Insiguro y’icese idasanzwe
Amahoro n’umutekano nyakuri tuzobironka ryari?
Abantu baramaze imyaka ibihumbi barondera amahoro n’umutekano. Ariko kuronka amahoro nyakuri vyarabataye ku w’amazi. Uti kubera iki? Bibiliya iratanga imvo zibiri nyamukuru zatumye kuronka amahoro bita abantu ku w’amazi. Irimwo kandi amajambo yeza umutima ahumuriza yerekana yuko Imana yarasezeranye ko abantu kw’isi yose bazoronka amahoro n’umutekano nyakuri kandi biramba.
None ayo mahoro n’umutekano bizoboneka gute kandi ryari? Ni ibiki ukeneye gukora kugira ngo uze wungukire kuri ivyo bintu vyiza? Ivyo bibazo bizokwishurwa mu nsiguro y’icese ifise umutwe uvuga ngo “Amahoro n’umutekano nyakuri tuzobironka ryari?” Iyo nsiguro ishingiye kuri Bibiliya izoshikirizwa hirya no hino kw’isi mu bihugu birenga 230. Mu mihingo nka yose, izoshikiririzwa ku Ngoro z’Ubwami z’Ivyabona vya Yehova zaho ku w’iyinga, igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2010. Ivyabona vya Yehova b’aho uba bazohimbarwa no kukumenyesha isaha iyo nsiguro izotangurirako be n’aho izobera. Uratumiwe n’igishika cinshi ngo uzobe ari ho uri.