Ibibazo vy’abasomyi
Muri Nehemiya 8:10 (NW), Abayuda babwiwe “kurya ibintu binuze” naho nyene Itegeko riri mu Balewi 3:17 ryagira riti: “[Ntimuze mwigere] mugeza mu kanwa ibinure.” Ivyo vyanditswe vyohuzwa gute?
Mu rurimi rw’intango, ijambo ryahinduwe ngo “ibintu binuze” muri Nehemiya 8:10 be n’iryahinduwe ngo “ibinure” mu Balewi 3:17 aratandukanye. Ijambo ry’igiheburayo che’lev, rihindurwa ngo “ibinure” mu Balewi 3:17, ryerekeza ku binure, vyaba ivy’ibikoko canke ivy’abantu. (Lew. 3:3; Abac. 3:22) Amakikuro y’umurongo wa 17 yerekana ko Abisirayeli batari barekuriwe kurya ibinure biri ku mara be n’ibiri ku mafyigo y’ibitungwa vyo gutangako ibimazi, eka n’ibinure biri ku mafyinga, kubera ko “ibinure vyose [ari ivya Yehova].” (Lew. 3:14-16) Ku bw’ivyo, ibinure vy’ibitungwa vyashikanirwa Yehova ntivyaribwa.
Ku rundi ruhande, ijambo ryahinduwe ngo “ibintu binuze” muri Nehemiya 8:10 ni mash·man·nim’, kandi aho ni ho honyene iryo jambo riboneka mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Rivuye mu rivuga sha·men’, risobanura ngo “kunura, kuvyibuha.” Iciyumviro nyamukuru kiri mu majambo afitaniye isano n’iryo rivuga gisa n’igisobanura ugutunganirwa be n’ukumererwa neza. (Gereranya na Yesaya 25:6.) Rimwe mu majambo akunda gukomoka kuri iryo rivuga ni izina she’men, irihindurwa akenshi ngo “amavuta,” no mu mvugo ‘amavuta ya elayo’ rikaba ririmwo. (Gus. 8:8; Lew. 24:2) Nk’uko iryo jambo mash·man·nim’ rikoreshwa muri Nehemiya 8:10, risa n’iryerekeza ku mfungurwa zateguwe hakoreshejwe amavuta menshi, hakaba mbere hashobora kuba harimwo inyama ziriko utunure dukeduke, atari ibinure vy’igitungwa vyonyene.
Naho Abisirayeri bari barabujijwe gufungura ibinure vy’igikoko, barashobora kurya ibifungurwa birimwo ivya nkenerwa vyose kandi biryoshe. Ibintu bimwebimwe, nk’amagato akozwe mu ntete, ntiyatekwa hakoreshejwe ibinure vy’ibitungwa ariko hakoreshwa amavuta y’ibiterwa, akenshi hakaba hakoreshwa amavuta ya elayo. (Lew. 2:7) Ni co gituma igitabu Étude perspicace des Écritures gisigura ko “ibintu binuze” bivugwa muri uwo murongo “vyerekeza ku bipande nyavyonyavyo, ku bintu bitanyunyutse canke bitumye, ariko binovera, aho hakaba harimwo ibifungurwa biryoshe bitekeshejwe amavuta ava mu biterwa.”
Ariko ntiwumve, abakirisu baragumiza ku muzirikanyi ko ivyo kubuza gufungura ibinure vyari mu bigize Itegeko. Ntibakigengwa n’Itegeko, harimwo n’ivyo risaba bijanye n’ibimazi vy’ibitungwa.—Rom. 3:20; 7:4, 6; 10:4; Kol. 2:16, 17.