Ikete rivuye muri Papouasie-Nouvelle-Guinée
Utunyabuzima twahoze turundaniye hamwe mw’ibahari turi mu bicu
TURI ku wa kabiri isaha cumi n’imwe zo mu gitondo kandi harashushe cane i Lae, muri Papouasie-Nouvelle-Guinée (PNG). Jewe n’umukenyezi wanje turiko turitegurira urugendo rwo kuja i Lengbati, hejuru ku Musozi Rawlinson uri mu ntara ya Morobe, kugira ngo tuje kugendera umugwi w’Ivyabona vya Yehova waho.
Urugendo rwacu rumara nk’iminuta 30 gusa turi mu ndege irimwo ibibanza bine kandi ifise imoteri imwe. Muri mwene izo ngendo nkunze kwicara iruhande y’umudereva, kandi naho haba hari urwamo rwinshi rw’imoteri, turayaga biciye kuri vya vyuma abadereva bambara ku matwi babicishije ku mutwe. Nya mudereva aratunga urutoke ivyuma be n’ibikoresho biri imbere yacu mu ndege maze agasigura ico bikora hanyuma akavuga yijajurira yuko hamwe hogira ikimushikira, ari jewe notegerezwa guca ntwara iyo ndege. Ubwo nyene nca nibuka inkuru y’uwundi musuku w’ingenzi w’Ivyabona vya Yehova yariko araja aho nyene muri PNG. Igihe umudereva yatakaza ubwenge indege iri mu kirere, we hamwe n’umukenyezi wiwe bagumye bazunguruka mu kirere bariko baragerageza kwiyoborera iyo ndege gushika uwo mudereva asubiye gutora ubwenge maze arashobora kuyishikana hasi. Igishimishije, urugendo rwacu rugenda neza kandi nta kintu gikomeye kiba.
Ubu turiko tugenda tubangikanye n’urukurikirane rw’imisozi igihe bukwi na bukwi duhindukira tugaca ahantu hatagira ibicu maze tukarengana isonga ry’umusozi umwe, tukaba duca nko ku metero 100 gusa hejuru yawo. Imbere yacu hari ikigwati ca Lengbati, kikaba kigizwe n’inzu ziri mu tugwitugwi zisakajwe ivyatsi zubakishijwe ibiti. Wa mudereva araraba hasi aho indege iza kugwa igihe duciye hejuru yaho, akaba ariko arasuzuma ukuntu hameze yongera araba neza ko abana bo muri ico kigwati batariko barahakinira agapira. Araraba kandi ko hoba hariho ibinogo ingurube zahimvye inyuma y’aho ahaherukiye. Arakatisha iyo ndege aciye hejuru y’umwonga agaca avuga ati: “Hasa n’ahameze neza; reka tugerageze gushika hasi.” Turahazunguruka maze tukamanuka kugira ngo dushike ku kibanza gitoya indege zigwako, ico abantu bo muri ico kigwati bateguye ku nkike y’umusozi, bakaba baherutse kuhasasa amabuye yitwa korali basataguye bayakuye ku musozi uri hafi yaho.
Mu ngendo naheruka kugira ng’aho, naritegereje utwo dusate tw’amabuye yitwa korali nca ndibaza ukuntu urwo rukurikirane rw’imisozi rubwirizwa vy’ukuri kuba rumaze igihe kirekire. Ibaze nawe ukuntu vyari gusaba inguvu zidasanzwe kugira ngo ivyo bintu nibaza ko ari utunyabuzima twahoze turundaniye hamwe mw’ibahari ku bilometero amajana n’amajana uvuye aho hantu, bishobore kuduzwa gushika ku bilometero bine uja mu kirere! Turururuka iyo ndege maze tugahagarara kuri utwo tuntu nita ngo ni utunyabuzima twahoze turundaniye hamwe mw’ibahari turi mu bicu.
Nk’uko vyama, abantu bo muri ico kigwati baraza biruka bavuye mu mpande zose igihe baba bumvise umuhindo w’indege ije kugwa. Umudereva azimije imoteri, nca mbona umugabo avuye muri iryo sinzi aza agana iyo ndege. Uwo mugabo ni Zung. Ni umwe mu bagabo bagenywe muri ako karere kugira ngo bitwararike porogarama zo kwigisha buri ndwi zigirwa n’Ivyabona vya Yehova kw’isi yose. Mu bantu bo ng’aho iwabo azwi ko ari umuntu abayeho mu buryo butyoroye, w’inzirabugunge kandi w’umwizigirwa. Yiyemerera ko yize kubaho muri ubwo buryo biciye ku gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Tumaze kuramukanya no gukorana mu minwe, duca tujana na Zung be n’ibindi Vyabona tukamanuka gatoya kuri uwo musozi. Abakiri bato baradukurikira, baharira cane ku bijanye n’uwuza kudutwaza amasakoshi yacu yo mu mugongo.
Turashika ku nzu ntoya y’ibiti Ivyabona bo muri ako karere bubatse kugira ngo ishikiremwo umusuku w’ingenzi igihe aba aje kubagendera uko haciye amezi nk’atandatu. Naho PNG ari igihugu kiri mu karere gashushe, harakanya cane kubera yuko hakirurutse. Mw’ijoro, igihe ducanye itara ryacu rya peteroli, ndakunda kubona ibicu, ibiba vyamye bigenda buhorobuhoro biduga ku musozi bivuye mu mwonga ku muhingamo, vyinjira mu nzu biciye munsi y’inzugi zidashika hasi neza. Bisa n’ibitangaje kuba twambaye ikoti y’imbeho n’ipantalo y’ikoboyi kugira ngo dususuruke mu gihe mu masaha makeya gusa aheze, twariko turabira icuya turi muri ka karere gashushe ko ku nkengera y’ibahari.
Hagati mu myaka ya 1980, hari umuntu aturuka aho hantu yiganye Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova i Lae. Agarutse muri ico kigwati c’iwabo, we hamwe n’abandi bantu bakeya barubatse inzu ntoya yo kugiriramwo amakoraniro, bakaba barayishimira cane. Umupasitori wo mw’idini ry’Abaluteri ryo muri ako karere ari kumwe n’abari bamushigikiye baciye baturira iyo nzu iraherengetera. Abo bantu baturiye iyo nzu bavuze bigamba yuko ako karere kari ak’Abaluteri gusa. Kuva ico gihe, naho Ivyabona babandanije kurwanywa, barubatse iyindi nzu y’amakoraniro, kandi igitigiri cabo cagumye congerekana gushika ku bamamaji b’inkuru nziza b’abanyamwete nka 50. Bamwebamwe muri abo bahoze barwanya igikorwa c’Ivyabona ubu barakigiramwo uruhara babigiranye umwete.
Muri iki gihe, abantu bo muri ico kigwati akenshi baraha ikaze Ivyabona vya Yehova baje kubagendera, bano bakaba babigisha bakoresheje Bibiliya. Naho muri ico kigwati abantu bake cane ari bo usanga bazi gusoma, Ivyabona baho benshi baravyize kugira ngo babwire abandi ubutumwa bwo muri Bibiliya. Abantu bashika 200 baraza ku makoraniro agirwa buri ndwi mu Ngoro y’Ubwami yabo.
Nta muyagankuba uhari. Ku migoroba, twese turateramira hamwe ku mucanwa mu gikoni. Turafungurira hamwe, tukayaga tukongera tugatwenga. Umunezero wo gukorera Yehova urigaragaza mu maso h’abo bagenzi bacu baba bariko baramwenyura, bamurikiwe n’umuco uyengera w’uwo mucanwa. Buhorobuhoro rero, uko amasaha yiterera, bamwebamwe barakura mu mucanwa ico bita bombom, kino kikaba ari ishami ry’ikigazi riba ririko riraka, bizigiye ko riza kwaka ryitonze ku buryo ribamurikira igihe bagenda biruka baca mu tuyira two mw’ishamba basubira mu mazu yabo.
Igihe tugenda dutashe muri ya nzu, turumva ingene aho hantu hatekanye. Turumva hirya no hino amajwi y’ibiri mu bidukikije. Imbere yuko tuja kuryama muri iryo joro, turarangamiza ubwa nyuma tukihweza ijuru rikeye ryo mw’ijoro maze tugatangarira ukuntu ubona inyenyeri nyinshi cane uri aho hantu hakirurutse.
Indwi iranyaruka guhera, kandi turiteze ko ya ndege buca iza kudutora. Hasigaye ko tumara irindi joro rikanye rimwe turi mu bicu vy’i Lengbati, maze tugaca dusubira mu bushuhe n’igikonyozi vyo ku nkengera z’ibahari.