ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w09 1/9 rup. 3
  • Imana yoba igusezeranira ubutunzi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana yoba igusezeranira ubutunzi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ivyo bijanye
  • Ugusagamba nyakuri mw’isi nshasha y’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Aburahamu yari nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Yehova yamwise “umugenzi wanje”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Imana Igerageza Aburahamu
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
w09 1/9 rup. 3

Imana yoba igusezeranira ubutunzi?

‘Imana ishaka ko uba umutunzi, ukaronka imiduga myinshi, ukaroranirwa mu rudandaza. Nuyizere gusa, ukore mw’ikotomoni yawe, maze uyihe ivyo ushoboye vyose.’

AMAJAMBO mwene ayo arakunze kuvugwa n’amadini amwamwe yo muri Berezile, nk’uko ikinyamakuru kimwe caho kibivuga. Abantu benshi barafatana uburemere ayo majambo. Ku bijanye n’itohoza rimwe ryagizwe mu bantu bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga ko ari abakirisu, ikinyamakuru kimwe (Time) kivuga giti: “Ibice 61 kw’ijana vyose vy’abantu běmera ko Imana ishaka ko abantu baba abatunzi. Ibice 31 kw’ijana na vyo, . . . baremeye yuko uhaye Imana amahera yawe, na yo ica iguhezagira mu kuguha ayandi menshi.”

Inyigisho zisa n’izo, izikunze kwitwa ngo ni tewolojiya ijanye n’ivy’ugutunga, zirakwiragizwa cane na canecane mu bihugu vyo muri Amerika y’Epfo nka Berezile, kandi abantu barahurumbira amashengero abasezeranira ko Imana izobahezagira baronke amatungo. Ariko none, Imana yoba vy’ukuri isezeranira ubutunzi abayikorera? Abasavyi bayo bose bo muri kahise boba bari batunze?

Ni ivy’ukuri yuko mu Vyanditswe vy’igiheburayo, akenshi usanga imihezagiro y’Imana ijana n’ugutunga ugatunganirwa. Nk’akarorero, mu Gusubira mu vyagezwe 8:18, dusoma duti: “Muze mwibuke Uhoraho Imana yanyu, kukw ari we azobaha ubutōre bgo kuronka ubutunzi.” Ivyo vyarakura amazinda Abisirayeli yuko baramutse bagamburukiye Imana, yotumye baba ihanga ritunze.

Tuvuge iki ku vyerekeye umuntu ku giti ciwe? Wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yari atunze bimwe bihebuje, kandi n’inyuma y’aho Shetani amugiriye umukene, Yehova yarasubije Yobu ubutunzi bwiwe “ibihetangabo kabiri.” (Yobu 1:3; 42:10) Aburahamu na we nyene yari atunze. Mw’​Itanguriro 13:2 havuga ko yari “umutunzi cane w’amasho n’imikuku n’amafeza n’amazahabu.” Igihe ingabo zari zagiye hamwe z’abami bane bo mu Buseruko zafata mpiri Loti umuhungwabo wa Aburahamu, Aburahamu yaciye “ajana abanyarugo biwe bize kurwana, bāvukiye i we, amajana atatu n’icumi n’umunani.” (Itanguriro 14:14, ni twe dushimitse.) Urugo rwa Aburahamu rutegerezwa kuba rwari runini cane kubera yuko rwarimwo “abanyarugo bize kurwana” 318 bari bashoboye kwitwaza ibirwanisho. Kuba yari ashoboye gutunga umuryango munini nk’uwo ni icerekana yuko yari umutunzi akomeye, afise amasho n’imikuku.

Ego cane, benshi mu basavyi b’Imana b’abizigirwa bo muri kahise, harimwo nka Aburahamu, Izahaki, Yakobo, Dawidi be na Salomo, bari batunze. Ariko none, ivyo vyoba bisigura yuko Imana izotuma umuntu wese ayikorera aba umutunzi? Kuba umuntu ari umukene vyovyo vyoba bisigura ko adafise umuhezagiro w’Imana? Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ivyo bibazo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika