Ivyabajijwe n’abasomyi bacu
Ibintu bibi bishikira umuntu mu buzima vyoba ari igihano Imana iba itanze?
Vyoba birashika mu buzima bwawe ugashikirwa n’ikintu gitesha umutwe catumye wibaza niba Imana itegekanya ko wocumukuzwa n’ibintu bibi? Indwara ije giturumbuka, isanganya ribabaza cane canke urupfu ruje giturumbuka mu muryango vyoshobora gutuma twumva umengo Imana iratubonera.
Aho kwiyumvira gutyo, wari ukwiye kwumva uremeshejwe n’uko Imana ishaka ko abantu bahimbarwa kandi bakabaho ata nkomanzi. Ivyo birabonekera mu vy’uko igihe Imana yarema abantu ba mbere, yabashize mw’“itongo ryo muri Edeni,” iryari rimeze nk’ubusitani bw’iparadizo, aho ubuzima bwobaye butarimwo ikintu na kimwe kibi.—Itanguriro 2:15.
Ikibabaje ni uko umugabo n’umugore ba mbere bahisemwo guha umugongo ako karyo keza igitangaza bari bafise maze bagambararira Imana n’ibigirankana. Icavuyemwo vyabaye ivyago, atari kuri bo gusa ariko kandi no ku bobakomotseko bose, na twebwe turimwo. Uti kubera iki? Ico kintu cabaye kirashobora kugereranywa n’ibishika igihe uwuhagarariye umuryango yirengagije ivyo kuriha amahera y’inzu babamwo: Umuryango wose uko wakabaye urasohorwa muri iyo nzu maze ugaca utangura kumererwa nabi be no kuzera inze. Muri ubwo buryo nyene, abantu bose bariko bashikirwa n’ibintu bigoye kuva aho habereye bwa bugarariji bwa mbere. (Abaroma 5:12) Haheze imyaka itari mike, vyarashitse wa mugabo w’umugororotsi Yobu aracura intimba avuga ko iyo umubabaro be n’ugucumukura yarimwo biza gushobora ‘gushirwa ku munzane,’ vyoshoboye “kuremēra kurusha umusenyi wo ku kiyaga.”—Yobu 6:2, 3.
Ikindi gituma ibintu bibi bishika ni uko tutabona kure. Nk’akarorero, dufate ko hari umuntu yubakishije amazu mu kibanza gikarirwa n’umuriro maze agaca ayagurisha. Utanabizi, birashitse uraguze imwe muri ayo mazu maze uca urayibamwo. Ubwo none ntiwoba uriko uratuma wewe ubwawe be n’umuryango wawe mubangamirwa n’ibintu bibi bikomeye? Iyo wumva, ibibi vyose vyobashikira ntawokwigera ubona ko ari igihano Imana itanze! Uko ibintu biba vyifashe kurerekanwa muri Bibiliya, ahagira hati: “Imburabgenge yemera ijambo ryose, arik’umunyamakenga agenda agavye.”—Imigani 14:15.
Ariko rero, birahumuriza kumenya yuko naho twese dushikirwa n’ibintu bibi, Imana yategekanije yuko vuba cane abantu bazobikurwako. Ico gihe nicashika, ntuzokwigera usubira gushikirwa n’ibintu bibi, kubibona canke ngo unavyumve. Amosozi aterwa n’intuntu, umubabaro, urupfu be n’amaborogo bizoba “vyagiye.” (Ivyahishuwe 21:4) Vyongeye, ikintu c’inkoramutima ni umuhango w’uko abantu batazokwigera basubira kwubaka amazu no gutera ibiterwa bizoca bihitanwa n’intambara canke ivyago. Ahubwo riho, bazoshitsa igihe kirekire “banezererwa” igikorwa c’amaboko yabo—Yesaya 65:21-25.
Magingo ukirindiriye ko Imana ikuraho buhere ibintu bibi, ni igiki ushobora gukora ubu kugira ngo ugabanye ingaruka zavyo? Imbere ya vyose, Bibiliya ihanura umwe wese muri twebwe iti: “Ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe,” mugabo “wizigize Uhoraho umutima wawe wose.” (Imigani 3:5) Yehova nabe ari we urondererako ubuyobozi be n’uguhozwa. Niwitwararike ubukerebutsi bw’Imana dusanga muri Bibiliya. Buzogufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi bwongere bugukingire ibintu bibi usanga bishoboka ko twovyirinda.—Imigani 22:3.