Woba wari ubizi?
Yezu yavuga ururimi uruhe?
Incabwenge ntizihuza ku bijanye n’ururimi Yezu yavuga. Ariko rero, igihe Yezu yari kw’isi ari umuntu, biboneka ko ashobora kuba yarakoresha neza ubwoko bunaka bw’igiheburayo cavugwa ico gihe be n’igiharameya cavugwa muri ako karere. Igihe Yezu yaza i Nazareti i Galilaya, hanyuma akinjira mw’isinagogi yaho, yarasomye ubuhanuzi bwa Yesaya, ububoneka ko bwari bwanditse mu giheburayo. Nta na hamwe havuga ko Yezu yoba yarahinduye ico gisomwa mu giharameya.—Luka 4:16-21.
Ku bijanye n’indimi zakoreshwa muri Palestina igihe Yezu Kristu yari kw’isi, Porofeseri G. Ernest Wright avuga ati: “Biboneka ko ikigiriki n’igiharameya zari indimi zari zisanzwe zivugwa . . . umuntu yarashobora kwumva Abasoda b’Abaroma be n’abategetsi b’Abaroma bariko baraganira mu kilatini, mu gihe Abayuda b’aba orotodogisi bo bashobora kuba baganira bakoresheje ubwoko bw’igiheburayo bwaje mu nyuma.” Ntibitangaje kuba ca candiko Pilato yashira ku giti co gusinzikarizwako ca Yezu cari canditswe mu ndimi zitatu: mu giheburayo, mu kilatini no mu kigiriki.—Yohani 19:20.
Uwitwa Alan Millard mu gitabu ciwe (Discoveries From the Time of Jesus) avuga ati: “Nta gukeka ko ba buramatari b’Abaroma bavuga mu bikorwa vyabo vya misi yose ikigiriki, kandi Yezu ashobora kuba yishuye mu kigiriki ibibazo Pilato yamubajije igihe yariko aramucira urubanza.” Naho Bibiliya iterekana ko Yezu yamwishuye muri urwo rurimi, birashimishije kubona ko ata na hamwe havuga ko muri ico gihe hoba harakoreshejwe umusobanuzi.—Yohani 18:28-40.
Nk’uko Porofeseri Wright abivuga, “nta buryo na bumwe buhari bwodufasha kumenya ata kwihenda niba [Yezu] yaravuga ikigiriki canke ikilatini, ariko mu gikorwa ciwe co kwigisha yama akoresha igiharameya canke igiheburayo cavugwa cane, icari kivanze cane n’igiharameya.”—Biblical Archaeology, 1962, urupapuro rwa 243.
Amabuye yari yubatse rwa rusengero rw’i Yeruzalemu yanganangana gute?
Igihe abigishwa bariko baraganira na Yezu ivyerekeye urusengero rw’i Yeruzalemu, bavuze bati: “Mwigisha, raba aya mabuye ingene ameze n’izi nyubakwa ingene zimeze!” (Mariko 13:1) None amwamwe muri ayo mabuye yanganangana gute?
Igihe Yezu yari kw’isi, Herodi yari yaraguye ikibanza carimwo urusengero cari ku musozi w’Urusengero, kiraruta kabiri uko cangana mu gihe ca Salomo. Cari co kibanza ca mbere catunganijwe n’umuntu gikirurutse kandi cagutse kuruta ibindi vyose vyari kw’isi ico gihe, careha nk’imetero 480 z’uburebure n’imetero 280 z’ubwaguke. Bivugwa ko amwamwe mu babuye yari yubatse urwo rusengero yari afise imetero 11 z’uburebure, imetero zitanu z’ubwaguke be n’imitero zitatu z’amahagarara. Manini muri yo yapima amatoni arenga 50 rimwerimwe. Hari mbere rimwe ryahakwa gupima amatoni 400, kandi nk’uko incabwenge imwe ibivuga, “muri ico gihe nta na hamwe kw’isi yose wasanga ibuye ringana na ryo.”
Mu kwishura ku vyo abigishwa biwe bari bavuze, Yezu yavuze ati: “Urabona izo nyubakwa zihambaye? Nta buye rizogenda risigaye aha rigeretse kuri rindi ridasenyuriwe hasi.” (Mariko 13:2) Menshi muri ayo mabuye amahero umuntu arashobora kuyabona aho yatembagariye inyuma y’aho ingabo z’Abaroma ziyabandaguriye zikayatembagaza mu 70 G.C.
[Ifoto ku rup. 26]
Amabuye yari yubatse urusengero yatembagarijwe inyuma y’umusozi w’urusengero, i Yeruzalemu