ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/10 rup. 4-5
  • Kubera iki igiturire kidahera?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki igiturire kidahera?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Igiturire kizohera!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ni Kuki Dusaza Kandi Tugapfa?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Ni Kuki Ibiturire Vyimonogoje?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Wa Mubesheranyi yoba abaho koko?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/10 rup. 4-5

Kubera iki igiturire kidahera?

“Umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.”​—UMUSIGUZI 8:9.

AYO majambo aradondora neza ivyaranze kahise k’ubutegetsi bw’abantu. Ubwo butegetsi bwarakwegeye abantu imibabaro n’amarushwa bitovugwa. Uko imyaka yagiye irarengana, hari abantu b’umutima ukunze bagiye baragira utwigoro two gutuma ikibano c’abantu kirushiriza kumera neza mugabo utwo twigoro tukaba impfagusa bivuye ku mwina no ku biturire. Ni kubera iki vyagenze gutyo? Kubera iki igiturire kidahera? Ahanini biva kuri ibi bintu bitatu bitugirako akosho kabi.

1. Akosho kava ku gicumuro.

Bibiliya iravuga idakikiriza yuko abantu “bagabwa n’igicumuro bose.” (Abaroma 3:9) Igicumuro “kiba” muri twebwe, nka kurya nyene kw’indwara idakira umuntu yandura ayikuye ku bavyeyi biwe. Igicumuro kiramaze imyaka ibihumbi ‘kiganza’ abantu. “Itegeko” ry’igicumuro riguma rikorera muri twebwe. Kubera ko abantu ari abanyabicumuro, usanga bashira imbere inyungu zabo bwite canke ugasanga mu buzima bwabo bashira imbere ivyo kwironkera amatungo canke ububasha, ivyo bakabigira ata kwitaho abandi.​—Abaroma 5:21; 7:17, 20, 23, 25.

2. Akosho kava kuri iyi si mbi tubamwo.

Isi tubamwo irangwa n’umwina be n’ubwikunzi. Mw’isi imeze gutyo, abantu bamwebamwe ntibiborohera gukora ibitandukanye n’ivyo abandi bakora. Babitumwe n’agatima k’ubwikunzi, barahahamira ubukuru. Vyongeye, barahahamira amaronko bakipfuza kuronka ibirenze ivyo bakeneye vy’ukuri. Ikibabaje ni uko badatinya gukoresha ubugunge kugira ngo bashike kuri ivyo bintu bipfuza. Aho kunanira utwosho tubi, “[barakurikira] isinzi mu ntumbero mbi.”​—Kuvayo 23:2.

3. Akosho kava kuri Shetani.

Shetani, ca kiremwa c’impwemu cagarariza, “a[ra]zimiza isi yose.” (Ivyahishuwe 12:9) Arahimbarwa no gukoresha abantu uko yishakiye. Abigiranye uruyeri arashobora gufatira ku cipfuzo umuntu wese afise co kubaho yorohewe mu vy’ubutunzi, maze agatuma nya muntu akoresha ubugunge.

None ivyo vyoba bisigura ko turi udukinisho Shetani yikoreshereza uko yigombeye, ku buryo tubwirizwa gukora ico ashaka cose? Ikiganiro gikurikira kirishura ico kibazo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika