ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/10 rup. 15
  • “Nimwigane Imana”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Nimwigane Imana”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Mugire “impuhwe z’ikibabarwe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Imana Imeze Gute?
    Be maso!—2013
  • Twigane umwe adusezeranira ubuzima budahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Nubandanye kwambara “wa muntu mushasha” n’inyuma y’ibatisimu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/10 rup. 15

Niwiyegereze Imana

“Nimwigane Imana”

Abanyefeso 4:32–5:2

UBUNTU. Impuhwe. Ukubabariranira. Urukundo. Birababaje kubona ari imbonekarimwe ko abantu bagaragaza izo kamere muri iki gihe. Weho bite? Woba umaze kwumva ko utwigoro ugira kugira ngo utsimbataze kamere nziza ata co dushikako? Agatima ko kwinebagura koshobora kukwereka yuko intambamyi zimwezimwe, nk’utumenyero tubi tukugora guheba canke ibintu bibabaje vyagushikiye muri kahise, zituma udashobora gutsimbataza kamere zikwegera. Yamara rero, Bibiliya irigisha uku kuri guhumuriza: Umuremyi wacu arazi yuko dufise ubushobozi bwo gutsimbataza kamere nziza.

Ijambo ry’Imana rihimiriza abakirisu b’ukuri riti: “Nimwigane Imana rero nk’abana bakundwa.” (Abanyefeso 5:1) Ayo majambo arerekana mu buryo butomoye ko Imana yizigira abayisenga. Uti gute? Yehova Imana yaremye umuntu mw’ishusho yiwe, amurema nk’uko na we nyene asa. (Itanguriro 1:26, 27) Imana rero yaremanye abantu kamere zisa n’izayo.a Ni co gituma igihe Bibiliya ihimiriza abakirisu ngo ‘bigane Imana,’ ari nk’aho Yehova ubwiwe aba ariko arababwira ati: ‘Ndabizigiye. Ndazi yuko mushoboye kumera nkanje ku rugero rumpimbara, naho mufise udusembwa.’

None ni kamere zimwezimwe izihe z’Imana dushobora kwigana? Inyishu tuyisanga mu mirongo ikikuje ico canditswe. Urabona ko Paulo akoresha ijambo “rero” mu kuduhimiriza kwigana Imana. Iryo jambo rirafitaniye isano n’umurongo uza imbere, uno ukaba uvuga ibijanye n’ubuntu, impuhwe z’ikibabarwe be n’ukubabarira abandi. (Abanyefeso 4:32; 5:1) Mu murongo ukurikira uwurimwo iyo mpanuro idusaba kwigana Imana, Paulo abwira abakirisu gukurikirana uburyo bwo kubaho burangwa n’urukundo ruzira ubwikunzi. (Abanyefeso 5:2) Vy’ukuri, ku bijanye no kugaragaza ubuntu, kugaragaza impuhwe zirangwa igishika, kubabarira abandi ata gahigihigi be no kugaragaza urukundo, Yehova Imana ni we karorero ruheta twese twokwigana.

Ni kubera iki none dukwiye kwipfuza kumera nk’Imana? Raba imvo ikomeye yigaragaza cane mu majambo Paulo yavuze, agira ati: “Nimwigane Imana . . . nk’abana bakundwa.” None ico si iciyumviro gikora ku mutima? Yehova abona ko abamusenga bameze nk’abana akunda cane. Nka kurya akana k’agahungu koshobora kugerageza kumera neza na neza nka se wako, ni ko n’abakirisu b’ukuri bagerageza uko bashobora kwose ngo bamere nka Se wabo wo mw’ijuru.

Yehova ntahatira abantu kumwigana. Ahubwo riho, yaraduteye iteka mu kuturonsa uburenganzira bwo kwihitiramwo. Ku bw’ivyo, niba uzokwigana Imana canke utazoyigana, vyose bizovana na wewe. (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20) Yamara rero, ntiwigere wibagira yuko ufise ubushobozi bwo kugaragaza kamere nk’iz’Imana. Ariko ntiwumve, kugira ngo wigane Imana, utegerezwa kubanza kumenya uko imeze. Bibiliya irashobora kugufasha kwiga ibintu vyose vyerekeye kamere z’Imana n’inzira zayo, kamere zayo ntangere zikaba zarakwegereye abantu amamiliyoni barayigana.

[Akajambo k’epfo]

a Mu Bakolosayi 3:9, 10, herekana ko ukuba twaremwe mw’ishusho y’Imana bifitaniye isano na kamere zacu. Abipfuza guhimbara Imana bahimirizwa kwambara “kamere nshasha,” imwe “igirwa nshasha hisunzwe ishusho [ya ya Mana ya]yiremye.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika