ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/4 rup. 11
  • Yezu Kristu—Ukuntu ubutumwa bwiwe bukuraba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Kristu—Ukuntu ubutumwa bwiwe bukuraba
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Incungu ni ingabirano iruta izindi zose Imana yatanze
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Incungu ni ingabire iruta izindi zose
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ingabire iruta zose ni iyihe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ingabire ntangere y’Imana: Kubera iki ari iy’agaciro cane?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/4 rup. 11

Yezu Kristu​—Ukuntu ubutumwa bwiwe bukuraba

“Jewe naje kugira ngo [intama] zigire ubuzima kandi zibugire ari umurengera.”​—YOHANI 10:10.

YEZU KRISTU ahanini yaje kw’isi kugira ngo atange, atari kugira ngo ahabwe. Biciye ku busuku yaranguye, yarahaye umuryango w’abantu ingabirano y’agaciro katagira uko kangana, iyo na yo ikaba ari ubutumwa bwahishuye ukuri kwerekeye Imana n’ivyo igomba. Abitabira ubwo butumwa barashobora kugira ubuzima burushirije kuba bwiza muri iki gihe, nk’uko abakirisu amamiliyoni b’ukuri boshobora kubishingira intahe.a Mugabo intimatima y’ubutumwa Yezu yamamaje ni ingabirano y’agaciro kuruta izindi zose, ni ukuvuga ubuzima butagira agasembwa yadutangiye. Ukumererwa neza kwacu kw’ibihe bidahera guhagaze ku kuntu twakira ico kintu nyamukuru mu bigize ubutumwa yashikirije.

Ico Imana na Kristu batanze Yezu yari azi yuko yopfuye urupfu rubabaje, yishwe n’abansi biwe. (Matayo 20:17-19) Yamara, mu majambo yavuze azwi cane dusanga muri Yohani 3:16, yagize ati: “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo agire ubuzima budahera.” Yezu yavuze kandi yuko yaje “kugira ngo atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Ni kubera iki none yavuze ko ubuzima bwiwe bwotanzwe aho kuvuga ko yobwatswe?

Bivuye ku rukundo ntangere, Imana yarashiriyeho abantu intunganyo yo kubakiza icaha barazwe be n’ingaruka zaco, na zo akaba ari agasembwa n’urupfu. Imana ivyo yabigize mu kurungika Umwana wayo w’ikinege kw’isi kugira ngo apfe urupfu rwo kwitangako inkuka. Yezu yaragamburutse abikunze, atanga ubuzima bwiwe butagira agasembwa ku bwacu. Iyo ntunganyo, ari yo yitwa incungu, ni yo ngabirano ihambaye kuruta izindi zose Imana yahaye umuryango w’abantu.b Ni ingabirano ishobora gushikana umuntu ku buzima budahera.

Ico ukeneye gukora Ingabirano y’incungu yoba ari rwawe? Ivyo bivana na wewe. Tubitangire akarorero: Dufate yuko hari umuntu aguhereje akaganuke gatekeye neza. Tuvugishije ukuri, ako kaganuke kaba rwawe iyo gusa utumye ukuboko ukakakira. Muri ubwo buryo nyene, Yehova aratuma ukuboko kugira aguhe incungu, mugabo iyo ngabirano ntiba rwawe udaciye utuma ukuboko ngo uyakire. Uti gute?

Yezu yavuze ko ‘abamwizera’ ari bo bazoronka ubuzima budahera. Ukwizera kurajanye n’ingene ubayeho. (Yakobo 2:26) Kwizera Yezu bisobanura kubaho wisunga ivyo yavuze n’ivyo yakoze. Kugira ngo ivyo ubishikeko, utegerezwa kumenya neza Yezu na Se. Yezu yavuze ati: “Ubuzima budahera ni ubu: ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”​—Yohani 17:3.

Haraheze imyaka nka 2.000 Yezu Kristu ashikirije ubutumwa bwahinduye ubuzima bw’abantu amamiliyoni kw’isi yose. Woba ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ubwo butumwa be n’ukuntu wewe n’abawe mwoshobora kubwungukirako, atari ubu gusa, ariko kandi mukabwungukirako n’ibihe bidahera? Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kubigufashamwo.

Ibiganiro bikurikira biragufasha kurushiriza kumenya Yezu Kristu, wa muntu yamamaza ubutumwa bwoshobora guhindura ubuzima bwawe ibihe bidahera.

[Utujambo tw’epfo]

a Si umuntu wese yiyita umukirisu aba ari umuyoboke w’ukuri wa Kristu. Abayoboke nyakuri ba Kristu ni ababaho bisunga ukuri yigishije ku vyerekeye Imana n’ivyo igomba.​—Matayo 7:21-23.

b Ushaka kumenya amakuru yiyongereye ku bijanye n’inyigisho ishingiye ku Vyanditswe yerekeye incungu, raba ikigabane ca 5 kivuga ngo “Incungu ni ingabirano Imana yatanze iruta izindi zose,” mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika