Niwigishe abana bawe
Shemu yarabonye ububi bw’abantu b’imbere y’Umwuzure n’ab’inyuma yawo
SHEMU umuhungu wa Nowa yararokotse iherezo ry’isi y’imbere y’umwuzure, kandi yarabaye mw’isi y’inyuma yawo. Woba uzi icatumye isi ya mbere Shemu yabayemwo isangangurwa be n’ingene we hamwe n’abandi bo mu muryango wiwe bashoboye kuba mw’isi y’inyuma y’umwuzure?—a Reka tuyage ivyerekeye iyo nkuru.
Igihe Shemu yari akiri muto, Bibiliya ivuga ko “ibibi vy’abantu” vyari vyinshi cane. Ivyo abantu biyumvira vyose vyari “ibibi gusa na ntaryo.” None woba uzi ico Imana yakoze?— Yarazanye umwuzure wakukumuye iyo si mbi yose. Intumwa Petero yanditse ati: “Isi y’ico gihe yaratikijwe igihe yarengerwa n’amazi y’umwuzure.”—Itanguriro 6:5; 2 Petero 3:6.
Woba utahura icatumye Imana itikiza iyo si?— Abantu bari babi, kandi biyumvira “ibibi gusa na ntaryo.” Ivyo Yezu yarabivuze. Yavuze ko “imbere ya rya segenya,” abantu binezereza mu ‘kurya no kunywa’ hamwe no ‘kurongora be no gushingirwa.’ Yongeyeko ati: “Ntibagira ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose.”—Matayo 24:37-39.
None ni igiki abo bantu batitayeho, canke ngo babone?— Nowa se wa Shemu, yari “umwamamaji w’ubugororotsi,” ariko abantu ntibumvirije ivyo yababwira. Nowa yarumviye Imana maze arubaka ubwato, we n’umuryango wiwe bokirijwemwo mu gihe c’Umwuzure. Nowa, umukenyezi wiwe be n’abahungu biwe, ari bo Shemu, Hamu na Yafeti be n’abakenyezi babo, ni bo bonyene bitayeho ivyo Imana yashaka ko bakora. Abasigaye bakoze gusa ivyo bo ubwabo bipfuza gukora, kikaba ari co gituma bakukumuwe na nya Mwuzure.—2 Petero 2:5; 1 Petero 3:20.
Haciye nk’umwaka nya Mwuzure ubaye, Shemu n’umuryango wiwe baravuye mu bwato bashikira kw’isi yumutse. Abantu babi bose bari bakuweho, ariko ibintu ntivyatevye guhinduka. Kanani umuhungu wa Hamu mwene wabo na Shemu, yarakoze ikintu kibi cane ku buryo Nowa yavuze ati: “Kanani abaye ikivume.” Nimurodi umwuzukuru wa Hamu na we nyene yari mubi. Yararwanije ya Mana y’ukuri Yehova, maze abwira abantu ngo biyubakire umunara muremure witwa Babeli kugira ngo biheshe izina. Wibaza ko ivyo vyatumye Shemu na Se wiwe bamererwa gute?—Itanguriro 9:25; 10:6-10; 11:4, 5.
Barababaye, kandi na Yehova vyaramubabaje. Woba uzi none ico Yehova yaciye akora?— Yaciye ayoberanya ururimi abantu bavuga kugira ngo ntibashobore kwumvikana hagati yabo. Nya bantu babwirijwe rero guca bahagarika kwubaka maze baca baja mu mihingo itandukanye, abasangiye ururimi bakaba ari bogenda bajanye. (Itanguriro 11:6-9) Ariko Imana ntiyahinduye ururimi Shemu n’umuryango wiwe bavuga. Ivyo vyatumye bashobora kuguma bafitaniye ubucuti bwa hafi kandi bagafashanya mu gusukurira Imana. Woba urigera wiyumvira imisi Shemu yamaze asukurira Yehova uko ingana?—
Shemu yamaze imyaka 600. Yabayeho imyaka 98 imbere ya wa Mwuzure yongera amara imyaka 502 inyuma yawo. Turashobora kwizigira tudakeka ko yafashije Nowa kwubaka bwa bwato no kuburira abantu ku bijanye n’Umwuzure wagira uze. Ariko none wibaza ko Shemu yakoze iki muri iyo myaka irenga 500 yamaze inyuma ya wa Mwuzure?— Nowa yavuze ko Yehova ari “Imana ya Shemu.” Shemu ategerezwa kuba yagumye asukurira Yehova kandi afasha abagize umuryango wiwe kubigenza gutyo. Mu nyuma, umuryango wa Shemu wahavuye ukomokamwo Aburahamu, Sara na Izahaki.—Itanguriro 9:26; 11:10-31; 21:1-3.
Ubu na ho nuzirikane kw’isi ya kino gihe, iyagumye irushiriza kuba mbi kuva mu gihe ca Shemu gushika n’ubu. None izoshikirwa n’iki?— Bibiliya ivuga ko “iriko irarengana.” Ariko raba uwu muhango ugira uti: “Uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.” Ku bw’ivyo, niba dukora ivyo Imana igomba, twoshobora kuba mu bazorokoka bakinjira mw’isi nsha y’Imana. Rero, tubifashijwemwo n’Imana, turashobora kubaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi mu gahimbare!—1 Yohani 2:17; Zaburi 37:29; Yesaya 65:17.
a Nimba uriko usoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.