ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/3 rup. 7-9
  • Utanga impanuro ute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Utanga impanuro ute?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki dukwiye gusaba impanuro?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Ingene twotanga impanuro
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Uburyo bwo Kugira Ubushakashatsi
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Igikoresho c’ubushakashatsi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/3 rup. 7-9

Utanga impanuro ute?

Woba umaze gusabwa guha impanuro abandi? Nk’akarorero, woba umaze kubazwa ibibazo nk’ibi: ‘Nkwiye gukora iki? Noba nkwiye kuja muri uwo mutororokano? Noba nkwiye gukurikirana uwo mwuga? Noba nkwiye kugenderanira n’uwo muntu mu ntumbero yo kuzokwubakana na we?’

Abantu b’umutima nziraburyarya boshobora kugusaba ngo ubafashe gufata ingingo zoshobora kugira ico zikoze ku migenderanire bafitaniye n’abagenzi, umuryango canke mbere ku yo bafitaniye na Yehova. None uzobishura wisunze iki? Usanzwe utanga impanuro ute? Ico kintu bagusavyeko impanuro caba gihambaye canke kidahambaye, mu Migani 15:28 hagira hati:“Umutima w’umugororotsi urazirikana kugira ngo wishure.” Rimbura ukuntu izi ngingo ngenderwako zitanu zo muri Bibiliya zishobora kugufasha mu bijanye no gutanga impanuro.

1 Nutahure ukuntu ibintu vyifashe koko.

“Iyo umuntu yishuye ku kintu ataracumva, ivyo bimubera ubupfu n’agateterwe.”​—IMIG. 18:13.

Kugira ngo dutange impanuro nziza, dutegerezwa gutahura ukuntu ivy’uwo muntu arondera gufashwa vyifashe be n’ukuntu abona ibintu. Tubitangire akarorero: Hamwe umuntu yoguterefona akakubaza inzira nziza kuruta izindi yocamwo kugira ngo ashike iwawe, ni ibiki wokenera kumenya kugira ngo umufashe? Woba womurangira ibarabara ryiza kuruta ayandi yocamwo utabanje kumenya aho ari muri uwo mwanya? Birumvikana ko ata vyo wogira! Muri ubwo buryo nyene, kugira ngo umuntu atange ubuyobozi bubereye, bisaba ko atahura “aho” nyene kurondera ubwo buyobozi ari muri uwo mwanya, ni ukuvuga ukuntu ivyiwe vyifashe be n’ukuntu abona ibintu. Mu kuntu ivyiwe vyifashe, hoba hari ibintu vyoshobora kugira ico bikoze ku nyishu tumuha? Mu gihe tutazi neza ukuntu ibintu vyifashe, twoshobora gutanga impanuro ituma umuntu arushiriza kutabona ico yofata n’ico yoreka.​—Luka 6:39.

Nurondere kumenya ubushakashatsi amaze kugira uko bungana. Vyoshobora kandi kuba ibiranga ubukerebutsi ubajije uwo muntu arondera impanuro ibibazo nk’ibi: “Ni ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya izihe ubona ko zijanye n’ico kintu?” “Ni ivyiza ibihe be n’ingaruka izihe biri mu gufata iyi ngingo canke iriya?” “Ni ubushakashatsi ubuhe umaze kugira?” “Ni imfashanyo iyihe abandi bamaze kuguha, nk’akarorero abakurambere b’ishengero, abavyeyi bawe canke uwukwigisha Bibiliya?”

Inyishu uwo muntu atanga zoshobora kudufasha kumenya utwigoro amaze kugira mu bijanye no kurondera inyishu. N’ikindi kandi, tuzomuha impanuro twisunze ivyo abandi boshobora kuba baramaze kuvuga. Twoshobora kandi kumenya nimba uwo muntu ariko ararondera gusa umuhanuzi ‘azokwagaza amatwi yiwe’ mu kumuha impanuro yipfuza kwumva.​—2 Tim. 4:3.

2 Ntiwihutagize mu kwishura.

“Umuntu wese atebuke kwumva, atebe kuvuga.”​—YAK. 1:19.

Twoshobora kwihutira kwishura ata mvo mbi tubigiranye. Ariko none ivyo vyoba vyama biranga ubukerebutsi, na canecane igihe tuba turiko turaganira ku kibazo tutagiriye ubushakashatsi bunogangije? Mu Migani 29:20 havuga hati: “Waritegereje umuntu yihutagiza mu majambo yiwe? Hari icizigiro ku muntu w’ikijuju kuruta kuri uyo.”

Nufate umwanya kugira ngo wiyemeze neza ko ukuntu uvyifatamwo guhuye neza n’ubukerebutsi buva ku Mana. Niwibaze uti: ‘Ivyiyumviro vy’abantu be n’“impwemu y’isi” vyoba vyagize akosho ku vyiyumviro vyanje?’ (1 Kor. 2:12, 13) Uribuka yuko gukora ikintu ubigiranye imvo nziza vyonyene vyoshobora kuba bidahagije. Intumwa Petero, amaze kumenya igikorwa kitoroshe Yezu yari yashinzwe, yamuhanuye ati: “Ibabarire, Mukama; ntuzogenda ushikiwe n’ivyo bintu.” Twokwigira iki ku kuntu Petero yavyifashemwo? Ico twokwiga ni uko mbere n’umuntu w’umutima nziraburyarya atabaye maso yoshobora gusanga aremesheje ‘ivyiyumviro vy’abantu, aho kuremesha ivy’Imana.’ (Mat. 16:21-23) Ese ukuntu bihambaye ko twiyumvira imbere y’uko tuvuga! Nakare, none ivyo tuzi si bike cane ubigereranije n’ubukerebutsi bw’Imana?​—Yobu 38:1-4; Imig. 11:2.

3 Nushire mu ngiro Ijambo ry’Imana wicishije bugufi.

“[Nta] kintu na kimwe nkora ndavyigeneye; mugabo nk’uko Data yanyigishije ni ko mvuga ivyo bintu.”​—YOH. 8:28.

Woba uzovuga uti: “Iyo mba wewe, nari . . . ”? Naho nyene inyishu y’ikibazo umuntu akubajije iba isa n’iyibonekeza, vyoba vyiza wigiye ku karorero ko kwicisha bugufi n’ukwifata ruto Yezu yasize. Yari afise ubukerebutsi n’ubumenyi biruta kure n’iyo ivy’uwundi muntu uwo ari we wese; yamara yavuze ati: “[Sina]vuze ndavyitumye, ahubwo Data ubwiwe. . . yampaye ibwirizwa ry’ivyo ntegerezwa kumenyesha n’ivyo ntegerezwa kuvuga.” (Yoh. 12:49, 50) Ivyo Yezu yigisha be n’impanuro yatanga vyama nantaryo bishingiye ku vyo Se wiwe agomba.

Nk’akarorero, muri Luka 22:49 havuga yuko igihe Yezu yagira afatwe, abigishwa biwe bamubajije ko boba bakwiye kurwana. Umwigishwa umwe yarakoresheje inkota. Mu nkuru isa n’iyo iri muri Matayo 26:52-54, urabona yuko no muri ivyo bihe, Yezu yafashe akanya agafasha abigishwa biwe kuzirikana ivyo Yehova agomba. Kubera ko Yezu yari azi ingingo ngenderwako ziri mw’​Itanguriro 9:6 be n’ubuhanuzi buri muri Zaburi 22 no muri Yesaya 53, yarashoboye gutanga ubuyobozi buranga ubukerebutsi akaba ata gukeka ko bwatumye abantu barokoka bwongera burahimbara Yehova.

4 Nukoreshe ububiko bwawe bwa gitewokarasi.

“None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge shebuja yashinze abakozi biwe bo mu nzu, kugira abahe ibifungurwa vyabo ku gihe kibereye?”​—MAT. 24:45.

Yezu yaragenye umugwi w’umushumba wo kwizigirwa utanga ibifungurwa ngirakamaro vyo mu buryo bw’impwemu. Igihe uriko uratanga impanuro n’ubuyobozi vyerekeye ibintu bihambaye, woba ufata umwanya ukagira ubushakashatsi bunogangije mu bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya?

Ironderero (Index des Publications Watch Tower) na ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu (Watchtower Library)a birimwo amakuru menshi kandi atomoye dushobora kwikorako. Ese ukuntu kwoba ari ukwihenda umuntu yirengagije ayo makuru ngirakamaro! Haratangwa ivyiyumviro ibihumbi n’ibihumbi, hamwe n’ibiganiro vyinshi bifasha umuntu ariko ararondera impanuro. Woba uri umuhanga mu vyo gufasha abandi kurondera ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya no kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana? Nka kurya nyene ikarata ndondabihugu ishobora gufasha umuntu kumenya aho ari ikongera ikamuyobora gushika iyo ariko araja, ni na ko ibikoresho vyo kugira ubushakashatsi bishobora kumufasha kubona ibarabara arimwo no kumenya ukuntu yoguma mu nzira ijana mu buzima.

Abakurambere benshi baramenyereje abamamaji kurondera ibiganiro bakoresheje iryo ronderero canke ico cegeranyo, gutyo barafasha abo basangiye ukwemera kuzirikana ku Vyanditswe. Uretse ko ivyo bifasha abamamaji gutorera umuti ibibaraje ishinga, birabafasha kandi gutsimbataza akamenyero ko kugira ubushakashatsi no kwiheka ku ntunganyo zo mu vy’impwemu Yehova yadushiriyeho. Muri ubwo buryo, “ububasha bwabo bwo gutegera bu[ra]menyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi.”​—Heb. 5:14.

5 Ntugerageze gufatira abandi ingingo.

“Umwe wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite.”​—GAL. 6:5.

“Impera n’imperuka, umuntu wese abwirizwa kwihitiramwo impanuro yokurikiza. Yehova arareka twese tugakoresha umwidegemvyo wo guhitamwo nimba tuzoyoborwa canke tutazoyoborwa n’ingingo ngenderwako ziwe. (Gus. 30:19, 20) Ibintu bimwebimwe usanga bijanye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zitari nke, kandi amaherezo, uwo muntu aba ariko ararondera impanuro ategerezwa kwifatira ingingo. Twisunze ikibazo canke imyaka uwo muntu arondera ko tumuhanura aba afise, twoshobora kandi kuba dukeneye kwibaza duti: ‘Noba vy’ukuri mfise uburenganzira bwo kwishura ico kibazo?’ Vyoba vyiza ibintu bimwebimwe bishikirijwe abakurambere b’ishengero, canke na ho mu gihe nyene kubaza ikibazo ari uwukiri muto, bigashikirizwa abavyeyi biwe.

[Akajambo k’epfo]

a Ico cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu (Watchtower Library) kiri ku kadisiki kitwa CD-ROM ubu kiboneka mu ndimi 39. Iryo ronderero (Watch Tower Publications Index) ubu riboneka mu ndimi zirenga 45.

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 8]

Ivyo mwoshira mu gusenga kwo mu muryango

Mubona gute mu gusenga kwo mu muryango mugize ubushakashatsi kugira ngo murondere inyishu z’ibibazo umwe muri mwebwe aheruka kubazwa? Ni ibiganiro ibihe be n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya izihe mwotora vyoshobora gufasha nyene kubaza ivyo bibazo? Nk’akarorero, dufate ko hari umuvukanyi canke mushiki wacu abajije ibijanye no kugenderanira n’umuntu ku bwo kuzokwubakana na we. Igihe muriko murakoresha ironderero canke ca cegeranyo c’ibiganiro, nimubanze murabe iciyumviro gifitaniye isano cane n’ico kibazo. Nk’akarorero, muri iryo ronderero mwoshobora kuraba ahavuga ibijanye n’ukugenderanira (Fréquentations) canke ibijanye n’umubano w’abubatse (Mariage). Nimuce mucisha amaso mu dutwe turi munsi y’iryo jambo kugira ngo mutore ibiganiro bifitaniye isano n’ico ciyumviro. Igihe muriko murihweza agatwe nyamukuru, nimurabe nimba hariho amajambo avuga ngo “Raba kandi” (Voir aussi), ano akaba yoshobora kukwerekeza ku gatwe gafitaniye isano cane n’ivyo muriko murarondera.

[Uruzitiro ku rup. 9]

Tubifashijwemwo n’intunganyo Yehova yadushiriyeho abicishije kw’ishirahamwe ryiwe, turashobora gutanga no guhabwa impanuro nziza kuruta izindi. Mu Musiguzi 12:11 hagira hati: “Amajambo y’abantu b’inkerebutsi ameze nk’imihunda y’inka, kandi abaja mu vyo gutunganya ivyegeranyo vy’amajambo bameze nk’imisumari itewe; vyatanzwe bivuye ku mwungere umwe.” Nka kurya kw’“imihunda y’inka,” iyo na yo akaba ari inkoni zisongoye zikoreshwa mu kuyobora ibitungwa bitwara imizigo, impanuro ziranga urukundo kandi z’ingirakamaro zirayobora abantu b’imitima nziraburyarya zikabashikana iyo bariko baraja. “Imisumari itewe” iratuma inyubakwa itanyiganyiga. Muri ubwo buryo nyene, guha abandi impanuro nziza birashobora gutuma batanyiganyiga. Abantu b’inkerebutsi bararonka umunezero mwinshi cane mu kurimbura “ivyegeranyo vy’amajambo” bigaragaza ubukerebutsi bw’“umwungere umwe” wabo, ari we Yehova.

Niwigane uwo Mwungere igihe utanga impanuro. Ese ukuntu ari agateka guha impanuro ngirakamaro umuntu atega yompi, igihe cose tubishoboye! Nitwatanga impanuro zishingiye vy’ukuri ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, zizoba ngirakamaro kandi zoshobora gutuma nyene kuzumviriza yironkera ivyiza bizokwamaho.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika