Ariko kandi Bibiliya iravuga itihenda yuko abubaka izabo muri iyi si idatunganye bazogira “amakuba mu mubiri wabo,” ni ukuvuga ingorane. Ku rundi ruhande, Yehova ntabona ko kutubaka biteye intuntu kandi ko ari agatukisha. Ahubwo riho, Ijambo ryiwe rivuga yuko kutubaka biri n’akarusho kuruta kwubaka.—1 Abakorinto 7:28, 32-35.
Muri ubwo buryo, Bibiliya irafasha umuntu kubona ku rugero rubereye ivyerekeye kwubaka canke kutubaka. Yehova, ari na we yatanguje umubano n’umuryango, yipfuza ko abasavyi biwe banezerwa kandi bagahimbarwa, baba bubatse canke batubatse.