Ivyo Yezu yigishije ku vyerekeye Imana
“Umuntu umwe gusa azi vy’ukuri Data ni Umwana. Ariko Umwana aripfuza kubwira abandi ivyerekeye Data, kugira ngo na bo nyene bamumenye.”—LUKA 10:22, CONTEMPORARY ENGLISH VERSION.
IMBERE y’uko Umwana w’imfura w’Imana abaho ari umuntu, yaramaze imyaka idaharurika yifatanije cane na Se. (Abakolosayi 1:15) Ivyo vyatumye uwo Mwana amenya ivyiyumviro vya Se, inyiyumvo ziwe be n’inzira ziwe. Igihe uwo Mwana yahava akaza kw’isi ari umuntu yitwa Yezu, yari ashashaye kwigisha ukuri kwerekeye Se. Turashobora kwiga vyinshi ku vyerekeye Imana mu gutega amatwi ivyo uwo Mwana yavuze.
Izina ry’Imana Kuri Yezu, izina ry’Imana ari ryo Yehova, ni co cari ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose. Uwo Mwana mukundwa yaripfuza ko abandi bamenya izina rya Se bakongera bakarikoresha. Izina rya Yezu ubwaryo risobanura ngo “Yehova ni ubukiriro.” Mw’ijoro rya buca Yezu apfa, yaravuze mw’isengesho yatuye Yehova, ati: ‘Naramenyekanishije izina ryawe.’ (Yohani 17:26) Ntibitangaje kubona Yezu yarakoresheje izina ry’Imana yongera ararimenyesha abandi. Ubundi hoho, abumviriza Yezu bari gushobora gute gutahura ukuri kwerekeye Yehova batanazi izina ryiwe canke ngo bamenye ico risobanura?a
Urukundo rukomeye rw’Imana Igihe kimwe Yezu yabwiye Imana mw’isengesho ati: “Data, . . . wankunze imbere y’ishingwa ry’isi.” (Yohani 17:24) Kubera yuko Yezu yiboneye urukundo rw’Imana igihe yari mw’ijuru, igihe yari kw’isi yararondeye guhishura urwo rukundo mu mice yarwo myinshi ihimbaye.
Yezu yarerekanye yuko urukundo rwa Yehova rwagutse cane. Yezu yavuze ati: “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo agire ubuzima budahera.” (Yohani 3:16) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “isi” ntirisobanura “isi-butaka.” Muri ico canditswe, ryerekeza ku bantu, ni ukuvuga neza na neza ko ryerekeza ku muryango wose w’abantu. Urukundo Imana ifitiye umuryango w’abantu rurakomeye cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’agaciro kuruta abandi bose kugira ngo abantu b’abizigirwa bakurwe mu vyara vy’icaha n’urupfu, maze baronke icizigiro c’ubuzima budahera. Nta woruha apima ubwaguke bw’urukundo rukomeye nk’urwo canke ngo aserangure ubwimbike bwarwo.—Abaroma 8:38, 39.
Yezu yaremeje uku kuri kudusubiriza umutima mu nda cane: Yehova arakunda bimwe bikomeye umwumwe mu bamusenga. Yezu yigishije yuko Yehova ameze nk’umwungere abona ko imwimwe mu ntama ziwe yisa kandi ifise agaciro. (Matayo 18:12-14) Yezu yavuze yuko ata kajuri na kamwe gashobora gukorokera hasi Yehova atabizi. Yezu yongeyeko ati: “N’imishatsi yo ku mutwe wanyu iraharuwe yose.” (Matayo 10:29-31) None nimba Yehova ashoboye kubona yuko akajuri kamwe kabuze mu rwari kanaka, mbega ntarushiriza kwihweza no kwitwararika ivyerekeye umwumwe wese mu bantu bamusenga? Nimba Yehova ashobora guharūra no kubona agashatsi kamwekamwe kose ko ku mutwe wacu, none hoba hariho ikintu na kimwe kijanye n’ubuzima bwacu adashobora kubona, dushizemwo ivyo dukeneye, ivyo tunyinyana na vyo be n’ibiduhagaritse umutima?
Ni Data wo mw’ijuru Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Yezu ni Umwana w’ikinege w’Imana. Ntibitangaje kubona uwo Mwana akenshi yita Yehova “Se” igihe yaba ariko amuganirira be n’igihe yaba ariko amuyagira abandi. Kukaba nkako, mu majambo ya mbere ya Yezu yanditswe, ayo yavugiye mu rusengero igihe yari afise imyaka 12 gusa, yise Yehova ngo “Data.” (Luka 2:49) Ijambo “Data” riboneka hafi incuro 190 muri za Njili. Yezu yaravuze mu buryo butandukanye yuko Yehova ari “So,” “Data wa twese,” be na “Data.” (Matayo 5:16; 6:9; 7:21) Mu gukoresha iryo zina yisanzuye gutyo, Yezu yarerekanye yuko abantu b’abacumuzi kandi b’abanyagasembwa bashobora kugiriranira na Yehova ubucuti burimwo igishika n’ukumwizigira.
Ni umunyembabazi kandi agabirije guharira Yezu yari azi ko abantu b’abanyagasembwa bakeneye imbabazi nyinshi za Yehova. Mu mugani wa Yezu werekeye umwana w’icangazi, yagereranije Yehova n’umuvyeyi w’impuhwe kandi aharira, yakiriza yompi umuhungu wiwe agarutse yigaye. (Luka 15:11-32) Ivyo Yezu yavuze biradukura amazinda yuko Yehova aguma araba ko umucumuzi yohindura umutima na gatoyi kugira ngo bibe ishingiro ryo kumugirira imbabazi. Yehova arashashaye guharira umucumuzi yigaya. Yezu yasiguye ati: “Ndababwiye yuko ukwo ari ko hazoba akanyamuneza kenshi mw’ijuru ku mucumuzi umwe yigaye, kuruta ku bagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye ukwigaya.” (Luka 15:7) Ni nde ga yemwe atokwumva akwegerewe n’Imana y’imbabazi nk’iyo?
Arumva amasengesho Igihe Yezu yari mw’ijuru imbere y’uko aza kw’isi, yariboneye ko Yehova ‘yumva amasengesho’ be n’uko ahimbarwa n’amasengesho y’abantu b’abizigirwa bamusenga. (Zaburi 65:2) Ni co gituma mu gihe c’ubusuku bwiwe, Yezu yigishije abamwumviriza ukuntu bosenga be n’ivyo bosenga basaba. Yabahanuye ati: “Ntuvuge vya bindi nyene ubisubiramwo kenshikenshi.” Yahimirije abamwumviriza gusenga basaba ko ivyo Imana igomba “[biba] kw’isi nko mw’ijuru.” Twoshobora kandi gusenga dusaba ko Imana ituronsa ibidutunga ku musi ku musi, ko iduharira ivyaha vyacu be n’uko idufasha kunanira ibigeragezo. (Matayo 6:5-13) Yezu yigishije yuko Yehova yishura amasengesho y’abasavyi biwe mu buryo bwa kivyeyi, akishura ivyo bamusabana ukwizera babikuye ku mutima.—Matayo 7:7-11.
Ata gukeka, Yezu nta ko atagize ngo yigishe ukuri kwerekeye Yehova be n’ukuntu iyo Mana imeze. Ariko rero, hari n’ikindi kintu cerekeye Yehova Yezu yari ashashaye kuyagira abandi, ico na co akaba ari uburyo Yehova azokoresha mu guhindura isi yose kugira ngo ashitse umugambi afitiye isi n’abantu bari kuri yo. Kukaba nkako, ico kintu ni co cari umutwe-shimikiro w’ubutumwa Yezu yamamaza.
[Akajambo k’epfo]
a Izina Yehova riboneka incuro nka 7.000 mu gisomwa ca Bibiliya co mu ndimi yanditswemwo mu ntango. Insobanuro ijanye n’iryo jambo ni “Nzocika ico nzocika.” (Kuvayo 3:14, NW) Imana irashobora gucika ico ibona ko gikenewe cose kugira ngo irangure umugambi wayo. Iryo zina rero riradukura amazinda yuko Imana izokwama nantaryo iboneka ko ari ntayagabiri be n’uko ivyo isezerana vyose bizoranguka.