ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/9 rup. 25
  • Woba wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe . . . ”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Woba wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/9 rup. 25

Woba wari ubizi?

Ni kubera iki Yuda yahawe ibiceri 30 vy’ifeza kugira ngo agabure Yezu?

Igihe Yuda Isikariyoti yabonana n’abakuru b’abaherezi kugira barabe amahera bomuha ngo agabure Yezu, bamuhaye “ibiceri mirongo itatu vy’ifeza.” (Matayo 26:14, 15) Ico gitigiri biboneka yuko cerekana ukuntu banka Yezu be n’ukuntu bamufata ko ata gaciro afise.

Ivyo biceri bishobora kuba vyari shekeli z’ifeza, iryo rikaba ari ryo hera nyamukuru mu yakoreshwa n’Abayuda. None shekeli 30 zashobora kugura iki? Itegeko rya Musa ryari ryarashinze yuko ico ari co giciro c’umushumba. Shekeli mirongo itatu zarashobora kandi kugura igihimba c’itongo.​—Kuvayo 21:32; Matayo 27:6, 7.

Igihe umuhanuzi Zekariya yasaba ingero yiwe Abisirayeli b’abahemu kubera igikorwa yari yakoze ari umwungere w’abasavyi b’Imana, bamugereye “intete mirongwitatu z’ifeza.” Ico cari ikintu c’akagaye kandi kigizwe n’ibigirankana abo Bisirayeli bakoreye uwo muhanuzi w’Imana, kikaba cerekana ko babona yuko afise agaciro nk’ak’umushumba. Ku bw’ivyo, Yehova yategetse Zekariya ati: “Terera umubumvyi ako kaminuza k’igiciro banciriye!” (Zekariya 11:12, 13) Ico kintu Zekariya yagize mu kugamburuka iryo tegeko kiratwibutsa ivyo Yuda yokoresheje ya mahera yaronka kugira ngo agabure uwo Yehova yari yaragenye ngo abe umwungere wa Isirayeli.​—Matayo 27:5.

“Icete co kuvāvānura” kivugwa muri Bibiliya cari nyabaki?

Itegeko rya Musa ryavuze riti: “Umuntu ni yarongora umugeni, hanyuma ntamushime, kuko har’igiteye isoni yamubonyeko, amwandikire icete co kuvāvānura, akimuhe, amwirukane mu rugo rwiwe.” (Gusubira mu vyagezwe 24:1) None intumbero y’ico cete yari iyihe? Ivyanditswe ntibitubwira ivyaba biri muri mwene ico cete, ariko nta gukeka ko cofashije mu gukingira uburenganzira be n’inyungu vy’uwo mugore yaba yirukanywe.

Mu 1951-1952, ibintu bitari bike vyarubuwe mu masenga ari ku nkengera yo mu Buraruko bw’i Wadi Murabbaat, hano hakaba ari ahantu hahora haca uruzi mu bugaragwa bwa Yudaya. Mu vyandikano vyinshi vy’iminwe vyatowe aho hantu, harimwo icete co kwahukana canditswe mu giharameya, bikaba bivugwa ko ari ico mu 71 canke mu 72 G.C. Cavuze ibintu vyabaye kw’igenekerezo rya mbere ry’ukwezi kwitwa Marheshvân, mu mwaka ugira gatandatu Abayuda bagararije Uburoma. Ico gihe Yozefu umuhungu wa Naqsan, yaba i Masada, yarahukanye na Miriyamu umukobwa wa Yonatani, yava i Hanablata. Uwo mugore yari afise rero uburenganzira bwo kwubakana n’umugabo uwo ari we wese w’Umuyuda yari gushima. Yozefu yarasubije inkwano Miriyamu yari yaratanze yongera arariha ibihetangabo bine ibintu vyiwe vyose vyoba vyarononekaye. Ico cete cashizweko umukono na Yozefu ubwiwe be n’ivyabona bitatu, abo na bo bakaba ari Eliyezeri umuhungu wa Malka, Yozefu umuhungu wa Malka be na Eleyazari umuhungu wa Hanana.

[Ifoto ku rup. 25]

Amasenga ari i Wadi Murabbaat

[Ifoto ku rup. 25]

Icete co kwahukana bivugwa ko ari ico mu 71/72 G.C.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 25]

Amasenga: Todd Bolen/Bible Places.com; icete: Clara Amit, tuyikesha Israel Antiquities Authority

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika