Raba rya zina mu mubande
SAINT MORITZ. Woba umenyereye kwumva iryo zina? Woshobora kuba umenyereye kuryumva, kubera ko ari ikibanza abantu benshi bakunda kuja gufatiramwo akaruhuko kiri mu mubande witwa Engadine mu Busuwisi. Mugabo Saint Moritz ni ikibanza kimwe gusa kimaze igihe kirekire gikwegera abantu bakaza muri uwo mubande w’akaroruhore uherereye hagati ya rwa runani rw’imisozi yitwa Alpes ifise amasonga ariko ibintu bimeze nk’ibibarafu iri mu gace k’Ubusuwisi ko mu Bumanuko bushira Ubuseruko hafi y’urubibe ico gihugu gihana n’Ubutaliyano. Ni ho kandi hari ikibanza abantu baratira ijisho co mu Busuwisi (Swiss National Park), aho ubwiza bw’ako karere be n’ubwoko butandukanye bw’ibimera n’ibikoko bishemeza Umuremyi wacu Ahambaye Yehova. (Zab. 148:7-10) Ariko rero, ibisigarira vy’ibintu vyerekana imigenzo yo muri ako karere yakurikizwa kuva hagati mu kinjana ca 17 na vyo nyene biramushemeza.
Ku mazu menshi yo muri uwo mubande hariko ikintu kidasanzwe coshobora kugukwegera. Urashobora kubona izina ry’Imana ryanditse ku ruhome rw’inzu ruraba kw’irembo, nko hejuru y’umuryango mukuru. Mu binjana vya kera, bari bafise umugenzo wo gushariza inyuma ku mazu bakoresheje ivyandiko, vyaba ivyandikishijwe irangi ku ruhome, ibikwaraguwe ku ruhome, canke ibisaruye mw’ibuye. Ng’aha urahabona ifoto y’inzu yo mu kigwati ca Bever. Amajambo yanditse kuri iyo nzu asobanura ngo: “Mu mwaka wa 1715. Yehova ni we ntango, kandi Yehova ni we herezo. Ibintu vyose abantu bashikako babikesha Imana, kandi nta na kimwe bashobora gushikako itabafashije.” Ego cane, kuri ico candiko ca kera izina ry’Imana ry’uruharo ribonekamwo incuro zibiri.
Mu kigwati ca Madulain, urashobora kuhabona mbere icandiko ca kera kuruta ico. Ico candiko kigira giti: “Zaburi 127. Yehova iyo atari we yubaka inzu, abayubaka baba baruhira ubusa. Lucius Rumedius. Mu mwaka wa 1654.”
Ni kubera iki none muri uwo mubande izina ry’Imana rishirwa aho abantu bashobora kuribona? Kera mu gihe ca kwa Gutunganya ivy’idini bushasha, Bibiliya yarasohowe mu rurimi rw’ikiromanshe, runo rukaba rwari ururimi rukomoka ku kilatini rwavugwa mu karere ka Engadine. Nkako, ni co gitabu ca mbere cahinduwe muri urwo rurimi. Kubera ko abantu benshi bo muri ako karere bakozwe ku mutima n’ivyo basomye mw’Ijambo ry’Imana, baranditse ku mazu yabo amazina yabo be n’amajambo yo muri Bibiliya arimwo izina ry’Imana ry’uruharo.
Ego cane, kuva igihe ivyo vyandiko vyatangura kwandikwa kuri ayo mazu, hakaba haciye imyaka amajana n’amajana, birabandanya gutangaza izina rya Yehova no kumuninahaza gushika n’uyu musi. Turahaye ikaze ingenzi zigendera uwo mubande be n’abahaba kugira ngo bige vyinshi ku vyerekeye iyo Mana nziza igitangaza Yehova, mu kugendera iyindi nyubakwa yanditseko izina ryayo, iyo na yo ikaba ari Ingoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova y’i Bever.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 7]
© Stähli Rolf A/age fotostock