Ivyabajijwe n’abasomyi bacu
Ivyabona vya Yehova boba bemera Isezerano rya kera?
Ivyabona vya Yehova babona ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana kandi baremera ko Isezerano rya kera be n’Isezerano rishasha vyompi ari ibice bihambaye bigize Bibiliya. Ariko rero, bashima gukoresha amazina arushirije kuba ayabereye, ayo na yo akaba ari “Ivyanditswe vy’igiheburayo” be n’“Ivyanditswe vy’ikigiriki,” igiheburayo be n’ikigiriki zikaba ari zo ndimi nyamukuru Isezerano rya kera be na rishasha vyanditswemwo mu ntango.
Yamara, abantu bamwebamwe bavuga ko ari abakirisu baragonanwa kwemera Isezerano rya kera. Bavuga yuko rivugwamwo Imana ikaza ishavu yashigikira intambara, ubwicanyi be n’ibikorwa bibi, igoye gusanishwa n’Imana yuzuye urukundo kandi ikora ivyiza ihishurwa mw’Isezerano rishasha. Canke na ho bavuga yuko kubera ko Isezerano rya kera rivuga canecane ivyerekeye idini ry’Abayuda, ata kamaro rifitiye abakirisu. Ariko none, twisunze itegeko Imana yatanze dusanga mu Gusubira mu vyagezwe 12:32 rivuga ko tudakwiye kwongera canke gukura ikintu na kimwe kw’ijambo ryayo, ubwo izo zoba ari impamvu zumvikana zo guhakana hafi ibice 75 kw’ijana mu bigize Bibiliya?
Nko mu 50 G.C. igihe umukirisu akaba n’intumwa Paulo yagendera abantu baba i Tesalonika mu Bugiriki, “[yarazirikanye] hamwe na bo afatiye ku Vyanditswe, asigura yongera yemeza akoresheje ibintu vyanditswe yuko vyari nkenerwa ko Kristu acumukura hanyuma akazuka mu bapfuye.” (Ibikorwa 17:1-3) Bamwebamwe mu bariko baramwumviriza baracitse abakirisu, kandi mu nyuma Paulo yarabakeje, mu kuvuga ati: “Igihe mwakira ijambo ry’Imana, iryo mwumvise kuri twebwe, mwaryemeye, atari nk’ijambo ry’abantu, ahubwo nk’uko riri koko, nk’ijambo ry’Imana.” (1 Abanyatesalonika 2:13) Ico gihe Paulo yabagendera, mu bitabu 27 bigize Ivyanditswe vy’ikigiriki, biboneka ko Injili ya Matayo yonyene ari yo yari imaze kwandikwa. Rero, “Ivyanditswe” Paulo yakoresheje kugira ngo yemeze “akoresheje ibintu vyanditswe” biboneka ko yari imirongo yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo.
Mu vy’ukuri, abanditsi b’Ivyanditswe vy’ikigiriki barerekeje mu buryo budomako ku mirongo yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo incuro nka 320 bongera bayerekezako mu buryo budashoka budomako zindi ncuro amajana n’amajana. Uti kubera iki? “Kuko ibintu vyose vyanditswe kera vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.” (Abaroma 15:4) Ivyo birerekana neza ko abemera Bibiliya yose muri kino gihe, bungukira cane ku kubigenza gutyo.
Ivyanditswe vy’ikigiriki, ibishingiye ku mushinge washizweho n’Ivyanditswe vy’igiheburayo, ni urukurikirane rwumvikana rw’Ijambo ry’Imana rwabonetse bivuye ku kuntu imigambi y’Imana yagiye irahishurwa intambwe ku yindi. Ntibigabanya mu buryo na bumwe agaciro k’Ivyanditswe vy’igiheburayo. Uwitwa Herbert H. Farmer, uno akaba ari umwigisha wa tewolojiya kuri kaminuza y’i Cambridge, aratanga ibimenyamenya vy’uko Injili “zidashobora gutahurwa [umuntu] atisunze ibintu vyabaye imbere yuko zandikwa muri kahise k’abantu bo mu gihe c’isezerano ry’Itegeko, nk’uko tubibona mw’Isezerano rya kera.”
Ijambo ry’Imana ntirikeneye kuza rirahindurwa. Ariko ntiwumve, “inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondotondo, ugenda urushiriza gukayangana gushitsa hakeye rwose.” (Imigani 4:18) Mu kwongera Ivyanditswe vy’ikigiriki ku bitabu vyemewe vya Bibiliya, Imana yaraturasiye umuco wiyongereye ku bijanye n’ingene umugambi wayo worangutse itarinze kugabanya agaciro k’Ivyanditswe vy’igiheburayo. Vyose biri mu bigize “ijambo rya Yehova ryamaho ibihe vyose.”—1 Petero 1:24, 25.