ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/1 rup. 19
  • Woba wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Aho baba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Aburahamu—Akarorero k’Ukwizera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • “Se w’abari n’ukwizera bose”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Amazi adudubiza ngo atange ubuzima budahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/1 rup. 19

Woba wari ubizi?

Ko muri Isirayeli ici rimara igihe kinini, ni ubuhinga ubuhe abahaba mu bihe vya kera bakoresha kugira ngo ntibakene amazi?

▪ Hagati ya Gitugutu na Ndamukiza, imvura iragwa muri Isirayeli kandi rimwe na rimwe usanga amazi atemba ari menshi mu myonga. Ariko rero mu ci, izo nzuzi z’igihe gito zirakama nka zose, imvura na yo igashobora kumara amezi itagwa. None abantu bo mu bihe vya Bibiliya babigenza gute kugira ngo bame bafise amazi?

Ico kibazo bagitorera umuti mu kwimba imifurege ku misozi maze amazi y’urushana bakayakebereza mu matangi, ni ukuvuga mu binogo baba bimvye mu kuzimu. Mu gusakara amazu, barayasongora bihagije kugira ngo amazi y’imvura bayerekeze muri ayo matangi. Imiryango myinshi yaba yifitiye itangi yisangije, rikaba ari ryo bakuramwo amazi yo kwivuna akanyota.​—2 Abami 18:31; Yeremiya 6:7.

Abisirayeli kandi wasanga bikora ku mazi yo mu masôko. Mu misozi, amazi y’imvura y’urushana arinjira mu butaka agashika ahantu hashashe urutare adashobora kumena, akaguma atemba kuri rwo gushika asubiye kududubiza mu masôko. Kuba akenshi wasanga ibigwati vyubakwa hafi y’isôko (iryitwa en mu giheburayo) birerekanwa n’amazina y’ibibanza nka Eni-shemeshi, Eni-rogeli hamwe na Eni-gedi. (Yosuwa 15:7, 62) I Yeruzalemu, hari umufurege bimvye mu gitandara kugira ngo bashikane muri ico gisagara amazi yo mu masôko.​—2 Abami 20:20.

Ahatagira amasôko, baca bimba iriba (iryitwa beʼerʹ mu giheburayo) nka rimwe ry’i Beyeri-sheba, kugira bashikire amazi yo mu kuzimu. (Itanguriro 26:32, 33) Umwanditsi yitwa André Chouraqui avuga ati: “Ubuhinga [Abisirayeli] batoye bwo gutorera umuti ico kibazo c’amazi n’ubu turacabwikugura.”

Ni inzu bwoko ki Aburamu (ari we Aburahamu) ashobora kuba yarabayemwo?

▪ Aburamu n’umugore wiwe baba i Uri, kikaba cari igisagara gitunze c’Abakaludaya. Ariko babitegetswe n’Imana, baravuye muri ico gisagara batangura kuba mu mahema. (Itanguriro 11:31; 13:12) Rimbura ivyo iryo hinduka rishobora kuba ryarasavye ko baheba.

Igisagara ca Uri, ikiri muri Iraki ya none, cubuwe n’uwitwa Leonard Woolley biciye ku bucukuzi, hagati ya 1922 na 1934. Mu nyubakwa nyinshi yabonye, harimwo amazu ashika 73 yubakishije amatafari. Menshi muri ayo mazu yari afise ivyumba bikikuje imbuga ishashemwo amabuye iri hagati na hagati. Kuri iyo mbuga haratemba buhoro herekeza hagati na hagati, ahaba hari umuhora utwara amazi mabi. Mu mazu maninimanini, icumba cose c’abashitsi cari gifise akazu ka surwumwe cisangije. Mu bindi vyumba vyo hasi wasanga harimwo ivy’uburyamo bw’abashumba be n’ibikoni bifise aho bacana umuriro. Abagize umuryango baba hejuru, umuntu akaba yashikayo yuriye ingazi. Izo ngazi zaca zigushikana mw’ibaraza yubakishije imbaho yaba ikikuje ya mbuga, gutyo ugashobora kwinjira mu vyumba vyo hejuru.

Woolley yanditse ati: “Inzu . . . ifise imbuga ishashemwo amabuye be n’impome zisize neza ishwagara, ikagira imihora yo gutwara amazi mabi, . . . ikaba ifise n’ivyumba cumi na bibiri canke birenga, uyiravye wovuga ko uwuyibamwo yaba yifise vy’ukuri. Ariko mwene ayo mazu yari . . . ay’abafise ubuzima bubayabaye, abadandaza mu maduka, abadandaza batobato, abanditsi be n’abandi.”

[Ifoto ku rup. 19]

Itangi, Horvot Mezada, muri Isirayeli

[Abo dukesha ifoto]

© Masada National Park, Israel Nature and Parks Authority

[Ifoto ku rup. 19]

Igicapo c’inzu yo mu gihe ca Aburahamu

[Abo dukesha ifoto]

© Ico gicapo tugikesha: A. S. Whitburn

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika