“Indoto yanje yararangutse”
Mu myaka cumi n’itanu iheze, uwitwa Emilia yari umutsimvyi asanzwe. Ariko rero, vyarabaye ngombwa ko ahagarika uwo murimo w’igihe cose. Mu myaka nk’ingahe iheze, yarakunda kuzirikana ico gihe cari giteye umunezero kuruta ibindi vyose mu buzima bwiwe, kandi yaripfuza gusubira kurushiriza kugira uruhara mu busuku.
Ariko rero, akazi Emilia yakora karamutwara umwanya munini cane, kandi iyo ntambamyi yariko iratuma atakaza umunezero. Igihe kimwe ari kumwe n’abo bakorana, yidoze ati: “Icompa nkaza ndakora amasaha makeyi!” Umuhagarikizi wiwe yarumvise ibijanye n’ico kintu maze aramwegera kugira ngo amubaze nimba ivyo ari vyo. Emilia yaramukuye amazinda ko ari ko biri. Ariko rero, kugira ngo ivyo bishoboke vyasaba ko umuyobozi w’iryo shirahamwe avyemeza kubera ko amategeko yarigenga yasaba ko abakozi bose baryihebera bimwe bishitse. Uwo mushiki wacu yariteguriye kubonana n’uwo muyobozi yongera arasenga asaba gutekana no kugira umutima rugabo.
Mu gihe c’uwo mubonano, Emilia abigiranye ubugenge mugabo adatinya yarasavye ko yogabanirizwa amasaha akora. Yasiguye ko akoresha umwanya aba atari ku kivi mu gufasha abandi, ati: “Ndi Icabona ca Yehova, nkaba mfasha abantu mu vy’impwemu. Abantu benshi bariko bararushiriza kwigenza nabi. Barakeneye ingingo ngenderwako be n’ingingo mfatirwako zitomoye, kandi ivyiyumviro biranga ubukerebutsi vyo muri Bibiliya ndabashikiriza birabagirira akamaro. Sinipfuza ko ibikorwa nkora inyuma y’akazi vyotuma ntakora igikorwa canje neza ng’aha, mugabo ndipfuza kuronka umwanya wiyongereye wo gufasha abantu. Ni co gituma nkeneye ko mugabanya amasaha nkora.”
Uwo muyobozi yarumvirije yitonze maze avuga yuko yigeze kuba yiyumvira ivyo gukora igikorwa c’ubugiraneza. Yaciye avuga ati: “Kubera izo mvo utanze, ndabona ko ntegerezwa kukwemerera ivyo usavye. Mugabo woba utahura ko amahera usanzwe uronka azogabanuka?” Emilia yavuze ko abitahura be n’uko hamwe vyoba bikenewe, yokworosha ubuzima bwiwe. Yongeyeko ati: “Intumbero yanje ihambaye kuruta izindi zose ni ugukora ikintu kigirira akamaro vy’ukuri abantu.” Uwo muyobozi yamubwiye ati: “Ndakunda cane abantu bakoresha ata bwikunzi umwanya wabo mu gufasha abandi.”
Nta muntu n’umwe yakoreshejwe n’iryo shirahamwe yari bwigere afatwa mu buryo budasanzwe nk’ubwo. Ubu Emilia akora imisi ine gusa mu ndwi. Yaratangaye cane asanze yaradugirijwe umushahara, akaba ahembwa nk’ayo yahora ahembwa! Avuga ati: “Indoto yanje yararangutse, nkaba narasubiye gukora ubutsimvyi busanzwe!”
Woba wariyumviriye kugira ivyo uhinduye kugira ngo ukore canke usubire gukora umurimo w’ubutsimvyi?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 32]
Uwo muyobozi yamubwiye ati: “Ndakunda cane abantu bakoresha ata bwikunzi umwanya wabo mu gufasha abandi”