Ku bw’urwaruka
Imana iranka rwose akarenganyo
Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ari ho uri, witegereza ibiriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Niwiyumve nk’uko abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru biyumva. Nubone ibivugwa muri iyo nkuru nk’ibiriko biraba koko.
Abantu nyamukuru bavugwamwo: Ahabu, Yezebeli, Naboti na Eliya
Incamake: Umwami Ahabu, yohejwe na Yezebeli, arica umuntu kugira aronke umurima w’imizabibu.
1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA 1 ABAMI 21:1-26.
Wibaza ko abantu bane bavugwa muri iyi nkuru basa gute?
Ahabu ․․․․․
Yezebeli ․․․․․
Naboti ․․․․․
Eliya ․․․․․
Wumva Yezebeli na Ahabu bavugana ijwi rimeze gute ku murongo wa 5-7? ․․․․․
․․․․․
Wovuga ko havyuka urwamo rumeze gute igihe haba ibivugwa ku murongo wa 13? ․․․․․
․․․․․
Wumva Eliya na Ahabu bavuga biyumva gute igihe bahangana, nk’uko bivugwa ku murongo wa 20-26? ․․․․․
․․․․․
2 NURUSHIRIZE KWIMBA.
Ni kamere iyihe (canke izihe) Yezebeli agaragaza ku murongo wa 7 n’uwa 25? ․․․․․
Ni kamere iyihe (canke izihe) Ahabu agaragaza ku murongo wa 4? ․․․․․
Kugira Ahabu atware umurima w’imizabibu wa Naboti, ni nde wundi yabwirijwe kwica? (Soma 2 Abami 9:24-26.) ․․․․․
Yehova yabona gute Ahabu? (Subira usome umurongo wa 25 n’uwa 26. Raba kandi 1 Abami 16:30-33.) ․․․․․
․․․․․
3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .
Yuko Yehova yoba abona akarenganyo. ․․․․․
․․․․․
Yuko Yehova yoba ababaye abarenganijwe. ․․․․․
․․․․․
Ukuntu Yehova yerekana ko ari Imana y’ubutungane. (Soma Gusubira mu vyagezwe 32:4.) ․․․․․
․․․․․
4 UBUNDI BURYO BWO KUBISHIRA MU NGIRO.
Abantu bamwebamwe muri iki gihe bashobora gute kwerekana agatima nk’aka Yezebeli? (Soma Ivyahishuwe 2:18-21.)
․․․․․
Ni mu bihe ibihe vyoba ngombwa ko ugaragaza umutima rugabo nk’uwa Eliya?
․․․․․
Ni igiki womenya udakeka uramutse urenganijwe canke ubonye uwurenganijwe?
․․․․․
5 NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?
․․․․․
Iciyumviro Fata ko uri umumenyeshamakuru. Igihe ushikiriza iyi nkuru, numere nk’uwubaza ibibazo abantu nyamukuru bavugwamwo hamwe n’abiboneye ingene vyagenze.
Ja kuri www.jw.org
Usome Bibiliya mu zindi ndimi kuri Internet
Uronke iki kiganiro canke ugicapure