Niwiyegereze Imana
“Uze unyibuke, ewe Mana yanje, ungirire iciza”
“NAHORA niyumvira ko Yehova, we anzi neza, atokwigeze ankunda canke ngo anshime.” Ivyo vyanditswe n’umukenyezi mukirisu umwe w’umwizigirwa yanyinyanye n’ukwumva umengo nta co amaze. Woba urigera wumva umerewe nk’ukwo, ukiyumvira ko utabereye ko Imana yokubona, tureke n’ivy’uko yogushima? Nimba bimaze kugushikira, amajambo dusanga muri Nehemiya 13:31 yoshobora kukuremesha.
Nehemiya yari buramatari w’Abayuda mu kinjana ca gatanu B.G.C. (B.G.C. bisobanura ngo imbere y’igihe cacu). Yarakora uko ashoboye kwose kugira ngo ahimbare Imana. Yarahagarikiye igikorwa co gusubira kwubaka impome za Yeruzalemu naho bariko bararwanywa n’abansi babo. Yararemesheje abantu kwumvira Itegeko ry’Imana, aritwararika abacinyizwa yongera aragerageza gukomeza ukwizera kw’Abisirayeli bagenziwe. None Imana yoba yarabonye ivyiza uwo mugabo w’umwizigirwa yakoze? Nehemiya yoba yarashimwa na Yehova? Inyishu z’ivyo bibazo turashobora kuzisanga mu majambo asozera igitabu citirirwa izina ryiwe.
Nehemiya asenga ati: “Uze unyibuke, ewe Mana yanje, ungirire iciza.”a Nehemiya yoba afise ubwoba bw’uko Imana itabonye ibikorwa vyiza yakoze canke ko izomwibagira? Ihibambewe. Nta gukeka ko Nehemiya azi neza ivyo abanditsi ba Bibiliya bamwitangiye imbere bavuze ku bijanye n’uko Yehova yitwararika cane abasavyi biwe b’abizigirwa, akitwararika n’ibikorwa vyabo vyiza. (Kuvayo 32:32, 33; Zaburi 56:8) None ariko asaba Imana iki? Igitabu kimwe kivuga ko ijambo ry’igiheburayo rihindurwa ngo “kwibuka” ririmwo iciyumviro c’“urukundo umuntu aba afitiye ikintu be n’ico aheza agakora amaze kukigarukana mu bwenge.” Kubera ko Nehemiya yizeye rwose ububasha isengesho rifise, ariko arasaba Imana ngo imwibuke ibigiranye urukundo kandi imuhezagire.—Nehemiya 2:4.
Yehova yoba none azokwishura isengesho Nehemiya yamutuye amusaba ngo amwibuke? Mu buryo bumwe, aramaze kuryishura. Kuba Yehova yarashimye ko isengesho rya Nehemiya rizigamwa rikaba mu bigize Ivyanditswe vyahumetswe, biratwemeza neza ko yibuka Nehemiya abigiranye urukundo. Ariko rero, Umwe “[y]umva amasengesho” azokora n’ibindi mu kwishura isengesho rivuye ku mutima Nehemiya yatuye.—Zaburi 65:2.
Imana izohemba kandi Nehemiya kubera ivyiza vyose yakoze kugira ngo ateze imbere ugusenga gutyoroye. (Abaheburayo 11:6) Mw’isi nshasha igororotse Yehova yasezeranye igiye kuza, azohezagira Nehemiya mu kumuzura mu bapfuye.b (2 Petero 3:13; Ivyahishuwe 21:3, 4) Igihe Nehemiya azoba ari mw’isi nshasha afise icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo, azibonera ko Yehova vy’ukuri yibutse ivyiza yakoze.
Isengesho rya Nehemiya riremeza ko Umwami Dawidi yavuze ukuri nk’ukurima igihe yavuga ati: “Ubwawe uzohezagira umuntu wese w’umugororotsi, ewe Yehova! Uzobakikuza ugushimwa, nk’aho ukoresheje inkinzo yagutse.” (Zaburi 5:12) Ego cane, Imana irabona kandi iraha agaciro utwigoro tuvuye ku mutima tugira kugira ngo tuyihimbare. Nimba ukora uko ushoboye kwose kugira ngo uyikorere, urashobora kwizigira yuko izokwibuka ibigiranye urukundo yongere iguhunde imihezagiro.
Aho turemeshejwe gusoma muri Ruhuhuma:
[Utujambo tw’epfo]
a Iyo ni yo ncuro ya nyuma mu ncuro zine ayo majambo aboneka muri ico gitabu co muri Bibiliya, izo ncuro zose Nehemiya akaba asaba Imana ngo ize imugirire neza kubera ibikorwa vy’ubwizigirwa yakoze.—Nehemiya 5:19; 13:14, 22, 31.
b Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’umugambi Imana ifitiye abantu b’abizigirwa ng’aha kw’isi, raba ikigabane ca 3 n’ica 7 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.