ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/6 rup. 2-4
  • Ubukene butagira izina bumeze gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubukene butagira izina bumeze gute?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Utwigoro two gukuraho ubukene
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Malariya
    Be maso!—2015
  • Aho umuti ruhasha w’ubukene ushobora kuva
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/6 rup. 2-4

Ubukene butagira izina bumeze gute?

UBUKENE butagira izina burageramira ubuzima. Ubukene butagira izina ni ukutaronka ibifungurwa, ivyo gucana be n’amazi bihagije, tutibagiye ukubura ahantu heza ho kuba be n’uburyo bukwiye bwo kwitwararika amagara no kuja kw’ishure. Ubukene burageramiye abantu umuliyaridi, ni ukuvuga hafi abangana n’abantu bose baba muri Afrika. Yamara, abantu benshi bo mu bice bimwebimwe nko mu Buraya bwo mu Burengero no muri Amerika ya Ruguru ntibarigera babona umuntu ari mu bukene butagira izina. Reka rero twumve bamwebamwe muri abo bakene ingene ivyabo vyifashe.

Mbarushimana aba muri Afrika mu gihugu c’Urwanda, hamwe n’umukenyezi wiwe n’abana batanu. Umwana agira gatandatu yahitanywe na malariya. Mbarushimana avuga ati: “Dawe yabwirijwe kugabura itongo ryiwe mu migabane itandatu. Umugabane wanje wari mutoyi cane ku buryo nabwirijwe kwimukana n’umuryango wanje tuja mu gisagara kimwe. Twe n’umukenyezi wanje dukora akazi ko kwikorera imipfuko y’amabuye n’umusenyi. Inzu yacu ntigira amadirisha. Tuvoma amazi kw’iriba riri ku kirindiro c’abapolisi. Kenshi turya rimwe ku musi, mugabo iyo tutaronse akazi, turabwirirwa tukaburara. Igihe ivyo bishitse, nca ndaba iyo nja kuko ntashobora kwihanganira kuguma numva abana bariko bararira basaba ivyo kurya.”

Victor na Carmen bakora akazi ko gushona ibirato. Baba mu gasagara kari ukwa konyene ko muri Boliviya hamwe n’abana babo batanu. Bapanze icumba kimwe mu nzu ishaje yubakishije amatafari y’ivyondo, isakaje amabati yatobaguritse kandi itagira umuyagankuba. Ishure ryaho ririmwo abana benshi cane ku buryo Victor yabwirijwe gukora agatebe k’agakobwa kiwe kugira gashobore kuja kw’ishure. Uwo mugabo n’umugore bategerezwa kugira ibilometero 10 bagiye gusenya inkwi zo gutekesha ivyo kurya n’amazi yo kunywa. Carmen avuga ati: “Nta kazu ka surwumwe dufise. Tubwirizwa rero kumanuka ku ruzi, akaba ari na rwo abantu biyogamwo bagatamwo n’iyarara. Abana baguma barwaragurika.”

Francisco na Ilídia baba mu karere ko mu gihugu hagati muri Mozambike. Bane mu bana babo batoyi baracariho; uwundi we yahitanywe na malariya inyuma y’aho ibitaro bimwe vyankiye kumwakira. Uwo mugabo n’umugore bararima mu gatongo kabo umuceri n’ibijumbu barya amezi atatu. Francisco avuga ati: “Birashika tukabura imvura canke abasuma bakiba ivyo twarimye, ngaca rero ndondera uduhera mu guca imigano, nkayisatagura ngaheza nkayigurisha kugira ngo bayubakishe. Vyongeye, turaja gusenya inkwi mw’ishamba, akaba ari ahantu tugenda amasaha abiri. Twe n’umukenyezi wanje, umwe wese azana umuganda, umwe wo kumara indwi dutekesha n’uwundi wo kugurisha.”

Benshi babona ko hariho ikitagenda neza kandi c’akarenganyo muri iyi si aho umuntu umwe mu bantu indwi abaho nka Mbarushimana, Victor canke Francisco, mu gihe abandi amamiliyaridi usanga bafise ubutunzi bw’akatabonetse. Bamwebamwe baragerageje kugira ico bakoze ku bijanye n’ico kibazo. Ikiganiro gikurikira kirerekana utwigoro bagize n’ivyizigiro bari bafise.

[Ifoto ku rup. 2, 3]

Carmen ari kumwe na babiri mu bana biwe, bariko baradaha amazi mu ruzi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika