ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/12 rup. 25
  • Umuntu ntiyigera arengerana gukorera Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuntu ntiyigera arengerana gukorera Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ibintu vy’intibagirwa niboneye mu murimo w’Ubwami
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • “Mukeneye ukwihangana”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ukuntu wonezerererwa ingabirano y’ubwirebange
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Mari igisagara cari gikomeye cane co mu bugaragwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/12 rup. 25

Umuntu ntiyigera arengerana gukorera Imana

I Málaga mu Bumanuko bwa Esupanye, hari inabibondo n’umukobwa wiwe, bompi bakaba bitwa ba Ana, babatijwe ku wa 19 Kigarama 2009. Bari mu bantu 2.352 bateye iyo ntambwe muri Esupanye mu 2009. Mugabo hari ikintu kidasanzwe ku bijanye n’uwo inabibondo be n’umukobwa wiwe, na co kikaba ari imyaka bari bafise. Umwe yari afise imyaka 107 uwundi akagira 83!

Ni igiki catumye babatizwa mu kwerekana ko biyeguriye Yehova? Mu ntango z’imyaka ya 1970, hari umubanyi yakunda gutumira uwo mukobwa Ana ku Nyigisho y’igitabu y’ishengero yabera ku muhana w’Icabona. Rimwe na rimwe Ana yaritaba iyo nyigisho. Ariko rero kubera akazi Ana yakora, ntiyigeze atera imbere.

Haciye imyaka nka cumi, bamwebamwe mu bana ba Ana baratanguye kwiga Bibiliya maze mu nyuma baraba abasavyi ba Yehova. Umwe muri bo ari we Mari Carmen, amaherezo yarafashije nyina gusubira gukunda ukuri kwo muri Bibiliya yongera aramufasha kwemera kwiga Bibiliya. Mu nyuma, inakuru wa Mari Carmen, ni ukuvuga Ana mukuru, na we nyene yaratanguye gushimishwa na Bibiliya. Amaherezo, cumi mu bagize uwo muryango barateye intambwe yo kubatizwa.

Ku musi abo ba Ana bompi, ni ukuvuga umukobwa na nyina, babatizwa, akamwemwe kariko karabasya. Ana w’imyaka 107 yavuze ati: “Yehova yarangiriye neza cane, kubera ko yatumye ndamumenya.” Umukobwa wiwe Ana yongeyeko ati: “Imbere y’uko Iparadizo iza, ndipfuza gukorera Yehova, mu gukora ivyo agomba no mu kwamamaza inkuru nziza uko nshoboye kwose.”

Ikintu gituma abo bapfakazi babiri bagira umunezero udasanzwe ni ukwitaba amakoraniro. Umwe mu bakurambere bo mw’ishengero barimwo avuga ati: “Ntibigera basiba ikoraniro na rimwe. Bama biteguriye gutanga insasanuro ku nyigisho y’Umunara w’Inderetsi.”

Akarorero kabo karanga ubwizigirwa karatwibutsa umupfakazi umwe yitwa Ana, “atigera ahara mu rusengero, akora igikorwa ceranda ijoro n’umurango yisonzesha yongera atakamba.” Ivyo vyatumye aterwa agateka ko kubona Yezu akiri uruyoya. (Luka 2:36-38) Igihe Ana yari afise imyaka 84, ntiyari ashaje cane ku buryo atari gushobora gukorera Yehova, kandi ni na ko biri kuri abo ba mazina biwe bo muri iki gihe.

Woba ufise incuti zipfuza kwumviriza ubutumwa bwo muri Bibiliya? Canke woba umaze guhura n’umuntu ashimishwa ageze mu zabukuru yipfuza kukwumviriza igihe umugendeye? Abantu nk’abo barashobora kuba nka ba Ana bavugwa muri iyi nkuru, kuko umuntu atigera arengerana gukorera Imana y’ukuri Yehova.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 25]

“Yehova yarangiriye neza cane”

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 25]

“Imbere y’uko Iparadizo iza, ndipfuza gukorera Yehova”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika