Wa muntu yahinduye isi
Abantu amamiliyaridi barabaye kuri ino si hanyuma barapfa. Abenshi nta kintu na kimwe gikomeye bakoze bibukirwako. Ariko rero, hariho bakeyi bashitse ku bintu vyagize ico bikoze muri kahise, bikaba kumbure bigira n’ico bikoze mu buzima bwawe bwa misi yose.
URAVYUTSE mu gatondo, ugira witegurire kuja ku kazi. Urakije amatara maze uriteguye. Utoye igitabu canke ikinyamakuru uza gusomera mu muduga ukwunguruza. Uributse gufata umuti wandikiwe urwanya imigera wo kukuvura indwara kanaka. Ni ho ugitangura umusi, ariko wamaze kwungukira ku vyo abantu bakeyi bakomakomeye bashitseko.
Michael Faraday Uwo muhinga w’Umwongereza yavutse mu 1791 ni we yahinguye ari bwo bwa mbere imoteri y’umuyagankuba be n’imashini bita dinamo. Ivyo yashitseko vyarafashije mu guhingura umuyagankuba abantu benshi bokoresha.
Ts’ai Lun Uwo mukozi wo ku kirimba c’Umwami w’Ubushinwa, ni we bivugwa ko yatanguje ubuhinga bwo guhingura impapuro, nko mu mwaka wa 105 G.C. bwatumye haza harahingurwa impapuro nyinshinyishi.
Johannes Gutenberg Nko mu 1450, uwo mushakashatsi w’Umudagi yarahinguye ari bwo bwa mbere imashini icapura ikoresheje inyuguti ziri ku twuma dupangwa tukongera tugapangurwa. Iyo mashini yatumye bishoboka ko abantu bacapura bitarinze kubatwara uburyo bwinshi, bica bituma rero abantu benshi bashobora kuronka amakuru ajanye n’ibintu vyinshi bitandukanye.
Alexander Fleming Mu 1928, uwo mushakashatsi w’umunya Ekose yarubuye umuti yise penisiline urwanya imigera. Muri iki gihe, imiti irwanya imigera irakoreshwa cane kugira ngo ivure indwara ziterwa n’imigera.
Nta mazinda yuko ivyo abantu bakeyi bubuye be n’ivyo batanguje vyatumye abantu amamiliyaridi baronka uturusho tumwetumwe, vyongera bituma barushiriza kugira amagara meza.
Ariko rero, hariho umuntu umwe aruta abandi bose. Ntazwi kubera ivyo yubuye mu bijanye na siyansi canke ivyo yashitseko mu vy’ubuganga. Ahubwo nyabuna, uwo muntu aciye bugufi hakaba haheze imyaka hafi 2.000 apfuye, yarasize ubutumwa, emwe, ubutumwa bukomeye butanga ivyizigiro n’uguhumurizwa. Uravye ukuntu ubutumwa bwiwe bwagize ikintu kinini buhinduye mu buzima bw’abantu kw’isi yose, hari benshi bokwemera yuko vy’ukuri ari we muntu yahinduye isi.
Uwo muntu wumva ni Yezu Kristu. None ni ubutumwa nyabaki yamamaje? Kandi ni igiki ubwo butumwa bushobora guhindura mu buzima bwawe?