Niwiyegereze Imana
‘Umwe wa kera mu misi aricara’
BIBILIYA ivuga iti: “Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana.” (Yohani 1:18) Ubuninahazwa bw’Imana ni bwinshi cane ku buryo ata kiremwa na kimwe c’inyama n’amaraso coyibona ngo kibandanye kubaho. (Kuvayo 33:20) Ariko rero, hariho ibiringo Bibiliya ivuga yuko Yehova yahaye abantu bamwebamwe akaryo ko kubona ivyo mw’ijuru. Umwe muri abo bantu yari umuhanuzi Daniyeli. Nta gukeka yuko ivyo yabonye vyatumye agira akoba, kandi birakwiye gutuma na twebwe tugira akoba. Raba ukuntu Daniyeli adondora ivyo yatewe agateka ko kubona.a—Soma Daniyeli 7:9, 10.
“Umwe wa kera mu misi.” Iryo zina ry’icubahiro “Umwe wa kera mu misi,” irikoreshwa na Daniyeli wenyene, ryerekana umuntu “yitereye mu myaka (canke umutama).” (Daniyeli 7:9, 13, 22) None Yehova amaze imyaka ingahe? Kubera yuko ari “Umwami w’ibihe bidahera,” ntagira intango kandi ntagira iherezo. (1 Timoteyo 1:17; Yuda 25) Kuba Imana yamaho ibihe bidahera biradukura amazinda yuko ifise ubukerebutsi butagira urugero, kuko Bibiliya yerekana ko ubukerebutsi bufitaniye isano n’imyaka umuntu aba amaze. (Yobu 12:12) Mu vy’ukuri, ubwenge bwacu buri n’aho bugarukira ntibushobora gutegera neza iciyumviro c’ukutagira intango n’iherezo. Ubwo twokwitega vy’ukuri yuko twotahura bimwe vyuzuye ivyerekeye iyo Mana y’ubukerebutsi ntangere?—Abaroma 11:33, 34.
Urabona yuko Umwe wa kera mu misi ‘yicaye.’ None kwari ukugira ngo akore iki? Imirongo iza imbere y’umurongo wa 9 be n’iyiza inyuma yawo iradufasha gutahura ico yagira akore, kuko ivuga ivyerekeye “Sentare” be n’“urubanza.” (Daniyeli 7:10, 22, 26) Daniyeli yeretswe rero Yehova yicaye kugira ngo ace urubanza. Uti arucira nde? Yarucira amahanga yo kw’isi, ayagereranijwe n’ibikoko mu vyo Daniyeli yari yabanje kwerekwa.b (Daniyeli 7:1-8) None Yehova ni Umucamanza ameze gute?
“Ivyambarwa vyiwe vyarera derere, umushatsi wo ku mutwe wiwe na wo wari umeze nk’ubwoya butyoroye.” Ibara ryera rigereranya ubugororotsi n’ubutyoroke. Intama zimwezimwe usanga zifise ubwoya bwera derere. Ku bw’ivyo rero, umushatsi umeze nk’ubwo bwoya uba wera. Iyumvire ivyo bintu Daniyeli yabonye! Numere nk’uwubona mu bwenge Umucamanza afise imishatsi yera kumbure yambaye ikanzu yera derere! Izo mvugo ngereranyo ziradukura amazinda yuko imanza Yehova aca zigororotse kandi ziranga ubukerebutsi. Ni we Mucamanza bikwiriye ko twizigira tukongera tukubaha bimwe bigera kure cane.
“Hari ibihumbi igihumbi baguma bamukorera, n’ibihumbi cumi kugwiza ibihumbi cumi baguma bahagaze imbere yiwe.” None abo basuku b’Imana bo mw’ijuru ni bande? Bibiliya ivuga ko abamarayika ari “abasuku [b’Imana].” (Zaburi 104:4) Abamarayika b’Imana, abaharurwa kumbure mu mamiliyoni amajana, ntibatezura mu “[g]ushitsa ijambo ryiwe” no mu “[g]ukora ukugomba kwiwe.” (Zaburi 103:20, 21) None ico si ikindi kimenyamenya c’uko Imana ifise ubukerebutsi butagira urugero? Ni nde wundi uretse Yehova yoshobora gutuma ingabo zo mw’ijuru nyinshi gutyo zimara imyaka idaharurika ziguma zikora kandi zirangwamwo urutonde?
Ivyo Daniyeli yeretswe biratuma twizigira Yehova, Umwe wa kera mu misi. Imanza ziwe ziragororotse, kandi ubukerebutsi bwiwe ni ubwo kwizigirwa. Ubona gute none urondeye kumenya ukuntu worushiriza kwiyegereza iyo Mana y’ubukerebutsi bwose?
Aho turemeshejwe gusoma muri Gitugutu:
a Daniyeli ntiyabonye Imana vy’ukuri. Ahubwo Imana yatumye abona mu bwenge amashusho akomeye. Mu kudondora ivyo yabonye, Daniyeli yakoresheje imvugo ngereranyo zitandukanye, ushizemwo iyidondora Imana nk’aho ari umuntu. Izo mvugo ngereranyo ziratuma turushiriza gutahura Imana mugabo ntidukwiye kuzifata uko nyene ziri.
b Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ivyo bikoko Daniyeli yeretswe, raba ikigabane ca 9 c’igitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel! casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Ni we Mucamanza bikwiriye ko twizigira tukongera tukubaha bimwe bigera kure cane