ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w09 1/4 rup. 24-25
  • Yowasi yarahevye Yehova kubera abagenzi babi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yowasi yarahevye Yehova kubera abagenzi babi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ivyo bijanye
  • Yarakingiye umwami yava mu muryango wa Dawidi
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Kubera iki dukwiye gutinya Yehova?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Yehoyada ntiyatinya
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Rwaruka, mwipfuza ko ubuzima bwanyu buzomera gute?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
w09 1/4 rup. 24-25

Niwigishe abana bawe

Yowasi yarahevye Yehova kubera abagenzi babi

CARI igihe giteye ubwoba cane i Yeruzalemu, igisagara carimwo urusengero rw’Imana. Umwami Ahaziya nta kanya kari bwahere yishwe. Ivyo Ataliya nyina wiwe yaciye akora ico gihe, vyari agahomerabunwa. Yaricishije abana ba Ahaziya, ni ukuvuga abuzukuru biwe bwite! Woba uzi icabitumye?​—a Kwari ukugira ngo ntihagire n’umwe muri bo aba umutegetsi, ahubwo abe ari we aba umutegetsi.

Ariko rero, umwe mu buzukuru ba Ataliya yari akiri akayoya ari we Yowasi, yararokowe kandi inakuru nta vyo yigeze aca n’ikanda. Woba ushaka kumenya ingene yarokowe?​— Urabona, urwo ruyoya rwari rufise inasenge yitwa Yehosheba, uno akaba yaranyegeje Yowasi mu rusengero rw’Imana. Ivyo yashoboye kubigira kubera yuko umunega wiwe yari Umuherezi mukuru Yehoyada. Bafatanije rero, baritwararitse cane ivy’uko Yowasi agumizwa ahantu hatagira inkomanzi.

Yowasi yaramaze imyaka itandatu anyegejwe mu rusengero ata wubizi. Aho yarahigishirijwe ibintu vyose vyerekeye Yehova Imana be n’amategeko yiwe. Amaherezo, igihe Yowasi yakwiza imyaka indwi, Yehoyada yaciye atunganya ivy’uko yimikwa akaba umwami. Woba ushaka kwumva ukuntu Yehoyada yabigenjeje be n’ivyashikiye inakuru wa Yowasi, ari we wa Mwamikazi w’umubisha Ataliya?​—

Urumva, Yehoyada yarakoranije mu mpisho abarinzi badasanzwe abami b’i Yeruzalemu bari bafise ico gihe. Yarababwiye ukuntu we n’umukenyezi wiwe bari bararokoye wa mwana yari akiri uruyoya w’Umwami Ahaziya. Yehoyada yaciye yereka Yowasi abo barinzi, bano bakaba baciye batahura ko ari we yari umutegetsi yemewe. Umugambi rero waciye upfundikwa.

Yehoyada yarasohokanye Yowasi maze amwambika urugori. Ivyo bibaye, abantu baciye “bakoma amashi, baravuga, bat’Umwami n’ahangame!” Ba barinzi baciye bakikuza Yowasi kugira ngo bamukingire. Igihe rero Ataliya yumva urwo rwamo rwose rw’umunezero, yaciye yiruka hanze maze aravyiyamiriza. Ariko ba barinzi, babitegetswe na Yehoyada, baciye bica Ataliya.​—2 Abami 11:1-16.

Woba wibaza ko Yowasi yabandanije kwumvira Yehoyada no gukora ibigororotse?​— Yarabigize igihe cose Yehoyada yari akiri muzima. Yowasi yaritwararitse mbere ivy’uko abantu batanga amahera yo gusanura urusengero rw’Imana, urwari rwarafashwe minenegwe na se wiwe Ahaziya be na sekuru Yehoramu. Yamara, reka turabe ivyabaye igihe Umuherezi mukuru Yehoyada yapfa.​—2 Abami 12:1-16.

Ico gihe Yowasi yari afise nk’imyaka 40. Aho kubandanya yifatanya n’abasukurira Yehova, Yowasi yaciye aba umugenzi w’abasenga imana z’ikinyoma. Ico gihe, Zekariya umuhungu wa Yehoyada yari umuherezi wa Yehova. Wibaza ko Zekariya yakoze iki igihe yamenya ibibi Yowasi yari asigaye akora?​—

Zekariya yabwiye Yowasi ati: “Ko mwahevye Uhoraho na we arabahevye.” Ayo majambo yatumye Yowasi ashangashirwa ku buryo yategetse yuko Zekariya yicishwa amabuye. Ibaze ntuze, Yowasi yari yarakingiwe umwicanyi, ariko we ubwiwe ico gihe yaricishije Zekariya!​—2 Ngoma 24:1-3, 15-22.

Woba ubona ivyigwa dukura muri iyo nkuru?​— Urabona, ntidushaka kurota tumera nka Ataliya, uwari yuzuye urwanko akaba na ruburakigongwe. Ahubwo riho, dukwiye gukunda abo dusangiye ugusenga, eka mbere n’abansi bacu, nk’uko nyene Yezu yabitwigishije. (Matayo 5:44; Yohani 13:34, 35) Vyongeye, uribuka ko igihe dutanguye dukora ivyiza, nk’uko Yowasi yabigize, dukwiye kubandanya turi abagenzi b’abantu bakunda Yehova kandi baturemesha kumusukurira.

a Nimba uriko usoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.

Ibibazo:

  • Yowasi yakingiwe gute, kandi yakingiwe nde?

  • Yowasi yacitse gute umwami yemewe, kandi ni ivyiza ibihe yakoze?

  • Ni kubera iki Yowasi yahindutse akaba mubi, kandi ni nde yishe?

  • Ni ivyigwa ibihe twigira kuri iyo nkuru yo muri Bibiliya?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika