ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/3 rup. 2-3
  • Ubuhanuzi buhambaye cane

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuhanuzi buhambaye cane
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Twoba turi mu “misi ya nyuma”?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Mariko 1:15: “Ubgami bg’Imana buri hafi”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Umuhero woba uri hafi?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Intumwa zisaba ikimenyetso
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/3 rup. 2-3

Ubuhanuzi buhambaye cane

“Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.”​—MATAYO 24:14.

INCABWENGE mu vya Bibiliya ziremera ko uwo murongo uhambaye cane. Urahambaye kuko uvuga ibijanye n’igikorwa kirangurwa kw’isi yose. Urahambaye kandi kuko werekana ikintu abakirisu bobwirijwe gukora, na co kikaba ari igikorwa co kwamamaza inkuru nziza cobaye ikimenyetso citangira imbere ikintu gihambaye cane kandi gishika kure kigashika no ku bintu bikomeye. Ico kintu Yezu yacise “iherezo.”

Ubuhanuzi buvugwa muri uwo murongo buriko buraranguka muri iki gihe. Burakuraba kuko iyo nkuru nziza itera abantu akamo ikongera igatanga imburi. Buraguha akaryo ko guhitamwo gushigikira Ubwami bw’Imana canke kuburwanya. Ico uhitamwo kiragira ico gikoze ku buzima bwawe.

Rimbura uko ibintu vyari vyifashe igihe Yezu yavuga ayo majambo. Hagisigaye imisi itari mike ngo Yezu amanikwe, abigishwa biwe baraje aho ari maze baramubaza ivyerekeye kazoza. Baripfuza cane kumenya ivyerekeye ishingwa ry’Ubwami bw’Imana, ubwo Yezu yari yaravuze akatari gake. Bashaka kandi kumenya ivyerekeye “insozero y’ivy’isi” canke “umuhero w’isi” nk’uko Bibiliya zimwezimwe zibivuga.​—Matayo 24:3, Bibiliya Yera.

Mu kwishura, Yezu yavuze ko hobaye intambara, amapfa, ibiza, na vya nyamugigima bikomeye, bikaba ku rugero runini rwose. Yavuze kandi ko ubugarariji bwokwongerekanye, abigisha b’ivy’idini b’ikinyoma bakazimiza benshi, kandi abakirisu b’ukuri bakankwa bakongera bagahamwa. Izo zose zari inkuru mbi.​—Matayo 24:4-13; Luka 21:11.

Ariko hariho n’inkuru nziza. Yezu yaciye avuga arya majambo yasubiwemwo mu ntango. Mu binjana n’ibindi, ayo majambo yaratumye abantu bibaza insobanuro yayo yongera arabaremesha. Naho abantu bemera ko ayo majambo ya Yezu ahambaye, insobanuro yayo ntibayihurizako. None neza na neza iyo nkuru nziza ni iki? Ubwami bwo ni iki? Ubwo buhanuzi buzoranguka ryari kandi ni nde azoburangura? Vyongeye, “iherezo” ni iki? Reka tubirabe.

[Ifoto ku rup. 2, 3]

Ikopi y’icandikano c’iminwe c’i washington kirimwo za njili zine. ayo majambo ari mu ndome zizize ni ayo muri matayo 24:14

[Abo dukesha ifoto]

Vyakuwe mu gitabu Facsimile of the Washington Manuscript of the Four Gospels in the Freer Collection 1912

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika