ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/2 rup. 3
  • Kubera iki imibano isambuka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki imibano isambuka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Ivyabona vya Yehova babona gute ivy’ukwahukana?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Niwubahe “ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe . . . ”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/2 rup. 3

Kubera iki imibano isambuka?

“Abafarizayo baza kuri [Yezu] barondera kumugerageza, bavuga bati: ‘Vyoba vyemewe ko umugabo yirukana umugore wiwe ku mvo iyo ari yo yose?’”​—Matayo 19:3.

BAMWEBAMWE mu babayeho mu gihe ca Yezu baravyuye ibibazo ku bijanye n’uko imibano yoba ishobora canke yoba ikwiye kuramba. Yezu yabishuye ati: “Mbega ntimwasomye yuko uwabaremye kuva mu ntango yabagize umugabo n’umugore, akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akifatanya n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe’? Ku buryo bataba bakiri babiri, ahubwo baba ari umubiri umwe. Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.”a (Matayo 19:4-6) Biribonekeza yuko Imana yashaka ko imibano iramba.

Mu bihugu vyinshi muri iki gihe, abubakanye bashika ku bice nka 40 kw’ijana canke birenga usanga ‘batana,’ bakaruhira kwahukana. None impanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’umubano zoba zarataye igihe ubutakivayo? Imibano yoba kumbure isambuka kubera ko iyo ntunganyo y’umubano ubwayo iri n’agahaze?

Zirikana kuri aka karorero: Dufate ko mu ngo zibiri baguze imiduga y’ubwoko bumwe. Aba mbere barabungabunze umuduga wabo kandi bawunyonga biyubara. Umuduga wabo ntupfuye ngo ureke gukora. Aba kabiri ntibafashe umwanya wo kubungabunga umuduga wabo canke ngo bagire akigoro ko kuwitwararika, kandi bapfa uko bawunyonze. Uwo muduga wabo urapfuye maze barawuhevye. None kuri abo ba kabiri, ikosa riri hehe? Ku muduga canke kuri benewo? Biratomoye ko benewo ari bo ahanini bobibazwa.

Mu buryo nk’ubwo, kuba imibano myinshi isambuka ntibisobanura ko intunganyo y’umubano ubwayo hari ukuntu iri n’akanenge. N’ikivyemeza ni uko hari imibano amamiliyoni iroranirwa. Iyo mibano iratuma abantu ku giti cabo, abagize imiryango be n’abagize ikibano bagira agahimbare n’ugutekanirwa. Mugabo nka kurya kw’umuduga, umubano urakenera kwitwararikwa no kwama wabungabunzwe kugira ngo ushobore kuramba.

Umubano wanyu waba umaze imisi mikeyi canke imyaka mirongo, impanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’ingene wobungabungwa ukongera ugakomezwa zirashobora vy’ukuri kuba ngirakamaro. Raba uburorero bumwebumwe buvugwa mu kiganiro gikurikira.

[Akajambo k’epfo]

a Bibiliya irarekurira umuntu kwahukana igihe haba habaye ukurenga ibigo.​​—Matayo 19:9.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika