ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/11 rup. 10
  • Irakunda ubutungane

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Irakunda ubutungane
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Igicumuro ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Akarenganyo koba kazokwigera kavaho kw’isi?
    Ibindi biganiro
  • Imana “yiteguriye kubabarira”
    Niwiyegereze Yehova
  • Bigenda gute igihe ukoze igicumuro gikomeye??
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/11 rup. 10

Niwiyegereze Imana

Irakunda ubutungane

Abaheburayo 10:26-31

WOBA umaze kurenganywa canke ugafatwa bunyamaswa, kumbure uwabikugiriye ntabihanirwe kandi ntiyerekane ko yicuza? Ni ibintu bike usanga bigoye kwihanganira kuruta mwene ako karenganyo gakomeye, na canecane igihe uwo mubabaro uba wawutewe n’umuntu wari witeze ko akugaragariza urukundo akongera akakwitwararika. Woshobora kwibaza uti: ‘Ni kubera iki none Imana ireka ibintu mwene ivyo bigashika?’a Ikintu c’ukuri coco ni uko Yehova Imana yanka akarenganyo kose. Ijambo ryiwe ari ryo Bibiliya, riradukura amazinda yuko abantu bakomantaje imitima baguma bakora igicumuro batazoshobora guhunga igihano c’Imana. Reka turimbure amajambo intumwa Paulo yavuze, dusanga mu Baheburayo 10:26-31.

Paulo yandika ati: “Nimba tuza turacumura n’ibigirankana tumaze kuronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri, nta kimazi c’ibicumuro kiba kigisigaye.” (Umurongo wa 26) Abakora ibicumuro n’ibigirankana ni bo canecane bazogira ico babazwa. Uti kubera iki? Ubwa mbere, ntibakora igicumuro rimwe na rimwe igihe biba vyashitse bakagira ubugoyagoye bunaka, nka kurya twese rimwe na rimwe dukora ikosa kubera ko tudatunganye. Baguma bakora igicumuro. Ubugira kabiri, bakora ibicumuro n’ibigirankana. Nk’uko Bibiliya imwe (The Bible in Basic English) ibivuga, ‘bakora ikibi n’ibigirankana.’ Ububi buba bwarashinze imizi mu mitima yabo. Ubugira gatatu, ntibakora ibicumuro kubera ukutamenya. Barafise “ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri” ku bijanye n’ivyo Imana igomba be n’inzira zayo.

Imana ibona gute abacumuzi b’inkozi z’ikibi batigaya? Paulo avuga ati: “Nta kimazi c’ibicumuro kiba kigisigaye.” Inkuka ya Kristu, ino ikaba ari ingabirano Imana yahaye abantu, ipfuka ibicumuro dukora kubera tudatunganye. (1 Yohani 2:1, 2) Ariko abaguma bakora ibicumuro ntibigaye, baba berekanye ko badaha agaciro iyo ngabirano y’igiciro. Mu nyonga z’Imana, “[bara]honyanze Umwana w’Imana kandi [ba]fashe amaraso [ya Yezu] nk’ay’agaciro gasanzwe.” (Umurongo wa 29) Biciye kuri iyo ngendo yabo, baragaragaza ko basuzugura Yezu bakongera bagafata amaraso yiwe “nk’ikintu kizimbutse,” bakayabona nk’ayafise agaciro nka karya nyene k’amaraso y’umuntu uwo ari we wese adatunganye. (Today’s English Version) Intashima mwene izo ntizizokwungukira ku nkuka ya Kristu.

None abanyakibi bashobora kwitega iki? Ya Mana y’ubutungane yasezeranye iti: “Uguhora ni ukwanje; nzosubiriza mu ndumane.” (Umurongo wa 30) Abantu bose biyemeje kuguma bakora igicumuro bigatuma abandi bamererwa nabi, barakwiye kugaba. Nta n’umwe ashobora kurenga n’ibigirankana amategeko agororotse y’Imana ngo agende adahanywe. Akenshi, inzira zabo mbi zirabakwegera akarambaraye. (Abagalatiya 6:7) Impera n’imperuka, bazohagarara imbere y’Imana muri kazoza ka vuba igihe izoba ije gukura kuri iyi si akarenganyo kose. (Imigani 2:21, 22) Paulo agabisha ati: “Ni ikintu giteye ubwoba gukorokera mu maboko ya ya Mana nzima.”​— Umurongo wa 31.

Kumenya ko Yehova Imana atarenza uruho rw’amazi ku gicumuro gikozwe n’ibigirankana, birahumuriza kandi birasubiriza umutima mu nda, na canecane ku bantu bagiriwe nabi n’inkozi y’ikibi itagira ikinya. Tubigiranye ukwizigira, turashobora kurekera ibintu mu maboko y’Imana duherejeko, yo yanka akarenganyo kose.

[Akajambo k’epfo]

a Nimba ushaka kumenya igituma Imana yaretse abantu bagacumukura, raba ikiganiro kiri ku rupapuro rwa 106-114 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika